Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

“Icemeza” be n’“ikidodo” umukirisu wese yarobanuwe ahabwa n’Imana ni iki?​—2 Kor. 1:21, 22.

Kera, impeta y’ikidodo barayidoma kw’ibumba canke kw’ishashara kugira bemeze ko icandikano ari ic’ukuri

Icemeza: Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe mu 2 Abakorinto 1:22 ngo “icemeza,” igitabu kimwe kivuga ko “ryakoreshwa mu vy’amategeko no mu vy’ubudandaji,” rikaba risobanura “amahera ya avansi, ayo gufatisha canke ay’ingwati umuntu atanga kugira ngo abe arafata ikintu kanaka, bigatuma kimwegukira imbere y’amategeko, canke bigatuma amasezerano kanaka aba ayemewe.” Igihe umukirisu arobanujwe impwemu nyeranda, aba ahawe icemeza. Ariko impembo yiwe ikwiye iravugwa mu 2 Abakorinto 5:1-5, ikaba ari ukwambara umubiri utabora wo mw’ijuru. Iyo mpembo irimwo kandi uguhabwa ukudapfa.​—1 Kor. 15:48-54.

Mu kigiriki ca none, imvugo isa n’iyo irakoreshwa mu kwerekeza ku mpeta yo kureshanya. Iyo mvugo irabereye ku bazoba bagize umugeni wa Kristu w’ikigereranyo.​—2 Kor. 11:2; Ivyah. 21:2, 9.

Ikidodo: Muri kahise, ikidodo carakoreshwa nk’umukono werekana nyene ikintu, ko ikintu ari ic’ukuri canke ko umuntu acemeye. Abarobanuwe rero, impwemu nyeranda ibashirako “ikidodo” canke ikimenyetso mu buryo bw’ikigereranyo, kugira ngo yemeze ko begukira Imana. (Ef. 1:13, 14) Ariko rero ico kidodo kiba ntabanduka gatoyi imbere y’uko umuntu apfa ari umwizigirwa canke gatoyi imbere y’uko ya makuba akomeye atangura.​—Ef. 4:30; Ivyah. 7:2-4.