BE MASO! Ruhuhuma 2015 | Bibiliya yoba igifise akamaro?

Raba ibintu bine Bibiliya yigisha vyerekana ko igifise agaciro nk’uko vyari igihe yandikwa.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Bibiliya yoba igifise akamaro?

Igihe Hilton yaja kwibana, abavyeyi biwe babona ko atazovayo. Igihe yagaruka iwabo haciye imyaka 12, yari amaze guhinduka cane ku buryo abavyeyi biwe vyabagoye kwemera ko ari we. Ni igiki catumye ahinduka?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ivyo ivuga ni kirumara kandi ntibita igihe—Kuvuga ukuri

Iyo Raquel yakira igiturire yari kuronka amahera menshi, ariko abona ko kucanka vyatumye aronka ikintu gihambaye gusumba amahera.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ivyo ivuga ni kirumara kandi ntibita igihe—Kwigumya

Ni igiki cafashije umugabo yitwa Cassius gutsinda ishavu rikaze yari afise?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ivyo ivuga ni kirumara kandi ntibita igiheKudahemuka

Umugore umwe yabonye akamaro ko kudahemukira uwo bubakanye abanje kwibonerako. Yoba yaragarukiye umubano wiwe?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ivyo ivuga ni kirumara kandi ntibita igiheUrukundo

Bibiliya irakunda kuvuga ivyerekeye urukundo, ariko ni gake iba ishaka kuvuga urukundo ruba hagati y’abadasangiye igitsina.

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Uko ivy’amagara vyifashe

Amakuru y’ibiheruka kuba arerekana ko ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’amagara ari ukuri.

Ubukerebutsi budukingira

Umugani umwe wo muri Bibiliya uvuga uti: “Incungu y’ubuzima bw’umuntu ni ubutunzi bwiwe, mugabo ntahonikora ntiyumvise uguhambarirwa.” Uwo mugani usobanura iki?

ICOFASHA UMURYANGO

Igihe umwana abajije ibijanye n’urupfu

Hari ibintu bine vyogufasha kumenya ingene wokwishura ibibazo umwana wawe akubaza n’ingene womufasha kuvyifatamwo neza iyo mubuze umuntu.

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA

Icatumye umupatiri ahindura idini

Soma iyi nkuru umenye ingene Antonio Della Gatta yashoboye kugiranira n’Imana ubucuti bwa hafi.

TWISUNZE BIBILIYA

Mesiya

Wari uzi yuko Bibiliya yari yaravuze ko Mesiya yopfuye atararangiza igikorwa yashinzwe?

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Amasunwa y’amababa y’inyoni zigurukira hejuru cane

Kuba abahinga mu vy’indege bariganye ibaba ry’inyoni vyatumye indege ziziganya amalitiro imiliyoni 7.600 y’igitoro mu mwaka umwe gusa.

Ibindi usanga kuri internet

Nukoreshe neza ubuhinga bwa none

Nuryoherwe no guhanahana amakuru n’abagenzi bawe kuri Internet, ariko ntiwijajare.

Gutanga biragutera umunezero

Hariho uburyo bwinshi bwo gutanga. Woshobora kwiyumvira bumwebumwe?