Ivyahishuriwe Yohani 9:1-21
9 Umumarayika wa gatanu avuza urumbete rwiwe+. Nca mbona inyenyeri yari yakorokeye kw’isi ivuye mw’ijuru, maze ihabwa urupfunguruzo rw’icobo kija mu nyenga+.
2 Yuguruye ico cobo, haca havayo umwotsi umeze nk’umwotsi w’ifuru* nini, maze izuba n’ikirere bihinduka umwiza+ kubera uwo mwotsi.
3 Muri uwo mwotsi haca havamwo inzige maze zikwiragira kw’isi+, kandi zihabwa ububasha nk’ubwa sikorupiyo* zo kw’isi.
4 Zibwirwa kutagirira nabi ivyatsi vyo kw’isi canke ibiterwa bitoto canke igiti na kimwe, kiretse abantu badafise ikidodo c’Imana mu ruhanga rwabo+.
5 Izo nzige zihabwa ububasha bwo kubababaza amezi atanu ariko ntizibice, kandi ububabare zateza bwari bumeze nk’ubwa sikorupiyo+ igihe ikomoye umuntu.
6 Muri ico kiringo, abantu bazorondera urupfu ariko ntibazoruronka, bazokwipfuza gupfa ariko urupfu ruzobahunga.
7 Izo nzige zasa n’amafarasi yiteguriye intambara+. Zari zifise ibintu bimeze nk’ingori z’inzahabu ku mitwe yazo, mu maso hazo hasa n’ah’umuntu
8 kandi zari zifise imishatsi imeze nk’iy’abagore. Amenyo yazo yari ameze nk’ay’intambwe+,
9 kandi zari zifise ibikingira igikiriza bimeze nk’ivy’icuma. Urwamo rw’amababa yazo rwari rumeze nk’urwamo rw’imikogote ikwegwa n’amafarasi yiruka aja mu ntambara+.
10 Vyongeye, zifise imirizo iriko imboyi nk’iza sikorupiyo, kandi mu mirizo yazo ni ho hari ububasha bwo kubabaza abantu amezi atanu+.
11 Zifise umwami azigaba, akaba ari umumarayika w’inyenga+. Mu giheburayo yitwa Abadoni*, ariko mu kigiriki yitwa Apoliyoni*.
12 Icago kimwe kiraheze. Hari ibindi vyago bibiri+ bigira bize.
13 Umumarayika+ wa gatandatu avuza urumbete rwiwe+. Nca numva ijwi rivuye mu mahembe ya ca gicaniro c’inzahabu+ kiri imbere y’Imana,
14 maze ribwira wa mumarayika agira gatandatu afise urumbete riti: «Bohora ba bamarayika bane babohewe hafi ya rwa ruzi runini, ari rwo Efurate+.»
15 Abo bamarayika bane bari bateguwe ku bw’iyo saha, uwo musi, ukwo kwezi n’uwo mwaka, baca barabohorwa kugira bice ica gatatu c’abantu.
16 Igitigiri c’ingabo zirwanira ku mafarasi cari imiliyoni 200*. Narumvise igitigiri cazo.
17 Amafarasi nabonye mw’iyerekwa hamwe n’abayagenderako vyari bimeze uku: bari bambaye ibikingira igikiriza bifise ibara ritukura, irisa n’ubururu n’irisa n’umuhondo. Imitwe y’ayo mafarasi yari imeze nk’iy’intambwe+, kandi mu kanwa kayo havayo umuriro, umwotsi n’amazuku*.
18 Ica gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago bitatu, ni ukuvuga umuriro, umwotsi hamwe n’amazuku biva mu kanwa kayo.
19 Ububasha bw’ayo mafarasi buri mu minwa yayo no mu mirizo yayo, kuko imirizo yayo imeze nk’inzoka kandi iriko n’imitwe. Ivyo ni vyo aryanisha.
20 Ariko abantu basigaye batishwe n’ivyo vyago, ntibigaye ibikorwa vy’amaboko yabo. Babandanije gusenga amadayimoni n’ibigirwamana bikozwe mu nzahabu, ifeza, umujumpu, amabuye n’ibiti, ibigirwamana bidashobora kubona, kwumva canke gutambuka+.
21 Vyongeye, ntibigaye ubwicanyi bwabo, ubupfumu bwabo, ubusambanyi* bwabo canke ubusuma bwabo.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «w’itanure.»
^ Canke «utumina.»
^ Iryo zina risobanura ngo «uwutikiza.»
^ Iryo zina risobanura ngo «agatikizo.»
^ Canke «20.000 kugwiza 10.000.»
^ Ni ibintu bimeze nk’ifu vyaka cane. Mu gifaransa bavyita soufre.
^ Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.