Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) NTWARANTE 2017

Woba uzoshira umutima ku bintu vyanditswe?

Woba uzoshira umutima ku bintu vyanditswe?

“Ivyo bintu . . . vyanditswe ngo bitubere imburi twebwe abashitsweko n’amaherezo y’ibihe.”1 KOR. 10:11.

INDIRIMBO: 11, 61

1, 2. Kubera iki tugiye kurimbura ivyashikiye abami bane ba Yuda?

HAMWE wobona umuntu anyereye akagwa, ubwo ntiwokwiyubara bishitse nawe ugaca muri iyo nzira. Muri ubwo buryo nyene, kurimbura amakosa abandi bakoze birashobora gutuma twirinda kugwa muri ayo makosa nyene. Ni ko bimeze no mu vy’impwemu. Turashobora kugira ico twigiye ku makosa y’abandi, ushizemwo ay’abantu bavugwa muri Bibiliya.

Abami bane ba Yuda twarimbuye mu kiganiro c’imbere y’iki, bakoreye Yehova n’umutima ukwiye. Ariko rero, vyarashitse barakora amakosa akomeye. None ivyabashikiye bitwigisha iki, kandi twokwirinda gute kugwa mu mutego baguyemwo? Kuzirikana ku vyabashikiye birashobora gutuma tugira ico twigiye ku bintu vyanditswe kera kugira ngo bitwigishe.Soma Abaroma 15:4.

KWISUNGA UBWENGE BW’ABANTU BIRATEZA AKAGA

3-5. (a) Naho Asa yakoreye Yehova n’umutima ukwiye, yakoze ikosa irihe? (b) Ni ibiki vyoba vyaratumye Asa yizigira abantu igihe Bayasha yatera Yuda?

3 Reka tubanze turimbure ivyashikiye Asa, tubone ingene Ijambo ry’Imana rishobora kutuyobora. Asa yarizigiye Yehova igihe ingabo umuliyoni z’Abanyetiyopiya zatera Yuda. Ariko  rero ntiyamwizigiye igihe Bayasha umwami wa Isirayeli yatangura kwubaka igisagara ca Rama, icahana urubibe n’akarere Asa yatwara. (2 Ngo. 16:1-3) Ico gihe, Asa yizigiye ubwenge bwiwe bwite, maze ahera Umwami Beni-hadadi wa Siriya kugira ngo atere Bayasha. None umukenyuro wa Asa hari ico washitseko? Bibiliya igira iti: “Bayasha akimara kuvyumva, aca areka kwubaka Rama maze ahagarika igikorwa ciwe.” (2 Ngo. 16:5) Emwe, Asa ashobora kuba yaciye abona ko atsinze rurayi!

4 Ariko none Yehova yakiriye gute ico kintu Asa yakoze? Yaciye arungika umuvugizi wiwe Hanani kugira ngo ahambarire Asa kuko atizigiye Yehova. (Soma 2 Ngoma 16:7-9.) Hanani yamubwiye ati: “Kuva ubu hazobaho intambara zo kukurwanya.” Naho Bayasha yari yateshejwe, Asa n’abantu biwe bagumye baterwa n’abansi igihe cose yari asigaje ku ngoma.

5 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Imana yarasuzumye umutima wa Asa ibona ko wari ukwiye kuri yo. (1 Abm. 15:14) Muri rusangi, Imana yabona ko Asa yari yarayihebeye, ko yashikije neza ivyo isaba. Ariko rero, ntiyari kureka gushikirwa n’ingaruka z’ingingo mbi yari yarafashe. None ico gihe ca Bayasha, ni igiki catumye Asa yiyizigira akizigira na Beni-hadadi, aho kwizigira Yehova? Yoba yariyumviriye ko kwitura irindi hanga canke gukoresha uburyo bwa gisirikare vyotoreye umuti ico kibazo kuruta uko vyari kugenda yituye Imana ngo imufashe? Ico ciyumviro yoba yagihawe n’abamuhanuye nabi?

6. Ikosa Asa yakoze turyigirako iki? Tanga akarorero.

6 Ni icigwa ikihe dukura ku nkuru ya Asa? Igihe dushikiwe n’ingorane zisa n’iziturengeye, biroroha ko twitura Yehova. Ariko none tubigenza gute iyo duhuye n’ingorane zisanzwe zo mu buzima bwa misi yose? Twoba twishimikiza ubwenge bwacu, tukagerageza kuzitorera umuti uko tuvyumva? Canke, twoba turondera ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kandi tukazisunga, gutyo tukaba twerekanye ko twipfuza kuzitorera umuti nk’uko Yehova abishaka? Nk’akarorero, dufate ko abo mu muryango bakurwanije ngo ntiwitabe amakoraniro canke ihwaniro. Uca usaba Yehova ngo akuyobore, agufashe kubona ingene wovyifatamwo neza. Bite ho nka hamwe woba umaze igihe kirekire warabuze akazi, mu nyuma ukaronka uwukaguha? Woba womubwira ko hari amakoraniro uzokwama witaba buri ndwi? Mu ngorane iyo ari yo yose, turakwiye gushira mu ngiro impanuro y’umwanditsi w’amazaburi igira iti: “Nuragize Yehova inzira yawe, kandi umwizigire, na we ubwiwe azogira ico akoze.”Zab. 37:5.

INGARUKA ZO KWIFATANYA N’ABAGENZI BABI

7, 8. Yehoshafati yakoze amakosa ayahe, kandi vyavuyemwo iki? (Raba ishusho itangura.)

7 Tuvuge iki ku bijanye na Yehoshafati, umuhungu wa Asa? Yari afise kamere nziza nyinshi. Yarakoze ivyiza vyinshi kubera ko yiheka ku Mana. Ariko rero, na we nyene yarafashe ingingo zitaranga ubukerebutsi. Nk’akarorero, yaremeye ko umuhungu wiwe yabira umukobwa w’umwami mubi Ahabu w’ubwami bwo mu buraruko. Vyongeye, naho umuhanuzi Mikaya yari yamuburiye, Yehoshafati yarifatanije na Ahabu mu kurwanya Abasiriya. Muri iyo ntambara, Yehoshafati yarahatswe kuhasiga agatwe. Mu nyuma, yarasubiye i Yeruzalemu. (2 Ngo. 18:1-32) Ashitseyo, umuhanuzi Yehu yamubajije ati: “Mbega umubisha ni we yari akwiye  gutabarwa? Abanka Yehova ni bo ukwiye gukunda?”Soma 2 Ngoma 19:1-3.

8 Yehoshafati yoba yaragize ico yigiye ku vyamushikiye? Naho yabandanije kugaragaza ishaka ryo guhimbara Imana, biboneka ko ata co yigiye ku vyamushikiye be n’impanuro Yehu yamuhaye. Yehoshafati yarasubiriye kwifatanya n’uwundi muntu mubi. Ico gihe yifatanije n’umwami w’umubisha Ahaziya mwene Ahabu, akaba yari umwansi w’Imana. Yehoshafati na Ahaziya barafatanije kwubaka imeri, izahavuye zisāba zitarakora ico zari zagenewe.2 Ngo. 20:35-37.

9. Kwifatanya n’abagenzi babi bishobora kutugirako ingaruka izihe?

9 Ivyashikiye Yehoshafati birakwiye gutuma twisuzuma. Uti gute? Muri rusangi, Yehoshafati yari umwami mwiza. Yakoze ibigororotse yongera “[arondera] Yehova n’umutima wiwe wose.” (2 Ngo. 22:9) Ariko rero, nta rucanco yari yaratewe rwo kutifatanya n’abagenzi babi. Umugani umwe wo muri Bibiliya ugira uti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.” (Imig. 13:20) Nk’akarorero, hari aho twoba turiko tugerageza gufasha abashimishwa n’ukuri. Mugabo rero, wibuke ko kuba Yehoshafati yarifatanije na Ahabu, vyatumye ahakwa kuhasiga ubuzima. Na twebwe nyene, hamwe twocudika bidakenewe n’abadasenga Yehova, turashobora kugwa mu kaga.

10. (a) Ni igiki twokwigira kuri Yehoshafati nimba twipfuza kwubaka urwacu? (b) Dukwiye kuguma twibuka iki?

10 Neza na neza, ni icigwa ikihe twokura ku vyashikiye Yehoshafati? Vyoshika umukirisu agatangura gukundana n’umuntu adakunda Yehova, yitwaje ko mu bakirisu b’ukuri atoronka uwo bakwiranye. Canke na ho, yoshobora kuremerwa n’incuti ziwe zidasenga Yehova ngo yubake urwiwe atarasaza. Vyongeye, hari abitwaza ko ‘icipfuzo co gukunda no gucudika n’abandi ari ndemanwa,’ nk’uko na mushiki wacu umwe yabivuze. None umukirisu yokora iki? Kuzirikana ku vyashikiye Yehoshafati birashobora kumufasha. Akenshi Yehoshafati yaritura Yehova  ngo amuyobore. (2 Ngo. 18:4-6) Ariko none vyagenze gute igihe yifatanya na Ahabu, uzi n’ingene aterekwa Yehova? Yehoshafati yari akwiye kuguma yibuka ko amaso ya Yehova aguma arondera abafise umutima umutunganiye. No muri iki gihe, twokwibuka ko amaso ya Yehova “anyuragira mw’isi yose kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.” (2 Ngo. 16:9) Aratahura uko ivyacu vyifashe kandi aradukunda. None nimba wipfuza kuronka uwo mwubakana abereye, woba wizigira ko Imana ibibona kandi ko izogufasha ukamuronka mu buryo bwiza? Shira umutima mu nda, igihe nicagera izobikora!

Uraba maso ntugwe mu mutego wo gukundana n’umuntu adasenga Yehova (Raba ingingo ya 10)

NIWIRINDE UBWIBONE MU MUTIMA

11, 12. (a) Hezekiya yahishuye gute ivyari mu mutima wiwe? (b) Ni igiki catumye Hezekiya akingirwa uburakari bw’Imana?

11 Twigira iki kuri Hezekiya? Igihe kimwe, wa Musuzumyi w’imitima yarashize ahabona ivyari mu mutima wa Hezekiya. (Soma 2 Ngoma 32:31.) Igihe Hezekiya yarwara akagera kure, Imana yaramuhaye ikimenyetso c’uko yokize: Igitutu cosubiye inyuma intambuko cumi. Mu nyuma, biboneka ko abaganwa ba Babiloni barungitse intumwa gusiguza ibijanye n’ico kimenyetso. (2 Abm. 20:8-13; 2 Ngo. 32:24) Igihe Imana ‘yamureka’ ngo irabe ingene avyifatamwo, Hezekiya yaciye ashira ahabona ivyari mu mutima wiwe mu kwereka Abanyababiloni “inzu y’itunga yiwe yose.” Ico kintu c’ubupfu yakoze carahishuye “ivyari mu mutima wiwe vyose.”

12 Bibiliya ntitubwira icatumye Hezekiya agira ubwibone mu mutima. Yoba yabitumwe n’uko yari yaratsinze Abashuri? Yoba yabitumwe n’uko Imana yari yamukijije ku gitangaro? Vyoba vyavuye ku “butunzi n’ubuninahazwa [yari afise] ku rugero runini cane”? Icabitumye caba ikihe, Hezekiya yaragize ubwibone, “ntiyishura ivyiza yagiriwe.” Ese ukuntu vyari bibabaje! Naho Hezekiya yatakambiye Yehova amubwira ko yamukoreye n’umutima wiwe wose, vyarashitse arakora ibidahimbara Imana. Ariko mu nyuma, “Hezekiya [yaricishije] bugufi,” bituma we n’abantu biwe bakingirwa uburakari bw’Imana.2 Ngo. 32:25-27; Zab. 138:6.

13, 14. (a) Ni ryari Yehova yoshobora ‘kutureka kugira ngo atugeze’? (b) Twovyifatamwo gute igihe dushemagijwe kubera ikintu twaranguye?

13 Gusoma iyo nkuru ya Hezekiya no kuyizirikanako vyodufasha gute? Niwibuke ko ubwibone bwa Hezekiya bwagiye ahabona haciye igihe gitoya Yehova atsinze Senakeribu akongera agakiza Hezekiya indwara yari kumuhitana. Tweho bite? Igihe turanguye ikintu ciza cane, ubwo ntihari aho Yehova aba ‘aturetse kugira ngo atugeze,’ maze ibiri mu mitima yacu bije ahabona? Nk’akarorero, umuvukanyi ashobora kuba yarakoze agatama kugira ngo ategure insiguro maze akayitanga imbere y’isinzi ry’abantu. Abenshi barashobora guca bamushemagiza. None yovyakira gute?

14 Igihe dushemagijwe, vyoba vyiza dushize mu ngiro impanuro ya Yezu igira iti: “Igihe mukoze ibintu vyose mwashinzwe, muvuge muti: ‘Turi abashumba b’imburakimazi. Ivyo dukoze ni ivyo twabwirizwa gukora.’” (Luka 17:10) Hariho n’ikindi cigwa twigira ku vyashikiye Hezekiya. Amaze kugira ubwibone mu mutima, ‘ntiyishuye ivyiza yagiriwe.’ Nitwazirikana ku vyiza umuyoro Imana yatugiriye, bizotuma twirinda agatima yanka, ahubwo tuyishemagize. Kanatsinda, ni yo yaturonkeje Bibiliya be n’impwemu nyeranda bidufasha.

 URIYUBARA IGIHE UFATA INGINGO

15, 16. Ni igiki catumye Yosiya atsindwa, mbere akahasiga n’ubuzima?

15 Mu gusozera, reka turabe icigwa dukura ku vyashikiye wa mwami mwiza Yosiya. Rimbura icatumye atsindwa, mbere akahasiga n’ubuzima. (Soma 2 Ngoma 35:20-22.) Yosiya yaragiye kurwanya Umwami Neko wa Misiri, naho uwo mwami yabwiye Yosiya ko ata co bapfa. Bibiliya ivuga ko amajambo ya Neko yari “yavuye mu kanwa k’Imana.” None ni igiki catumye Yosiya aja kumurwanya? Bibiliya nta co ivuga.

16 None Yosiya yari kubwirwa n’iki ko amajambo ya Neko yari yavuye kuri Yehova? Yari kuja gusiguza Yeremiya, akaba yari umwe mu bahanuzi bariho b’abizigirwa. (2 Ngo. 35:23, 25) Mugabo nta cerekana ko yabigize. Vyongeye, Neko yari yigiriye i Karikemishi “kurwanya iyindi nzu,” ntiyari agiye gutera Yeruzalemu. N’ikindi kandi, Neko ntiyariko acokora izina rya Yehova canke abasavyi biwe. Yosiya rero ntiyari akwiye kuja kurwanya Neko. Twoba tubona icigwa tuhakura? Igihe hari ikibazo, biraba vyiza tubanje kurimbura ico Yehova yipfuza ko twokora.

17. Igihe havyutse ikibazo, twokwirinda gute gukora ikosa Yosiya yaguyemwo?

17 Igihe havyutse ikibazo, turakwiye kurimbura ingingo ngenderwako zodufasha, maze tukazisunga. Rimwe na rimwe, twoshobora no kwitura abakurambere. Vyoshika tukaba twamaze kurimbura ivyo dusanzwe tuzi ku bijanye n’iyo ngorane, mbere tukaba twagize n’ubushakashatsi. Mugabo rero, hoshobora kuba hari izindi ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya abakurambere bodufasha kurimbura. Tubitangire akarorero: Mushiki wacu umwe arazi ko ategerezwa kwamamaza inkuru nziza. (Ivyak. 4:20) Dufate rero ko ateguye kuja mu ndimiro ku musi kanaka, ariko umugabo wiwe atizeye akaba yipfuza ko yoguma muhira. Nya mugabo amubwiye ko bamaze igihe kinini batamarana umwanya, akaba rero yipfuza ko bokorera hamwe ikintu kanaka. Uwo mushiki wacu yoshobora kurimbura ivyanditswe vyomufasha, nk’ikivuga ibijanye n’ibanga dufise ryo guhindura abantu abigishwa canke kugamburukira Imana. (Mat. 28:19, 20; Ivyak. 5:29) Ariko rero, arakwiye no kurimbura ibijanye no kuyobokera umugabo be no kugira ibitegereka. (Ef. 5:22-24; Flp. 4:5) Uwo mugabo yoba ariko amubuza kuja mu ndimiro, canke ariko amusaba gusa gukora ikindi kintu kuri uwo musi? Naho twihatira gukora ivyo Imana igomba no kugira ijwi ryo mu mutima ryiza, turakwiye kugira uburimbane.

NUGUMANE UMUTIMA UKWIYE, UBONE GUHEZAGIRWA

18. Kurimbura inkuru z’abami bane bavuzwe muri iki kiganiro wovyungukirako gute?

18 Kubera ko tudatunganye, vyoshika na twebwe tugakora amakosa abo bami bane bakoze. Vyoshika (1) tukizigira ubwenge bwacu tutabiciye n’ikanda, (2) tukifatanya n’abagenzi babi, (3) tukagira ubwibone, (4) tugafata ingingo tutabanje kurimbura ivyo Imana igomba. Yamara rero, birakora ku mutima kuba Yehova atubonamwo iciza, nk’uko yakibonye muri abo bami bane. Vyongeye, Yehova arabona urukundo tumukunda be n’icipfuzo dufise co kumukorera twivuye inyuma. Ni co gituma yandikishije ubwo burorero butugabisha, kugira ngo adufashe kwirinda amakosa akomeye. Nimuze rero tuzirikane kuri izo nkuru zo muri Bibiliya twongere dukenguruke kubona Yehova yarazituronkeje!