Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 14

Igitero kizananye mu buraruko

Igitero kizananye mu buraruko

“Hari ihanga riduze mu gihugu canje.”​—YOW. 1:6.

URURIRIMBO RWA 95 Umuco urarushiriza gukayangana

INCAMAKE *

1. Umuvukanyi Russell na bagenziwe bakoresha uburyo bwo kwiga ubuhe, kandi kubera iki bwari bwiza?

UBU haraheze imyaka irenga 100 kuva igihe umuvukanyi Charles Taze Russell be n’umugwi mutoyi w’abandi batohoji ba Bibiliya, batangura kuza barahurira hamwe ngo bige Bibiliya. Babigira kugira ngo barabe ko botahura ivyo Bibiliya yigisha vy’ukuri ku bijanye na Yehova Imana, Yezu Kristu, ingene abapfuye bamerewe be n’incungu. Uburyo bakoresha mu kwiga bwari busanzwe. Umwe muri bo yaravyura ikibazo, hanyuma abagize uwo murwi bose bagasuzuma ivyanditswe vyose bivuga ibijanye n’ico ciyumviro. Mu nyuma, baca bandika ivyo bashitseko. Babifashijwemwo na Yehova, abo bakirisu bari banyotewe ukuri barubuye muri Bibiliya inyigisho z’ukuri z’ishimikiro zitari nke, n’ubu tukibona ko zihambaye.

2. Igihe turiko turarondera gutahura ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, ni igiki cotuma rimwe na rimwe twihenda?

2 Ariko rero, nk’uko abo batohoji ba Bibiliya batatevye kubibona, kumenya ivyo Bibiliya yigisha ku ciyumviro kanaka ni kimwe, mugabo kumenya neza ico ubuhanuzi kanaka bwo muri Bibiliya busobanura ni ikindi. Uti kubera iki? Imvo imwe, ni uko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya akenshi butahurwa neza iyo buriko buraranguka canke iyo bumaze kuranguka. Ariko hariho n’iyindi mvo. Kugira ngo dutahure neza ubuhanuzi kanaka, dutegerezwa kubanza gusuzuma amakikuro yabwo. Twibanze gusa ku muce umwe tukirengagiza iyindi, twoshobora kwihenda. Biboneka ko ari ko vyagenze ku bijanye n’ubuhanuzi bwo mu gitabu ca Yoweli. Nimuze dusubire twihweze ubwo buhanuzi maze dusuzume igituma dukeneye guhindura ukuntu twari dusanzwe tubutahura.

3-4. Gushika ubu, twahora dutahura gute ubuhanuzi bwo muri Yoweli 2:7-9?

3 Soma Yoweli 2:7-9. Yoweli avuga ko inzige zosesereje igihugu ca Isirayeli. Izo nzige zikoresheje amenyo n’imibangabanga bimeze nk’ivy’intambwe, zotemye zigatongora ibiterwa vyose zoshikiriye. (Yow. 1:4, 6) Turamaze imyaka myinshi dutahura ko ubwo buhanuzi bwerekeza ku kuntu abasavyi ba Yehova bamamaza ata kibahagarika, nka kurya kw’igitero c’inzige zidashobora guhagarikwa. Twatahura yuko ico gikorwa cosesereje “igihugu,” ikigereranya abantu bigaruriwe n’indongozi z’amadini. *

4 Dusomye gusa Yoweli 2:7-9, iyo nsobanuro yoshobora gusa n’iyumvikana. Ariko rero, tuzirikanye twitonze ibivugwa mu yindi mirongo y’ubwo buhanuzi, duca tubona ko dukeneye guhindura ukuntu twahora tubutahura. Nimuze dusuzume imvo zine zivyerekana.

IMVO ZINE ZITUMA TUGIRA IVYO DUHINDUYE

5-6. Ni igiki twoca twibaza dusomye (a) Yoweli 2:20? (b) Yoweli 2:25?

5 Imvo ya mbere: Raba ico Yehova asezerana ku bijanye n’icago c’inzige. Avuga ati: “Umunyaburaruko [inzige] nzomubakurako ndamushire kure yanyu.” (Yow. 2:20) None nimba izo nzige zigereranya Ivyabona vya Yehova bagamburuka itegeko rya Yezu ryo kwamamaza no guhindura abantu abigishwa, kubera iki Yehova yosezerana kubirukana? (Ezk. 33:7-9; Mat. 28:19, 20) Biragaragara rero ko ico Yehova yirukana atari abasavyi biwe b’intahemuka, ahubwo ko ari ikindi kintu canke uwundi muntu arwanya abasavyi biwe.

6 Ku bijanye n’imvo igira kabiri, rimbura ibivugwa muri Yoweli 2:25. Ng’aho Yehova avuga ati: “Nzobashumbusha ku myaka yariwe n’uruzige be n’uruzige rutagira amababa rwikwega hasi, n’inyenzi n’ikinyabwoya, za nteko zanje za gisirikare zikomeye nabarungikamwo.” Urabona ko Yehova asezerana gutanga ‘inshumbusho’ ku bijanye n’ivyo inzige zononye. Nimba izo nzige zigereranya abamamaji b’Ubwami, ivyo vyoca bisobanura ko ubutumwa bamamaza bugirira nabi abantu. Yamara rero, ubwo butumwa burokora ubuzima buratuma abanyakibi bamwebamwe bigaya. (Ezk. 33:8, 19) Ico none wumva atari ikintu ciza kuri bo?

7. Amajambo ngo “inyuma y’ivyo” ari muri Yoweli 2:28, 29, asobanura iki?

7 Soma Yoweli 2:28, 29. Rimbura imvo igira gatatu, na yo akaba ari ingene ibivugwa muri ubwo buhanuzi bikurikirana. Woba wabonye ko Yehova avuga ati: “Inyuma y’ivyo . . . nzosuka impwemu yanje,” ni ukuvuga izo nzige zimaze gusozera igikorwa cazo? Nimba izo nzige zigereranya abamamaji b’Ubwami bw’Imana, kubera iki Yehova yobasutseko impwemu yiwe bamaze gusozera igikorwa co kwamamaza? Ikizwi coco, ni uko batabifashijwemwo n’impwemu nyeranda y’ububasha y’Imana, batoshoboye kumara imyaka myinshi ukuraho bamamaza kandi igikorwa cabo kiza kiraburabuzwa canke mbere kigahagarikwa.

Umuvukanyi Joseph Rutherford be n’abandi basavyi b’Imana barobanuwe, baratangaje imanza Imana yaciriye iyi si mbi babigiranye ubutinyutsi (Raba ingingo ya 8)

8. Inzige zivugwa mu Vyahishuwe 9:1-11 zigereranya bande? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

8 Soma Ivyahishuwe 9:1-11. Ubu na ho, nimuze turabe imvo igira kane. Twahora tuvuga ko igitero c’inzige zivugwa muri Yoweli kigereranya igikorwa cacu co kwamamaza twisunze ubuhanuzi busa n’ubwo buri mu gitabu c’Ivyahishuwe. Ubwo buhanuzi buvuga inzige zifise mu maso nk’ah’abantu, ku mitwe na ho zikagira “ibimeze nk’ingori zisa n’inzahabu.” (Ivyah. 9:7) Zirababaza “abantu [abansi b’Imana] badafise ikidodo c’Imana mu ruhanga rwabo” mu kiringo c’amezi atanu, ico kikaba ari ikiringo uruzige rushobora kumara. (Ivyah. 9:4, 5) Ivyo bisa n’ibidondora abasavyi ba Yehova barobanuwe. Baratangaza imanza Imana yaciriye iyi si mbi babigiranye ubutinyutsi, ivyo bikaba bibabaza cane abashigikiye iyi si.

9. Inzige Yoweli yabonye be n’izo Yohani yabonye zitandukaniye ku bintu bihambaye ibihe?

9 Tuvugishije ukuri, ubuhanuzi bwo mu Vyahishuwe be n’ubwo muri Yoweli burafise ivyo buhuriyeko. Ariko rero, hari ibintu bihambaye butandukaniyeko. Rimbura ibi bintu: Mu buhanuzi bwo muri Yoweli, izo nzige ziratema zigatongora ibiterwa. (Yow. 1:4, 6, 7) Mu vyo Yohani na we yeretswe, inzige “zibwirwa kutagira ico zigira ivyatsi vyo kw’isi.” (Ivyah. 9:4) Inzige Yoweli yabonye zazananye mu buraruko. (Yow. 2:20) Izo Yohani na we yabonye zaje ziva mu nyenga. (Ivyah. 9:2, 3) Izivugwa muri Yoweli zirirukanwa. Izivugwa mu Vyahishuwe zozo ntizirukanwa, mugabo ziremererwa gusozera igikorwa cazo. Nta na kimwe rero cerekana yuko Yehova atazishima.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ubuhanuzi bwerekeye inzige: Naho busa buratandukanye.”

10. Tanga akarorero ko muri Bibiliya kerekana ko inzige zivugwa na Yoweli n’izivugwa na Yohani zishobora kugereranya ibintu bitandukanye.

10 Ivyo bintu bihambaye ubwo buhanuzi bubiri butandukaniyeko bituma dushika ku ciyumviro c’uko atari bumwe. None twoba dushaka kuvuga ko inzige zivugwa na Yoweli zitandukanye n’inzige zivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe? Ego cane. Muri Bibiliya, hari igihe ikintu kimwe kigira insobanuro zitandukanye bivanye n’ibiriko biravugwa. Nk’akarorero, mu Vyahishuwe 5:5, Yezu yitwa “Intambwe yo mu muryango wa Yuda,” mu gihe muri 1 Petero 5:8 hadondora Shetani nk’“intambwe iroha.” Dufatiye ku bibazo bijanye n’ukuntu twahora dutahura ubuhanuzi bwo muri Yoweli, biraboneka ko dukeneye kumenya insobanuro yabwo. None busobanura iki?

BUSOBANURA IKI?

11. Muri Yoweli 1:6 na 2:1, 8, 11 hadufasha gute gutahura ico izo nzige zisobanura?

11 Dusuzumye neza amakikuro y’ubuhanuzi bwa Yoweli turabona ko ubwo buhanuzi buvuga ibijanye n’igitero c’abasoda. (Yow. 1:6; 2:1, 8, 11) Yehova yavuze ko yokoresheje ‘inteko ziwe za gisirikare zikomeye’ (abasoda b’Abanyababiloni) kugira ngo ahane Abisirayeli bamugambarariye. (Yow. 2:25) Birabereye ko abo basoda bitwa “umunyaburaruko,” kuko Abanyababiloni boteye Isirayeli bazananye mu buraruko. (Yow. 2:20) Izo ngabo zigereranywa n’inzige zitunganije neza. Ku bijanye na zo, Yoweli avuga ati: “Baguma bagenda nk’umugabo ari mu nzira yiwe . . . Bitera mu gisagara. Biruka ku ruhome. Burira ku mazu. Binjirana mu madirisha nk’igisuma.” (Yow. 2:8, 9) Niwihe ishusho y’ico kintu: Ahantu hose ni abasoda gusa. Nta ho kwinyegeza hariho. Nta n’umwe ashobora gukira inkota y’Abanyababiloni!

12. Ubuhanuzi bwo muri Yoweli buvuga ibijanye n’inzige bwarangutse gute?

12 Nka kurya kw’inzige, Abanyababiloni (ari bo Bakaludaya) barateye igisagara ca Yeruzalemu mu 607 imbere ya Kristu. Bibiliya igira iti: “Umwami w’Abakaludaya . . . atangura kwicisha inkota imisore yabo . . . ntiyumvira impuhwe umusore canke umwigeme w’isugi, umutama canke umusaza bukokori. Imana itanga ikintu cose mu kuboko kwiwe. Atangura guturira inzu y’Imana y’ukuri yongera asiturira hasi uruhome rwa Yeruzalemu; iminara yaho yo kubamwo yose bayituriza umuriro, [bayogeza] n’ibintu vyaho vyose bihimbaye.” (2 Ngo. 36:17, 19) Abanyababiloni bamaze kuyogeza igihugu, abobibonye botangaye bati: “Ni igiharabuga kitagiramwo umuntu n’igitungwa. Catanzwe mu kuboko kw’Abakaludaya.”​—Yer. 32:43.

13. Sigura ibivugwa muri Yeremiya 16:16, 18.

13 Haciye nk’imyaka 200 Yoweli avuze ubwo buhanuzi, Yehova yarakoresheje Yeremiya kugira ngo avuge ikindi kintu cerekeye ico gitero. Yavuze ko bene gutera borondeye bitonze Abisirayeli bose bisutse mu bibi, ku buryo ata n’umwe yobacitse. Yavuze ati: “‘Ehe ngira ntumeko abarovyi benshi,’ ni ko Yehova avuze, ‘na bo bazobaroba koko; hanyuma nzotumako abahigi benshi, na bo bazobahiga koko ku musozi umwumwe wose, no ku murambi umwumwe wose, no mu migaga y’urutare. . . . Nzoriha urugero rwuzuye rw’ikosa ryabo n’urw’igicumuro cabo.’” Abo Bisirayeli batigaya nta hantu na hamwe boshoboye kunyegera ingabo z’Abanyababiloni, haba mu biyaga canke mu mashamba.​—Yer. 16:16, 18.

AGAKURU GAHUMURIZA

14. Ibivugwa muri Yoweli 2:28, 29 vyarangutse ryari?

14 Ubu na ho Yoweli aca avuga agakuru gahumuriza. Igihugu cosubiriye kwimbuka. (Yow. 2:23-26) Hogeze n’igihe haboneka umukimba w’ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu. Yehova yavuze ati: “Nzosuka impwemu yanje ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovuga koko ubuhanuzi . . . Kandi nzosuka impwemu yanje mbere no ku basuku n’abasukukazi.” (Yow. 2:28, 29) Ukwo gusuka impwemu nyeranda y’Imana ntikwabaye Abisirayeli bakimara kuva i Babiloni bagasubira mu gihugu cabo c’amavukiro. Ahubwo kwabaye haciye imyaka amajana, kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu. Uti tuvyemezwa n’iki?

15. Twisunze Ivyakozwe 2:16, 17, ni ikintu ikihe Petero yahinduye ku bivugwa muri Yoweli 2:28, kandi ivyo vyerekana iki?

15 Intumwa Petero ahumekewe n’Imana, yerekeje ibivugwa muri Yoweli 2:28, 29 ku kintu gitangaje cabaye kuri uwo musi wa Pentekoti. Nk’isaha zitatu zo muri ico gitondo, impwemu nyeranda yarasutswe ku gitangaro ku bari ng’aho, baca batangura kuvuga “ivyerekeye ibintu vy’agatangaza vy’Imana.” (Ivyak. 2:11) Petero ahumekewe n’Imana, igihe yasubiramwo amajambo yo mu buhanuzi bwa Yoweli, yakoresheje amajambo atandukanye gato na yo. Woba uzi ico yahinduye? (Soma Ivyakozwe 2:16, 17.) Aho gutanguza amajambo ngo “inyuma y’ivyo,” yavuze ngo: “Kandi mu misi ya nyuma.” Ng’aho yariko yerekeza ku misi y’iherezo ry’ivy’Abayuda. Ico gihe impwemu y’Imana yosutswe “ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose.” Ivyo vyerekana ko ubwo buhanuzi bwa Yoweli bwarangutse haciye igihe kinini.

16. Impwemu y’Imana yatumye igikorwa co kwamamaza kigenda gute mu kinjana ca mbere? Muri iki gihe ho bite?

16 Inyuma y’aho Imana isukiye impwemu yayo ku gitangaro mu kinjana ca mbere, ni ho igikorwa co kwamamaza caciye gitangura gutera imbere ku rugero rudasanzwe. Igihe intumwa Paulo yandikira Abakolosayi nko mu 61 inyuma ya Kristu, yavuze ko inkuru nziza yari imaze kwamamazwa “mu vyaremwe vyose biri munsi y’ijuru.” (Kol. 1:23) Mu gihe ca Paulo, ivyo “vyaremwe vyose” vyerekeza ku turere bari bazi ico gihe. Biciye ku mpwemu nyeranda y’ububasha ya Yehova, muri iki gihe igikorwa co kwamamaza cararushirije gutera imbere “gushika ku mpera y’isi.”​—Ivyak. 13:47; raba uruzitiro ruvuga ngo “ Nzosuka impwemu yanje.”

NI IGIKI CAHINDUTSE?

17. Ni igiki cahindutse mu bijanye n’ukuntu twahora dutahura ubuhanuzi bwa Yoweli bwerekeye inzige?

17 Ni igiki none cahindutse? Ubu turatahura neza ubuhanuzi bwo muri Yoweli 2:7-9. Muri make, iyo mirongo ntiyerekeza ku gikorwa co kwamamaza turangurana umwete, ahubwo yerekeza ku gitero abasoda b’Abanyababiloni bagavye kuri Yeruzalemu mu 607 imbere ya Kristu.

18. Ni igiki kitahindutse ku vyerekeye abasavyi ba Yehova?

18 Ni igiki kitahindutse? Abasavyi ba Yehova barabandanya kwamamaza inkuru nziza ahantu hose bakoresheje uburyo bwose bushoboka. (Mat. 24:14) Nta ntwaro n’imwe ishobora kutubuza kurangura igikorwa twashinzwe co kwamamaza. Kandi tubifashijwemwo na Yehova, turakora twivuye inyuma kuruta ikindi gihe cose, tukamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana tubigiranye umutima rugabo. Tuguma twiheka kuri Yehova twicishije bugufi kugira atuyobore mu bijanye no gutahura ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, twizigiye ko ku gihe kibereye azotuyobora “mu kuri kwose.”​—Yoh. 16:13.

URURIRIMBO RWA 97 Dutungwa n’Ijambo ry’Imana

^ ing. 5 Turamaze imyaka myinshi twemera ko ubuhanuzi buri muri Yoweli ikigabane ca 1 n’ica 2 bwerekeye igikorwa co kwamamaza turangura muri iki gihe. Ariko rero, hariho imvo zine zerekana igituma dukwiye guhindura uko twahora dutahura ibivugwa muri ico gice c’ubuhanuzi bwa Yoweli. None izo mvo ni izihe?

^ ing. 3 Nk’akarorero, raba ikiganiro kivuga ngo “Ubukerebutsi bwa Yehova burabonekera mu vyo yaremye,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2009, ing. 14-16.