Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! RUHUHUMA 2015

 IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | ANTONIO DELLA GATTA

Icatumye umupatiri ahindura idini

Icatumye umupatiri ahindura idini

MU 1969, Antonio Della Gatta yarabaye umupatiri, arangije imyaka icenda yiga i Roma. Yahavuye aba umukuru w’iseminari iri hafi y’i Naples mu Butaliyano. Igihe yatwara iyo seminari, yaragize ubushakashatsi bwinshi yongera arazirikana cane, ashika ku ciyumviro c’uko idini rya Gatolika ridashingiye kuri Bibiliya. Yariganiye ikinyamakuru Be maso! utwigoro yagize arondera kumenya Imana.

Wotubwira ivyerekeye igihe wari ukiri umwana?

Navukiye mu Butaliyano mu 1943. Jewe n’abo tuvukana twakuriye mu kagwati gatoyi. Dawe yari umurimyi akaba n’umubaji. Abavyeyi bacu batwigishije kuba abagatolika b’ukuri.

Kubera iki washimye kuba umupatiri?

Nkiri umwana, vyarandyohera kwumviriza abapatiri bariko barigisha mw’isengero. Amajwi yabo yarandyohera cane, ngatangarira n’imigirwa bagira mw’isengero. Ivyo vyatumye nipfuza kuba umupatiri. Igihe nari mfise imyaka 13, mawe yarandungitse mw’ishure ry’indaro ryategura abana b’abahungu kugira baze banonosore ibijanye n’ubupatiri.

Boba barabigisha Bibiliya?

Si cane. Igihe nari mfise imyaka 15, umwe mu batwigisha yarampaye Injili, izivuga ibijanye n’ubuzima bwa Yezu n’igikorwa yaranguye. Narazisomye akatari gake. Mfise imyaka 18, naragiye i Roma kwiga ku makaminuza y’ivy’ubupatiri yari ahagarikiwe na pāpa. Narize ikilatini, ikigiriki, ivyigwa vya kahise, filozofiya, ivyigwa bijanye n’inyifato y’abantu hamwe na tewolojiya. Naho twasubiramwo imirongo yo muri Bibiliya tukongera tugasomerwa Bibiliya mu gihe c’insiguro zo ku wa mungu, mu vy’ukuri ntitwiga Bibiliya.

Wahavuye uba umukuru w’iseminari. Woba none warigisha?

Ahanini nari njejwe guhagarikira iseminari. Ariko narigisha ibijanye n’ingingo zapfunditswe mu Nama ya kabiri y’i Vatikano.

Ni igiki catumye utangura gukekeranya ku bijanye na Gatolika?

Hari ibintu bitatu vyamvuruga mu bwenge. Gatolika yarisuka muri politike. Yararenza uruho rw’amazi ku ngeso mbi zarangwa mu bakuru b’amaparuwase no mu bakirisu babo. Hari n’inyigisho zigishwa muri Gatolika nabona ko atari zo. Nk’akarorero, naribaza nti: ‘Imana y’urukundo ishobora gute guhana abapfuye imyaka yose? Imana yoba ishaka ko tuza turasubiramwo ibisabisho incuro amajana dukoresheje ishapure?’ *

Waciye ukora iki?

Narasenze Imana nkorora n’amosozi ndayisaba ngo inyereke ico nokora. Naraguze na Bibiliya y’abagatolika yitwa Bible de Jérusalem yari iherutse gusohorwa mu gitaliyano, nca ntangura kuyisoma. Hinge rero ku wa mungu umwe, ndiko ndamanika amakanzu yanje imisa irangiye, nje mbona abagabo babiri baje kw’iseminari. Bidondoye yuko ari Ivyabona vya Yehova. Twarayaze isaha irenga ku bijanye  na Bibiliya be n’ivyo ivuga ku biranga idini ry’ukuri.

None abo bashitsi wababonye gute?

Narakozwe ku mutima n’ingene bavugana ukujijuka kandi bagakoresha Bibiliya y’abagatolika bitabagoye. Mu nyuma, hari ikindi Cabona ca Yehova yitwa Mario yatanguye kuza arangendera. Yari umuntu yihangana kandi yubahiriza isango. Imisi yose ku wa gatandatu mu gitondo, uko ikirere caba cifashe kwose, isaha zitatu ntizamutanga kw’iseminari.

None abandi bapatiri babibona gute?

Narabatumiye mu biyago vyacu, ariko nta n’umwe muri bo yabona ko kwiga Bibiliya bihambaye. Ariko jewe kuyiga vyarampimbara. Nariko ndamenya ibintu vyiza igitangaza, nk’igituma Imana ireka hakabaho ubukozi bw’ikibi n’imibabaro, ico kikaba ari ikintu camye kimvuruga mu bwenge.

Abagukurira boba baragerageje kukubuza kwiga Bibiliya?

Mu 1975, naragiye i Roma akatari gake gusigura ukuntu nabona ibintu. Abankurira baragerageje kunkuramwo ivyiyumviro nari mfise, ariko nta n’umwe yakoresheje Bibiliya. Amaherezo ku wa 9 Nzero 1976, narandikiye Roma ndayimenyesha ko ntakiri umugatolika. Haciye imisi ibiri, naravuye mw’iseminari nca nurira igariyamoshi kugira nitabe ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere. Nasanze ari ikoraniro rinini ryahuza amashengero yabo menshi. Ivyo nahabonye vyari bitandukanye n’ivyo nari menyereye. Icabona ca Yehova wese yari afise Bibiliya kandi yarakurikira yitonze abantu batandukanye baja imbere kwigisha.

None mu muryango iwanyu babibonye gute?

Benshi muri bo barandwanije bivuye inyuma. Ariko nahavuye nsanga hari mwene wacu umwe yiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova mu ntara yitwa Lombardie yo mu buraruko bw’Ubutaliyano. Naragiye kumuraba, maze Ivyabona vya Yehova baho baramfasha kuronka akazi n’aho mba. Nahavuye mbatizwa muri uwo mwaka nyene, mba Icabona ca Yehova.

Ubu ndumva vy’ukuri ko mfitaniye n’Imana ubucuti bwa hafi

Woba wicuza?

Habe namba! Ubu ndumva vy’ukuri ko mfitaniye n’Imana ubucuti bwa hafi, kubera ko ivyo nzi ku biyerekeye bidashingiye ku vyiyumviro vy’abantu canke ku nyigisho z’idini ahubwo bishingiye kuri Bibiliya. Vyongeye, ndashobora kwigisha abandi ata gukekeranya kandi mu kuri.

^ ing. 13 Bibiliya iratanga inyishu zitomoye kuri ivyo bibazo no ku bindi vyinshi. Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA.