Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) NTWARANTE 2017

Nutere iteka ababibereye

Nutere iteka ababibereye

“Umuhezagiro n’iteka n’ubuninahazwa n’ubushobozi bibe ivy’Uwicaye kuri irya ntebe y’ubwami n’ivy’urya Mwagazi w’intama ibihe bitazoshira.”IVYAH. 5:13.

INDIRIMBO: 9, 108

1. Ni kuki abantu bamwebamwe babereye guterwa iteka, kandi turimbura iki muri iki kiganiro?

GUTERA iteka umuntu ni ukumwitwararika bimwe bidasanzwe kandi ukamuha icubahiro. Umuntu nk’uyo, birumvikana ko aba yarakoze ikintu gituma aba uwubereye iryo teka canke akaba ari umunyacubahiro. Ni bande none dukwiye gutera iteka, kandi ni kubera iki babikwiriye?

2, 3. (a) Kubera iki Yehova ari we ahanini abereye guterwa iteka? (Raba ishusho itangura.) (b) Umwagazi w’intama avugwa mu Vyahishuwe 5:13 ni nde, kandi ni kubera iki abereye guterwa iteka?

2 Mu Vyahishuwe 5:13 herekana ko ‘Uwicaye ku ntebe y’ubwami be na wa Mwagazi w’intama’ bakwiye guterwa iteka koko. Mu Vyahishuwe ikigabane ca 4 na ho, harerekana igituma Yehova abereye guterwa iteka. Abamarayika bo mw’ijuru barikora mu gahogo bagashemeza Yehova, “Umwe abaho ibihe bitazoshira.” Bavuga bati: “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, biraremwa.”Ivyah. 4:9-11

 3 Uwo Mwagazi w’intama ni Yezu Kristu, wa “Mwagazi w’intama w’Imana ukuraho igicumuro c’isi.” (Yoh. 1:29) Bibiliya ivuga yuko aruta kure n’iyo abami bose baganza ubu be n’abigeze kuganza bose. Ivuga ko ari “we Mwami w’abaganza akaba n’Umukama w’abakama batwara, umwe wenyene afise ukudapfa, aba mu muco utegerwa, wa wundi ata n’umwe mu bantu yamubonye canke ashobora kumubona.” (1 Tim. 6:14-16) Nkako, ni uwundi mwami uwuhe yemeye kwitanga ngo apfe azira ibicumuro vyacu? Birabereye rero ko wifatanya n’ivyo biremwa amasinzi vyo mw’ijuru, mu gutangaza uti: “Wa Mwagazi w’intama wishwe urabereye guhabwa ububasha n’ubutunzi n’ubukerebutsi n’inkomezi n’iteka n’ubuninahazwa n’umuhezagiro.”Ivyah. 5:12.

4. Ni kubera iki gutera iteka Yehova na Kristu atari ikintu umuntu yogira ashatse?

4 Gutera iteka Yehova na Kristu si ikintu umuntu yogira ashatse. Tutabigize, ntitworonka ubuzima budahera. Ivyo Yezu yavuze muri Yohani 5:22, 23 birerekana neza ico kintu. Yavuze ati: “[Data nta] n’umwe acira urubanza, mugabo uguca imanza kwose yagushikirije Umwana, kugira bose batere iteka Umwana nk’uko batera iteka Se. Uwudatera iteka Umwana ntatera iteka Se yamurungitse.”Soma Zaburi 2:11, 12.

5. Kubera iki abantu bose dukwiye kubatera iteka babereye kandi tukabubaha?

5 Abantu baremwe “mw’ishusho y’Imana.” (Ita. 1:27) Benshi muri bo rero barashobora kwigana Imana, naho atari ku rugero rumwe. Abantu barashobora gukundana, kugaragarizanya ubuntu n’ikibabarwe. Vyongeye, Imana yabaremanye ijwi ryo mu mutima, ni ukuvuga ubushobozi mvukanwa bwo kumenya iciza n’ikibi, ic’ukuri n’ikitari ic’ukuri, ikibereye n’ikitabereye. Ikibabaje, ni uko bishika bakabukoresha nabi. (Rom. 2:14, 15) Abantu nka bose barakunda ibintu bisukuye kandi biryoheye ijisho. Vyongeye, muri rusangi baripfuza kubana n’abandi mu mahoro. Babimenya canke batabimenya, abantu barigana Yehova mu bintu bimwebimwe. Ni co gituma na bo nyene dukwiye kubatera iteka babereye, kandi tukabubaha.Zab. 8:5.

NUTERE ITEKA ABANDI ATA KURENZA URUGERO

6, 7. Ivyabona vya Yehova batandukaniye he n’abandi benshi mu bijanye no gutera iteka abantu?

6 Turakwiye kutarenza urugero mu bijanye no gutera iteka abandi. Impwemu y’iyi si ya Shetani iragira akosho gakomeye ku bantu benshi. Ni co gituma usanga bafata abagabo n’abagore bamwebamwe nk’imana, aho kubatera iteka no kububaha ku rugero rubereye. Indongozi mu vy’idini no mu vya politike, abakinyi ba rurangiranwa, ivyamamare mu muziki no mu bindi bitandukanye, barashirwa hejuru cane, akenshi bagafatwa nk’abantu b’ibitangaza. Ivyo bica bituma abato n’abakuze babafata nk’ivyitegererezo, kumbure bakigana inyifato yabo n’inyambaro yabo.

7 Abakirisu b’ukuri bobo baririnda gutera iteka abantu nka bo muri ubwo buryo. Mu babayeho bose, Kristu wenyene ni we karorero ntangere twokwigana. (1 Pet. 2:21) Duhaye abantu iteka riruta iryo bakwiriye, ntivyohimbara Imana. Turakwiye kuguma twibuka aya majambo y’ukuri avuga ko “bose bacumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana.” (Rom. 3:23) Vy’ukuri, nta muntu n’umwe abereye guterwa iteka gushika n’aho abonwa nk’imana.

8, 9. (a) Ivyabona vya Yehova babona gute abategetsi? (b) Ni ryari tudashobora kugamburukira abategetsi?

 8 Mw’isi, hariho abantu bafise ubukuru. Vyitezwe ko abategetsi bubahiriza amategeko n’urutonde kugira ngo batunganirize abanyagihugu. Ivyo abantu bose baravyungukirako. Ni co gituma intumwa Paulo yahanuye abakirisu kubona abo bategetsi nk’“abakuru bari hejuru” bakwiye kuyobokera. Yabahimirije ati: “Muhe bose ivyabo, uwusaba ikori, mumuhe ikori; . . . uwusaba iteka, mumuhe iryo teka.”Rom. 13:1, 7.

9 Twebwe Ivyabona vya Yehova turatera iteka abategetsi, twaba tubisabwa n’amategeko canke imico y’aho duherereye. Turagamburuka amategeko bashinga. Ariko ntiwumve, Ivyanditswe biradushingira akarimbi ntarengwa. Igihe abategetsi badusavye gukora ibihushanye n’ivyo Imana idusaba, ntidushobora kubagamburukira.Soma 1 Petero 2:13-17.

10. Abasavyi ba Yehova ba kera badusigiye gute akarorero, turavye ukuntu babona intwaro n’abategetsi?

10 Abasavyi ba Yehova ba kera baradusigiye akarorero, turavye ukuntu babona intwaro n’abategetsi. Igihe Uburoma bwategeka abantu kuja kwisansumisha, Yozefu na Mariya baragamburutse. Barafashe urugendo baja i Betelehemu, naho nyene Mariya yari yimirije kwibaruka. (Luka 2:1-5) Igihe Paulo na we yagirizwa ibinyoma, yarisiguye imbere y’Umwami Herodi Agiripa be na Fesito buramatari wa Yudaya, abigiranye urupfasoni n’iteka ribereye.Ivyak. 25:1-12; 26:1-3.

11, 12. (a) Kubera iki tudafata indongozi z’amadini nk’uko dufata abategetsi? (b) Igihe Icabona wo muri Ostraliya yagaragariza icubahiro umunyapolitike umwe, havuyemwo ivyiza ibihe?

11 Yamara rero, Ivyabona vya Yehova baririnda gufata indongozi z’amadini nk’abantu babereye iteka ridasanzwe, naho zoba ari vyo ziteze. Idini ry’ikinyoma riratukisha Imana kandi rikagoreka Ijambo ryayo. Indongozi z’amadini rero tuzubaha nk’abandi bantu bose, aho kuziha icubahiro kidasanzwe. Turibuka ko mwene abo bagabo Yezu yabise abiyorobetsi n’indongozi zihumye. (Mat. 23:23, 24) Ariko rero duhaye abategetsi icubahiro n’iteka ribereye, hari igihe bivamwo ivyiza, mbere n’ivyo tutaba twiteze.

12 Nk’akarorero, uwitwa Leopold Engleitner yari Icabona ca Yehova w’umunyamwete wo muri Ostraliya. Yarafashwe n’Abanazi baca bamwuriza igariyamoshi, bamurungika mw’ikambi y’itunatuniro y’i Buchenwald. Bamurungitse ari kumwe n’iyindi mbohe ya politike, akaba yari umudogoteri yitwa Heinrich Gleissner. Ariko rero, Abanazi ntibamwerekwa. Muri urwo rugendo, uwo muvukanyi yarasiguriye nya mudogoteri ivyo yemera abigiranye icubahiro, na we aramutega yompi. Inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose, uwo munyapolitike yarakoresheje kenshi ububasha yari asigaye afise, kugira afashe Ivyabona bo muri Ostraliya. Ushobora kuba uzi n’ubundi burorero bwerekana ivyiza bivamwo igihe Ivyabona bahaye abategetsi icubahiro kibereye, bakabatera iteka nk’uko Bibiliya ibibasaba.

ABANDI DUKWIYE GUTERA ITEKA

13. Ni bande canecane dukwiye gutera iteka no kwubaha, kandi kubera iki?

13 Birabereye ko dutera iteka abo dusangiye ukwemera kandi tukabubaha, canecane abatuja imbere. Aho twovuga abakurambere b’ishengero, abacungezi b’imizunguruko, abagize Komite y’ishami be n’abagize Inama Nyobozi. (Soma 1 Timoteyo 5:17.) Turatera  iteka abo bavukanyi tutaravye igihugu bavamwo, amashure bize, ingene babonwa mu kibano canke uko ivyabo vyifashe mu vy’ubutunzi. Bibiliya ibita “ingabirano z’abagabo,” kandi ahanini ni bo Imana ikoresha mu kuronsa abasavyi bayo ivyo bakeneye. (Ef. 4:8) Abavukanyi na bashiki bacu bo mu kinjana ca mbere barubaha cane ababaja imbere, kandi na twebwe twipfuza kubigana. Abajejwe amabanga ahambaye mw’ishengero rya gikirisu ntitubafata nk’imana, kandi n’igihe turi kumwe na bo ntitwifata nk’aho umengo turi imbere y’abamarayika. Ariko turabubaha kandi tukabatera iteka, kuko bakora cane kandi bicisha bugufi.Soma 2 Abakorinto 1:24; Ivyahishuwe 19:10.

14, 15. Abungere b’ukuri batandukaniye he n’indongozi z’amadini?

14 Abo bakurambere birazwi ko ari abungere b’ubusho bicisha bugufi. N’ikivyemeza, ni uko badashima gufatwa nka ba rurangiranwa. Muri uwo muce, baratandukanye n’indongozi z’amadini zo muri iki gihe be n’izo mu kinjana ca mbere. Ku bizerekeye, Yezu yavuze ati: “Bakunda ikibanza kiboneka kuruta ibindi ku mfungurwa zo ku migoroba be n’ivyicaro vy’imbere mu masinagogi, n’indamutso mu tuguriro.”Mat. 23:6, 7.

15 Abungere b’ukuri bobo barumvira bicishije bugufi ivyo Yezu yavuze, ati: “Ntimukitwe Rabi, kuko umwigisha wanyu ari umwe, nayo mwebwe mwese muri abavukana. Vyongeye, ntihakagire umuntu n’umwe mwita so kw’isi, kuko So ari umwe, Umwe wo mw’ijuru. Eka mbere ntimukitwe ‘indongozi,’ kuko Indongozi yanyu ari imwe, ni Kristu. Mugabo umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu. Uwo wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru.” (Mat. 23:8-12) Uca utahura rero igituma mu mashengero y’Ivyabona kw’isi yose usanga abavukanyi na bashiki bacu bakunda abakurambere, bakabubaha kandi bakabatera iteka.

Iyo abakurambere bicisha bugufi, barakundwa, bakubahwa kandi bagaterwa iteka (Raba ingingo ya 13-15)

16. Kubera iki wobandanya wihatira gutahura no gushira mu ngiro ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye no gutera iteka abandi?

16 Nta woharira ko vyoshobora gusaba igihe kugira ngo tumenye neza abo dukwiye gutera iteka, n’ingene twobigira. Ivyo n’abakirisu bo mu ntango vyarabashikiye. (Ivyak. 10:22-26; 3 Yoh. 9, 10) Ariko rero turakwiye kwihatira gushira mu ngiro ivyo Bibiliya  ivuga ku bijanye no gutera iteka abandi. Nitwatera iteka abandi ku rugero rubereye, bizotuma twironkera ivyiza vyinshi.

IVYIZA BIVAMWO

17. Gutera iteka abafise ubukuru bo mw’isi bishobora kuvamwo ivyiza ibihe?

17 Igihe twubashe abafise ubukuru bo mw’isi kandi tukabatera iteka, birashobora gutuma bashigikira uburenganzira dufise bwo kwamamaza ata nkomanzi. Akenshi ivyo bituma igikorwa cacu kibonwa neza. Nk’akarorero, haraheze imyaka itari mike umutsimvyi umwe wo mu Budagi yitwa Birgit agiye kwumviriza amanota y’umukobwa wiwe kw’ishure. Abigisha babwiye Birgit ko bahimbawe no kubona mu myaka n’iyindi bagiye bararonka abana b’Ivyabona vya Yehova. Bavuze ko bari kumaramara iyo bataronka abana b’Ivyabona kw’ishure ryabo. Birgit yabasiguriye ati: “Abana bacu turabigisha gukurikiza amategeko y’Imana ajanye no kwigenza runtu, ushizemwo kwubaha abigisha no kubatera iteka.” Umwigisha umwe yavuze ati: “Iyaba abana bose bameze nk’abana banyu, kwigisha biba biryoshe cane.” Inyuma y’indwi zitari nke, umwe muri abo bigisha yaritavye ihwaniro ryabereye i Leipzig.

18, 19. Kubera iki dukwiye kuba maso mu bijanye no gutera iteka abakurambere?

18 Ingingo ngenderwako ziri mw’Ijambo ry’Imana ziradufasha gutahura ingene twotera iteka abakurambere b’ishengero mu buryo bubereye. (Soma Abaheburayo 13:7, 17.) Turakwiye kubakeza ku bw’igikorwa gikomeye barangura, kandi tukihatira gukurikiza ubuyobozi baduha. Tubigenjeje gutyo, twoshobora gutuma babandanya gukorana umunezero igikorwa bajejwe. Ariko rero, ivyo ntibisobanura ko twokwigana umukurambere kanaka azwi cane, mu nyambaro yiwe, mu kuntu yitunganya, mu kuntu avuga ari ku mukiruruko canke ariko ayaga n’abandi. Tubigize, vyoboneka nabi cane. Ntidukwiye kwibagira ko na we nyene ari umunyagasembwa nkatwe. Kristu ni we karorero dukwiye kwigana.

19 Igihe twubashe abakurambere kandi tukabatera iteka babereye aho kubafata nka ba rurangiranwa, tuba tubafashije. Tuba tubarinze kugwa mu mutego w’ubwibone, tukabarinda kwiyumvira ko baruta abandi canke ko bagororotse.

20. Gutera iteka abandi bidufasha gute?

20 Gutera iteka ababibereye biratuma ubwacu twirinda agatima k’ubwikunzi. Iyo natwe hagize uwudutera iteka, biraturinda guca tubona ko turi agahambaye. Biratuma kandi tubandanya kugendana n’ishirahamwe rya Yehova, ryoryo ryirinda kurenza urugero mu bijanye no gutera iteka abantu, baba abavukanyi canke abandi. Vyongeye, biraranga ubukerebutsi kuko bituma tudatsitara iyo hagize uwuhemuka mu bo dusanzwe dutera iteka.

21. Iciza kiruta vyose kiva ku gutera iteka abandi mu buryo bubereye ni ikihe?

21 Gutera iteka abandi mu buryo bubereye biravamwo ivyiza vyinshi. Ariko ikiruta vyose, birahimbara Imana. Tubigize tuba dushize mu ngiro ivyo Yehova adusaba, gutyo tukaguma turi abizigirwa kuri we. Ivyo biratuma aronka ico yishura uwomucokora wese. (Imig. 27:11) Abantu benshi muri iyi si babona ukutari kwo ibijanye no gutera iteka abandi. Ese ukuntu dukenguruka kubona twebwe dutera iteka abandi mu buryo Yehova ashima!