Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) NDAMUKIZA 2016

 INKURU Y’UBUZIMA

Abahoze ari ababikira barakiriye ukuri

Abahoze ari ababikira barakiriye ukuri

MUTOYI wanje Araceli yanyishuye akankama ati: “Mva mu matwi. Sinkeneye kwumva ikindi kintu na kimwe cerekeye iryo dini ryawe. Biranshisha. Numva ndakwanse!” Naho mfise imyaka 91, ndacibuka ukuntu nababaye cane numvise ayo majambo. Mugabo nk’uko mu Musiguzi 7:8 habivuga, “iherezo ry’ikintu mu nyuma, riraruta intango yaco,” kandi ukwo ni ko vyagenze ku bitwerekeye.—Felisa.

Felisa: Navukiye mu muryango w’abantu bakunda cane gusenga. Nkako, abantu 13 mu ncuti zacu bari abapatiri canke abihebeye Imana muri Ekleziya Gatolika. Papa Yohani Paulo wa kabiri yaranashize umuhungu wa mwenewabo na mawe ku rutonde rw’abo bita abahirwe, akaba yari umupatiri yigisha mw’ishure rimwe rya Gatolika. N’ikindi kandi, umuryango wacu wari ukenye. Dawe yari umucuzi, mawe agakora mu mirima. Ni je nari imfura mu bana umunani.

Igihe nari mfise imyaka 12, muri Espanye haradutse intambara y’abanyagihugu. Inyuma y’iyo ntambara, dawe yarapfunzwe. Ivyiyumviro vyiwe vyo guharanira umwidegemvyo vyarashavuza leta yatwaza umukazo. Mawe ntiyari acoroherwa no kugaburira umuryango, umugenzi umwe rero aca amugira inama ngo arungike batoyi banje batatu ari bo Araceli, Lauri na Ramoni mu kigo c’ababikira i Bilbao muri Espanye. Ng’aho n’imiburiburi boronse ico bashira ku munwa.

Araceli: Ico gihe nari mfise imyaka 14 gusa, Lauri 12, Ramoni na we 10, kandi gutandukana n’umuryango wacu rwabaye urugamba. Aho i Bilbao twakora isuku. Inyuma y’imyaka ibiri, ababikira baratwimuriye mu kigo cabo cagutse cari i Zaragoza, kikaba citwararika abageze mu zabukuru. Twari tujejwe isuku ryo mu gikoni, kikaba cari igikorwa kiruhisha cane ku bana b’imiyabaga.

Felisa: Igihe batoyi banje baja i Zaragoza, mawe be n’umupatiri wo ng’aho, uwari marume, bafashe ingingo yuko noja gukorera muri ico kigo nyene. Biyumviriye yuko nimukiyeyo vyari kunyigiza kure  y’umuhungu yashaka ko dukundana. Kubera ko nakunda cane gusenga, naripfuza kuba ndigumiye muri ico kigo. Naraja mu misa buri musi, nkaba mbere nariyumvira ko nzoba umumisiyonari nka mwene mamawacu yari umufurera muri Afrika.

Ibubamfu: Ca kigo c’ababikira c’i Zaragoza muri Espanye; iburyo: Bibiliya Nácar-Colunga

Ababikira nta na kimwe bakoze ngo bandemeshe gukorera Imana mu bindi bihugu nk’uko navyipfuza, nca numva umengo kuba mu kigo cabo ni nko kuba mw’ibohero. Inyuma y’umwaka umwe rero narafashe ingingo yo gusubira i muhira kwitwararika wa mupatiri ari we marume. Uretse ibikorwa vyo mu nzu namukorera, naravuga irozari ndi kumwe na we buri mugoroba. Narakunda kandi gutunganya amashurwe yo mw’isengero no gushariza ibishusho vya Mariya be n’ivy’abitwa aberanda.

Araceli: Ivyacu vyahavuye bihinduka muri ico kigo. Maze kugira indagano za mbere, ababikira bafashe ingingo yo kudutandukanya. Ramoni yagumye i Zaragoza, Lauri aja i Valence nanje bandungika i Madrid, aho nagiriye indagano za kabiri. Ikigo c’ababikira c’i Madrid cari gifise uburaro bw’abanyeshure, abageze mu zabukuru be n’abandi bashitsi, bigatuma haba akazi kenshi cane. Jewe nakorera mw’ivuriro ry’ikibikira.

Nari niteze ko ubuzima bw’umubikira burimwo imihezagiro myinshi. Nari nshashaye gusoma Bibiliya no kuyitahura. Ariko nta n’umwe yavuga ivyerekeye Imana canke Yezu, kandi ntitwakoresha Bibiliya. Narize gusa ikilatini gikeyi, ndiga ubuzima bw’abitwa aberanda nongera ndasenga Mariya. Ibisigaye vyose vyari ibikorwa vy’umuruho.

Naratanguye kwumva amaganya, maze ndavyiganira māma mukuru. Namubwiye ko ntumva ingene nokora ngatama kugira gusa abandi buzuze imipfuko yabo kandi umuryango wanje wari ukeneye ko ndawufasha. Yaciye anyugaranira mu kumba ka jenyene, yizigiye ko nca mpindura ivyiyumviro ngaheba ivyo kuva muri ico kigo.

Ababikira baransohoye incuro zitatu kugira gusa barabe ko noba ngifise agatima ko gutaha. Kubera yuko nari navyiyemeje, bambwiye ngo ndavyemeze mu kwandika nti: “Ndatashe kuko nahisemwo gukorera Shetani aho gukorera Imana.” Ico kintu carambabaje cane, kandi naho nipfuza bimwe bihebuje kuva mu kibikira, sinorose nandika ayo majambo. Amaherezo narasavye ko nobonana n’umupatiri yiregesha, maze ndamubwira ivyari vyabaye. Yaratunganije yuko diyoseze inyimurira mu kigo nahozemwo c’i Zaragoza. Ndahamaze amezi makeyi, naremerewe gutaha. Bidatevye, Lauri na Ramoni na bo nyene baratashe.

ICISWE IGITABU KIBUJIJWE CARADUCANISHIJEMWO

Felisa

Felisa: Nahavuye nubaka urwanje, nca nimukira i Cantabria. Nagumye nja mu misa, maze umusi  umwe ku wa mungu harashikirizwa itangazo ryatumye ngwa mu gahundwe. Umupatiri yarasemereye yashangashiwe ati: “Nimurabe iki gitabu!” aca yerekana igitabu Ukuri kujana mu buzima budahera. Yarabandanije ati: “Nimba hari uwakiguhaye, nukinzanire canke ugite kure!”

Nta co nari mfise, ariko naciye nipfuza kukironka ubwo nyene. Haciye imisi mikeya, Ivyabona babiri baradodoye iwanje maze bampa ca gitabu ciswe ko kibujijwe. Iryo joro nyene naciye ndagisoma, kandi igihe abo bagore bagaruka, naciye nemera ko banyigisha Bibiliya.

Iciswe igitabu kibujijwe

Ukuri ntikwatevye kunkora ku mutima. Ishaka nahorana mu vy’idini ryahavuye rihinduka urukundo rukomeye nkunda Yehova be n’umwete mwinshi mu murimo. Nabatijwe mu 1973. Naho ata turyo twinshi nari mfise two kubwira umuryango wanje ukuri, narabikora uko nari nshoboye kwose. Nk’uko nabisiguye mu ntango, bararwanije cane ivyo nemera, na canecane mwenewacu Araceli.

Araceli: Ibintu bibabaje naciyemwo mu kibikira vyatumye mba umunyamujinya. Ariko narabandanije kuja mu misa ku wa mungu, kandi naravuga irozari buri musi. Naragumanye icipfuzo gikomeye co gutahura Bibiliya kandi narasaba Imana ngo imfashe. Mugabo igihe mukuru wanje Felisa yanyagira ivyo yari asigaye yemera, yabivugana igishika cinshi cane ku buryo nabona umengo afise ishaka rirenze urugero. Ntitwigeze duhuza namba.

Araceli

Inyuma y’imyaka mikeyi, narasubiye i Madrid kubera akazi, maze ndubaka urwanje. Nahavuye mba umuntu akekeranya cane ku bintu. Narabona ko abantu bama baja mu misa batashira mu ngiro inyigisho zo mu Njili. Naciye rero mpeba kuja mu misa. Sinari ncemera abitwa aberanda, ivyo kwirega canke umuriro udahera. Narataye mbere n’ibishusho nari mfise vyose. Sinari nzi ko ndiko ndakora ikintu kibereye. Nari naravunitse umutima, mugabo nkaguma nsenga Imana nti: “Ndipfuza kukumenya. Numfashe!” Ndibuka ko Ivyabona vya Yehova baje iwanje kenshi, ariko sinigera ndabugururira. Nta dini na rimwe nari ncemera.

Mwenewacu Lauri yaba mu Bufaransa, Ramoni na we akaba muri Espanye. Nko mu 1980,  baratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona. Nabona ko bazimiye cokimwe na Felisa. Mu nyuma narahuye n’umubanyi yitwa Angelines, maze turaba abagenzi somambike. Na we nyene yari Icabona ca Yehova. Angelines n’umugabo wiwe baransavye kenshi ngo nige Bibiliya. Barabonye ko naho nari umuntu w’inkeka nyinshi, nari nyotewe kumenya ukuri kwo muri Bibiliya. Nahavuye ndababwira nti: “Ni sawa. Ndemeye ko munyigisha Bibiliya mugabo tuzokoresha gusa Bibiliya yanje,” aho nkaba nariko mvuga Bibiliya yanje yitwa Nácar-Colunga.

BIBILIYA YAHAVUYE IDUHUZA

Felisa: Igihe nabatizwa mu 1973, mu gisagara ca Santander, umurwa mukuru w’intara ya Cantabria muri Espanye hari Ivyabona nka 70. Kubera ko twari dufise icibare kinini cane, twarafata ibisi mu nyuma tukagenda n’umuduga tugiye kwamamaza hirya no hino muri iyo ntara. Twarava mu kigwati tukaja mu kindi gushika tugendeye ibigwati amajana n’amajana muri ako karere.

Inyuma y’imyaka itari mike, nararonse agateka ko kuyobora inyigisho za bibiliya nyinshi kandi 11 muri bo bararabatijwe. Benshi muri bo bari abagatolika. Kubera ubwanje nigeze kuba umugatolika w’imena, nari nzi ko mbwirizwa kubihanganira no kubatahura. Naratahura ko bakeneye umwanya kugira bavavanure n’inyigisho zari zarabiziziye be n’uko Bibiliya n’impwemu nyeranda ya Yehova vyabwirizwa kubakora ku mutima kugira bibafashe kumenya ukuri. (Heb. 4:12) Umugabo wanje Bienvenido, uwahoze ari umupolisi, yabatijwe mu 1979, mawe na we atangura kwiga Bibiliya gatoyi imbere y’uko apfa.

Araceli: Igihe natangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona, nari umuntu yikeka abandi cane. Mugabo uko igihe carengana, narabona ko umujinya nari mfise ugenda urahera. Ikintu cankoze cane ku mutima kuruta ibindi vyose ku bijanye n’Ivyabona ni uko bashira mu ngiro ivyo bigisha. Wa mwikeko waciye usubirirwa n’ukwizera, nca numva ndahimbawe cane. Mbere n’ababanyi bamwebamwe bambwiye bati: “Araceli, bandanya iyo nzira wahisemwo!”

Ndibuka ko nasenze nti: “Warakoze Yehova kubona utampevye, ukampa uturyo twinshi two kuronka ico narondera, ukandonsa ubumenyi nyakuri bwo muri Bibiliya.” Narasavye mwenewacu Felisa ngo ambabarire kubera amajambo ababaza nari naramubwiye. Za mpari zasubiriwe n’ibiyago biryoshe bishingiye kuri Bibiliya. Nabatijwe mu 1989 mfise imyaka 61.

Felisa: Ubu mfise imyaka 91, ndi umupfakazi kandi singifise inguvu nk’izo nahoranye. Mugabo ndasoma Bibiliya buri musi, nkitaba amakoraniro igihe amagara ankundiye kandi ndahimbarwa no kuja mu ndimiro igihe cose ndabishoboye.

Araceli: Kumbure kubera ko nahoze ndi umubikira, ndakunda kubwira inkuru nziza abapatiri n’ababikira bose duhuye mu ndimiro. Narabasigiye ibitabu bitari bike kandi twaragiraniye ibiyago bishimishije. Ndibuka umupatiri umwe twayaze kenshi, mu nyuma ambwira ati: “Araceli, ivyo uvuga ndavyemera cane, mugabo ubona noba nkija he ngana gutya? Mbega abanyaparuwasi be n’umuryango wanje bovuga iki?” Nasubijeyo nti: “None Imana yoyo yovuga iki?” Yaratahuye ko ndamubwiye ukuri, aca azunza umutwe n’akababaro kenshi. Ariko ico igihe, ntiyagize umutima rugabo wo kubandanya arondera ukuri.

Igihe ntazokwibagira mu buzima bwanje ni igihe umugabo wanje yavuga ari bwo bwa mbere ko yipfuza kumperekeza ku makoraniro. Naho yari afise imyaka irenga 80, kuva ico gihe ntiyigeze asiba ikoraniro na rimwe. Yarize Bibiliya araba umwamamaji atarabatizwa. Sinzokwibagira ibihe vyiza twagize tujanye mu ndimiro. Yapfuye hasigaye amezi abiri ngo abatizwe.

Felisa: Kimwe mu bintu vyampimbaye kuruta ibindi vyose mu buzima ni ukubona batoyi banje batatu baracitse abo tuvukana mu vy’impwemu kandi babanje kungwanya. Ese ukuntu twahimbawe turi kumwe, tuganira ivyerekeye Imana yacu twikundira Yehova be n’Ijambo ryiwe! Jewe na batoyi banje, ubu turunze ubumwe mu vy’impwemu. *

^ ing. 29 Araceli afise imyaka 87, Felisa 91, Ramoni na we 83. Barabandanya gukorera Yehova n’umwete gushika ubu. Lauri yasandavye mu 1990 ari umwizigirwa kuri Yehova.