Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! RUHUHUMA 2015

 VYOBA VYARIYADUKIJE?

Amasunwa y’amababa y’inyoni zigurukira hejuru cane

Amasunwa y’amababa y’inyoni zigurukira hejuru cane

IGIHE indege iriko iraguruka, bituma ku masunwa y’amababa yayo haba imiyaga yizunguriza cane. Iyo miyaga ituma indege biyigora kunyaruka, bigaca biba ngombwa ko ikoresha igitoro cinshi. Ituma kandi indege ziyikurikiye zihungabana. Ni co gituma n’igihe indege iba igomba guhagurukira aho iyindi yahagurukiye, bisaba ko irindira hagaca umwanya uhagije kugira ngo iyo miyaga ibanze ihere.

Abahinga mu vy’indege baratoye uburyo bwo kugabanya ingorane ziterwa n’iyo miyaga. Uti ni ubuhe? Ni ukwongera ku mababa y’indege amasunwa ameze nk’amasunwa araba hejuru y’amababa y’inyoni zigurukira hejuru cane, nk’inkona, inyoni zo mu bwoko bw’ibisiga n’izo mu bwoko bw’agasozo.

Rimbura ibi: Igihe izo nyoni ziriko ziraguruka, amubi yo ku masunwa y’amababa yazo arigonda akaraba hejuru gushika abaye nk’ayashinze. Ivyo bituma izo nyoni zishobora kugurukira hejuru cane naho zitaba zashanje rwose amababa yazo. Bituma kandi zirushiriza kuguruka neza. Abahinga barahinguye amababa y’indege ameze nk’amababa y’izo nyoni. Igihe bayapima bakoresheje ubuhinga buhanitse, babonye yuko indege irushiriza kuguruka neza bagonze amasunwa ya nya mababa ku rugero bipfuza kandi bakayatumbereza neza mu buryo buhuje n’ingene umuyaga ugenda. Ubwo buhinga bwatumye ubushobozi bwo kuguruka neza bw’indege zo muri iki gihe bwongerekana ku rugero rw’ibice 10 kw’ijana canke birenga. Woba uzi igituma? Ayo masunwa yigonze aratuma ukwizunguriza kwa ya miyaga kugabanuka. Vyongeye, igitabu kimwe (Encyclopedia of Flight) kivuga yuko atuma indege igira ubushobozi bwo “kunesha ku rugero runaka inguvu umuyaga usanzwe ugira ku ndege iriko iraguruka.”

Ayo masunwa aratuma rero indege zigenda ikirere kirekire zidahagaze, zigatwara ibintu biremereye cane, zigakoresha igitoro gike, zikagira n’amababa magufi ku buryo zidakenera ikibanza kinini co guhagararamwo. Nk’akarorero, ikigo citwa NASA cavuze yuko mu 2010, kw’isi yose indege “zaziganije amalitiro imiliyoni 7.600 y’igitoro,” kandi zisohora ivyotsi bikeyi.

None uvyibazako iki? Ayo masunwa araba hejuru y’amababa y’inyoni zigurukira hejuru cane yoba yariyadukije? Canke hariho uwayakoze?