Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Asa, Yehoshafati, Hezekiya, Yosiya

Nukorere Yehova n’umutima ukwiye!

Nukorere Yehova n’umutima ukwiye!

“Ewe Yehova, ndakwinginze wibuke ingene nagendeye imbere yawe mu kuri, mfise umutima ukwiye.”​—2 ABAM. 20:3.

INDIRIMBO: 52, 65

1-3. Gukorera Yehova n’“umutima ukwiye” bisobanura iki? Tanga akarorero.

KUBERA ko tudatunganye, twese turakora amakosa. Ariko igishimishije, ni uko Yehova yadutangiye incungu ishobora gutuma tubabarirwa. Iyo twigaye maze tukamwitura twicishije bugufi, aratubabarira. Ntaheza ngo adukorere “ibihwanye n’ibicumuro vyacu.” (Zab. 103:10) Yamara rero nk’uko Dawidi yabibwiye Salomo, kugira ngo Yehova yemere ugusenga kwacu, dutegerezwa [kumukorera] n’umutima ukwiye.” (1 Ngo. 28:9) None ko tudatunganye, ivyo twobishikako gute?

2 Kugira tubone ingene twobishikako, reka tugereranye ubuzima bwa Asa n’ubwa Amaziya, abami ba Yuda. Naho bompi bakoze ibigororotse imbere ya Yehova, Asa wewe yabikoranye umutima ukwiye. (2 Ngo. 15:16, 17; 25:1, 2; Imig. 17:3) Abo bami bompi ntibari batunganye kandi barakora amakosa. Ariko Asa muri rusangi ntiyigeze akevya ngo ave mu nzira y’Imana, kuko yakoreye Imana n’umutima wiwe wose. Amaziya wewe ntiyakoreye Yehova n’umutima wiwe wose. Igihe yagaruka avuye kunesha abansi ba Yehova, yaje azanye imana zabo, aca atangura kuzisenga.​—2 Ngo. 25:11-16.

3 Gukorera Imana n’“umutima ukwiye” bisobanura kuyihebera uherejeko, ibihe vyose. Muri Bibiliya, ijambo “umutima” akenshi ryerekeza ku kuntu umuntu ameze imbere muri we. Aho harimwo ivyo yipfuza, ingene yiyumvira, agatima afise, inyifato yiwe, ubushobozi bwiwe, imvo zituma akora ibintu be n’imigambi afise. Umuntu rero akorera Yehova n’umutima wiwe wose ntakorana ubwiyorobetsi. Ntasenga Yehova mu buryo bwo guheza umwuga. Tweho bite? Naho tudatunganye, igihe tubandanije kwihebera Imana duherejeko kandi ata buryarya, tuba turiko turayikorera n’umutima ukwiye.​—2 Ngo. 19:9.

4. Tugiye kurimbura iki?

4 Kugira ngo dutahure neza ico gukorera Imana n’umutima ukwiye bisobanura, nimuze turimbure ubuzima bwa Asa be n’abandi bami bakeya ba Yuda bakoreye Imana bivuye ku mutima, na bo akaba ari Yehoshafati, Hezekiya na Yosiya. Naho vyashitse bose uko ari bane bagakora amakosa, Imana yagumye ibona ko bayikoreye n’umutima ukwiye. None Imana yafatiye ku ki kugira ngo ibabone gutyo, kandi twobigana gute?

ASA YARI AFISE UMUTIMA ‘UKWIYE KURI YEHOVA’

5. Asa yakoze iki igihe yaba umwami?

5 Asa yari umwami agira gatatu yatwaye Yuda inyuma y’aho ya miryango cumi yari igize ubwami bwo mu Buraruko bwa Isirayeli itandukaniye na Yuda. Yaratujije ugusenga ibigirwamana yongera arirukana abamaraya b’urusengero b’abagabo. Yaranakuye inakuru Mayaka mu kibanza c’“umugore w’iteka, kuko yari yarakoze ikigirwamana giteye ishishi.” (1 Abm. 15:11-13) Vyongeye, Asa yarahimirije abantu biwe “kurondera Yehova . . . no gushitsa itegeko n’ibwirizwa.” Vy’ukuri, yararwaniye cane ugusenga kw’ukuri.​—2 Ngo. 14:4.

6. Igihe Abanyetiyopiya batera Yuda, Asa yaciye akora iki?

6 Mu myaka cumi ya mbere y’ingoma ya Asa, Yehova yaratumye Yuda yibera mu mahoro. Mu nyuma, Zera Umunyetiyopiya yarateye Yuda ari kumwe n’ingabo 1.000.000 be n’imikogote 300. (2 Ngo. 14:1, 6, 9, 10) None Asa yaciye akora iki? Yarasenze Yehova, amubwira ko amwizigiye aherejeko. (Soma 2 Ngoma 14:11.) Imana yarishuye isengesho Asa yatuye abikuye ku mutima, imuha intsinzi ikomeye, arahonya izo ngabo z’Abanyetiyopiya. (2 Ngo. 14:12, 13) N’igihe nyene abami baba bahemukiye Yehova, yarashobora gutuma batsinda abansi babo, akabigira ku bw’izina ryiwe. (1 Abm. 20:13, 26-30) Asa wewe yarihetse ku Mana, na yo irishura isengesho ryiwe. Ego ni ko, mu nyuma Asa yarakoze ivy’ubupfu. Nk’akarorero, yarigeze kwitura umwami wa Siriya ngo amufashe, aho kwitura Yehova. (1 Abm. 15:16-22) Naho ari ukwo, Imana muri rusangi yabona ko Asa yari afise umutima “[ukwiye] kuri Yehova mu misi yiwe yose.” Dushobora gute none kwigana akarorero keza ka Asa?​—1 Abm. 15:14.

7, 8. Ushobora gute kwigana Asa?

7 Umwe wese muri twebwe arakwiye gusuzuma umutima wiwe, akaraba ko ugamburukira Imana uherejeko. Niwibaze uti: ‘Noba niyemeje guhimbara Yehova, kurwanira ugusenga kw’ukuri no gukingira abasavyi biwe akosho kabi ako ari ko kose?’ Iyumvire nawe ingene vyasavye Asa umutima rugabo kugira ahagurukire Mayaka, kandi yari “umugore w’iteka” muri ico gihugu! Naho kumbure ata muntu uzi akora nk’ivya Mayaka, hoshobora gushika ibintu bigusaba kugira ishaka nk’irya Asa. Nk’akarorero, wokora iki bishitse incuti yawe canke umugenzi somambike agacumura ntiyigaye, maze agacibwa mw’ishengero? Woba wofata ingingo ruhasha yo kudasubira kwifatanya n’uwo muntu? None umutima wawe wokubwira gukora iki?

8 Cokimwe na Asa, urashobora kwerekana ko ufise umutima ukwiye mu kwiheka ku Mana uherejeko igihe bakurwanya, mbere naho vyosa n’ibikurengeye. Kw’ishure, boshobora kugutwenga canke kugutyekeza kubera ko uri Icabona ca Yehova. Abo mukorana boshobora kugucokora kubera ko wafashe ikonje kugira witwararike imirimo y’ivy’impwemu, canke kubera ko udakunda gukora amasaha yiyongereye kugira ngo uhembwe menshi. Mu bihe nk’ivyo, nusenge Imana nka kumwe kwa Asa. Niwiheke kuri Yehova ubigiranye umutima rugabo, ugume ukora ibigororotse. Niwibuke ko Imana yakomeje Asa yongera iramufasha. Na wewe rero izogukomeza.

9. Twerekana gute ko dufise umutima ukwiye igihe twamamaza?

9 Abasavyi b’Imana ntibagumiza umutima ku vyabo gusa. Twabonye ko Asa yarwaniye ugusenga kw’ukuri. Na twebwe turakwiye gufasha abandi “kurondera Yehova.” Ese ukuntu bitegerezwa kuba binezereza Yehova iyo abonye tubwira abandi ibimwerekeye, tukabigira kubera tumukunda vy’ukuri be n’uko twipfuza ko abandi bobaho ibihe bidahera!

YEHOSHAFATI YARARONDEYE YEHOVA

10, 11. Wokwigana gute Yehoshafati?

10 Yehoshafati mwene Asa, “[yagumye] agendera mu nzira ya se wiwe Asa.” (2 Ngo. 20:31, 32) Uti gute? Cokimwe na se, Yehoshafati yararemesheje abantu kurondera Yehova. Ivyo yabigize mu gutunganya isekeza ryo kubigisha akoresheje “igitabu c’itegeko rya Yehova.” (2 Ngo. 17:7-10) Yarahevye aja no mu karere k’ubwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko, mu karere k’imisozi ka Efurayimu, “kugira ngo abagarukane kuri Yehova.” (2 Ngo. 19:4) Umwami Yehoshafati “[yara]rondeye Yehova n’umutima wiwe wose.”​—2 Ngo. 22:9.

11 Yehova yipfuza ko twese tugira uruhara mu gikorwa gihambaye co kwigisha kiriko kirakorwa muri iki gihe. Buri kwezi, woba wigisha abandi Ijambo ry’Imana, kugira ngo ubavyurire umutima wo gukorera Imana? Ugize akigoro, Imana irashobora kuguhezagira, ugatanguza inyigisho ya Bibiliya. Ico kintu woba ugishira mw’isengesho? Woba wokwigora naho vyosaba ko uheba umwanya bamwebamwe babona ko ari uwo kwiruhukira? Vyongeye, nka kumwe Yehoshafati yaja mu karere ka Efurayimu gufasha abantu ngo bagaruke ku gusenga kw’ukuri, na twebwe turashobora kugerageza gufasha abahororokewe. Ikindi na co, abakurambere baratunganya ivyo kugendera no gufasha abaciwe baba mu cibare c’ishengero ryabo, bashobora kuba barahevye ingendo mbi bahozemwo.

12, 13. (a) Igihe Yehoshafati yatekerwa n’ubwoba, yaciye akora iki? (b) Kubera iki dukwiye kwigana Yehoshafati mu kwemera icese ko hari ivyo tudashoboye?

12 Cokimwe na se wiwe Asa, Yehoshafati yagumye yiheka kuri Yehova, n’igihe yari ahanganye n’abansi bakomeye. (Soma 2 Ngoma 20:2-4.) Ni ivy’ukuri ko Yehoshafati yagize ubwoba. Ariko rero, yaciye “yiyemeza kurondera Yehova.” Mw’isengesho yatuye, yariyemereye yicishije bugufi ko abantu biwe ‘batari bafise ububasha imbere y’isinzi rinini’ ryari ribateye, be n’uko we n’abantu biwe batari bazi ico bokora. Yaciye yiheka kuri Yehova aherejeko, avuga ati: “Ni wewe duhanze amaso.”​—2 Ngo. 20:12.

13 Na twebwe birashobora gushika ntitubone ico twokora canke mbere tugatekerwa n’ubwoba, nk’ukwo kwa Yehoshafati. (2 Kor. 4:8, 9) Ariko rero, niwibuke ko mw’isengesho Yehoshafati yatuye imbere y’isinzi ry’abantu, yiyemereye ko we n’abantu biwe ata co bari kwishoboza. (2 Ngo. 20:5) Abahagarikiye imiryango barashobora kwigana Yehoshafati mu kwitura Yehova ngo abahe ubuyobozi n’inkomezi bakeneye, kugira bashobore kumenya ingene bovyifatamwo mu ngorane zibashikira. Ntukigere ugira isoni zo kubwira Yehova ibikuraje ishinga umuryango wawe wumva. Bizotuma babona ko wizigira Yehova. Imana izogufasha na wewe, kurya nyene yafashije Yehoshafati.

HEZEKIYA YAGUMYE AKORA IBIGOROROTSE

14, 15. Hezekiya yerekanye gute ko yiheka ku Mana aherejeko?

14 Ivya Hezekiya vyari bitandukanye n’ivya Yehoshafati. Hezekiya ntivyamworoheye “[kuguma] yumiye kuri Yehova,” kuko se wiwe yasenga ibigirwamana. Hezekiya ‘yarakuyeho ibibanza bikirurutse, aramenagura inkingi nyeranda, aratema igikingi ceranda yongera arajanjagura inzoka y’umujumpu Musa yari yarahinguye,’ kuko Abisirayeli bari basigaye bayisenga. Hezekiya yarihebeye Yehova aherejeko, kuko ‘yabandanije kugumya amabwirizwa Yehova yari yarategetse Musa.’​—2 Abm. 18:1-6.

15 N’igihe inganji nganzasi y’Abashuri yatera Yuda irondera kuzimanganya Yeruzalemu, Hezekiya yarihetse kuri Yehova n’umutima wiwe wose. Senakeribu umwami wa Ashuri yaracokoye Yehova yongera atera ubwoba Hezekiya ngo yishikane. Ariko rero mw’isengesho Hezekiya yatuye, yarerekanye ko yizigira adakeka ko Yehova yari kumurokora. (Soma Yesaya 37:15-20.) Mu kwishura iryo sengesho, Imana yaciye irungika umumarayika maze asasika ingabo z’Abashuri 185.000.​—Yes. 37:36, 37.

16, 17. Wokwigana gute Hezekiya?

16 Mu nyuma, Hezekiya yararwaye ahakwa gupfa. Yaciye yinginga Yehova ngo yibuke ingene yagendeye imbere yiwe. (Soma 2 Abami 20:1-3.) Yehova yarishuye isengesho rya Hezekiya mu kumukiza. Ariko rero twisunze Bibiliya, turazi ko muri iki gihe cacu tudashobora kwitega yuko Imana idukiza ku gitangaro canke ngo itwongere imisi yo kubaho. Yamara cokimwe na Hezekiya, umwe wese muri twebwe arashobora kubwira Yehova mw’isengesho ati: “Nagendeye imbere yawe mu kuri, mfise umutima ukwiye.” Woba wizigira ko Yehova ashobora kugushigikira, naho woba uri ku musego?​—Zab. 41:3.

17 Tuzirikanye ku vyashikiye Hezekiya, twoshobora kubona ko dukwiye gukuraho ikintu cose cogeramira ubucuti dufitaniye n’Imana canke codusamaza ku buryo tutitwararika ugusenga kw’ukuri. Emwe, ntitwipfuza kwigana abo mw’isi usanga bafata abantu nk’ibigirwamana, biciye kuri bwa buhinga ngurukanabumenyi. Ego ni ko, abakirisu bamwebamwe boshobora kuryoherwa no guhana amakuru n’incuti n’abagenzi biciye kuri ubwo buhinga. Ariko rero mw’isi, benshi bararenza urugero mu gukoresha mwene ubwo buhinga, gushika n’aho bakurikira abagabo canke abagore batazi. Ku rundi ruhande, usanga bamara umwanya munini barondera amafoto y’abo bantu canke basoma ibiberekeye. Akaga birimwo, ni uko bashobora gusanga batwawe n’ibintu twovuga ko ata co bimaze. Umukirisu yoshobora mbere kugira ubwibone igihe benshi bakunda amakuru canke amafoto ashira ku rubuga rwiwe, iyo baretse kumukurikira na ho agashavura cane. Woba wokwiha ishusho intumwa Paulo canke Akwila na Pirisila bariko bakoresha umwanya wabo buri musi mu gushira amafoto yabo kuri mwene izo mbuga, canke bakurikira umuntu atari umuvukanyi? Bibiliya ivuga ko Paulo ‘yafatīrwa cane na rya jambo.’ Pirisila na Akwila na bo bakoresha umwanya wabo mu gusigurira abandi “neza inzira y’Imana mu buryo bugororotse kuruta.” (Ivyak. 18:4, 5, 26) Umwe wese rero yokwibaza ati: ‘Noba nirinda gufata abantu nk’ibigirwamana canke kumara umwanya munini ku bintu bidahambaye?’​—Soma Abanyefeso 5:15, 16.

YOSIYA YARAGUMIJE AMABWIRIZWA YA YEHOVA

18, 19. Twokwigana gute Yosiya?

18 Umwami Yosiya, umwuzukuruza wa Hezekiya, na we nyene yaragumije amabwirizwa ya Yehova “n’umutima wiwe wose.” (2 Ngo. 34:31) Akiri umuyabaga, yaciye “atangura kurondera Imana ya Dawidi.” Igihe yari afise imyaka 20 na ho, yaciye atangura gutuza ugusenga ibigirwamana muri Yuda. (Soma 2 Ngoma 34:1-3.) Yosiya yarakoze ivyo Imana igomba abigiranye umwete kuruta abami benshi ba Yuda. Naho ari ukwo, igihe bubura igitabu c’Itegeko gishobora kuba canditswe na Musa ubwiwe maze bakagisomera Yosiya, yaciye abona ko yari akeneye kurushiriza gukora ivyo Imana igomba. Yaciye ahimiriza n’abandi gukorera Yehova. Ivyo vyatumye abantu “[bada]kevya ngo bareke gukurikira Yehova” igihe cose Yosiya yaganje.​—2 Ngo. 34:27, 33.

19 Abakiri bato barakwiye kwigana Yosiya, bakarondera Yehova kuva mu buto bwabo. Yosiya ashobora kuba yarigiye ku Mwami Manase ibijanye n’imbabazi z’Imana. Yemwe rwaruka, nimwiyegereze abizigirwa bo mu miryango yanyu no mw’ishengero iwanyu bitereye mu myaka, mumenye ingene Yehova yabahezagiye. Vyongeye, nimwibuke ko Yosiya yakozwe ku mutima n’Ivyanditswe bamusomeye, bica bituma agira ico akoze. Gusoma Ijambo ry’Imana birashobora kubafasha na mwebwe gufata ingingo zizotuma murushiriza kugira agahimbare no gukomeza ubucuti mufitaniye n’Imana, hamwe no gufasha abandi kurondera Imana. (Soma 2 Ngoma 34:18, 19.) Bisubiye, kwiga Bibiliya birashobora gutuma mubona ivyo mworyohora mu gikorwa murangurira Imana. Mumaze kubibona, nimwihatire kugira ico mukoze nka Yosiya.

NUKORERE YEHOVA N’UMUTIMA UKWIYE!

20, 21. (a) Abami bane twarimbuye bari bahuriye kuki? (b) Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

20 Ibintu duhejeje kurimbura bijanye n’abo bami bane ba Yuda bakoreye Yehova n’umutima ukwiye, vyoba vyagize ico bikwungura? Abo bami baragize umwete wo gukora ivyo Imana igomba kandi babikora n’umutima wabo wose. Bagumye bakora ivyo Imana igomba, n’igihe baba bahanganye n’abansi bakomeye. N’igihambaye kuruta, bakoreye Yehova babigiranye imvo nziza.

21 Nk’uko tuzobibona mu kiganiro gikurikira, abo bami bane bose barakoze amakosa. Ariko rero igihe wa Musuzumyi w’imitima yabasuzuma, yasanze bamukoreye n’umutima ukwiye. Na twebwe ntidutunganye. None iyo Yehova adusuzumye, yoba abona ko turiko tumukorera n’umutima ukwiye? Ico kintu tuzokirimbura mu kiganiro gikurikira.