Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KUBERA IKI WOBANDANYA KUBAHO?

Kubera ko ibintu bihinduka

Kubera ko ibintu bihinduka

“Turatunatunwa mu buryo bwose, mugabo ntitubura isaganirizo; turazazanirwa, mugabo ntitubura rwose icanzo.”2 ABAKORINTO 4:8.

Hari abavuze ko kwiyahura ari nko kuvura ukumeneka umutwe mu kuwuca. Naho vyosa n’ibigoye kwemera, ikintu kidutera umubabaro, mbere n’icoba gisa n’ikidashobora gutorerwa umuti, kirashobora kumara igihe kinaka gusa. Kirashobora no guhinduka tugatora akoyoko tutari tuvyiteze.—Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Ivyabo vyarahindutse.”

Naho ibintu bitoca bihinduka, vyoba vyiza urondeye gutorera umuti ingorane z’umusi umwumwe ukwawo. Yezu yavuze ati: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Ububi bw’umusi umwumwe wose buramaze.”Matayo 6:34.

Bite ho mu gihe ingorane ufise zidashobora guhinduka? Nk’akarorero, dufate ko urwaye indwara idakira canke ko ikigutera kwihebura ari ikintu kidashobora guhinduka, nk’ukwahukana canke ukubura uwawe.

No muri ico gihe, hariho ico uba ushoboye guhindura, na co akaba ari ukuntu ubona iyo ngorane. Wize kwihanganira ico kintu udashobora guhindura, birashobora gutuma urushiriza kubona ibintu mu buryo bwiza. (Imigani 15:15) Birashobora no gutuma urondera uburyo wovyifatamwo neza aho kugitorera umuti mu kwiyahura. Ivyo bizovamwo iki? Ubigenjeje gutyo, uzoba utanguye kwirwanako naho iyo ngorane udashobora kuyitorera umuti.Yobu 2:10.

NIWIBUKE IKI KINTU: Ntushobora kuduga umusozi mu gutera intambwe imwe gusa, ariko urashobora kuwuduga intambwe ku yindi. Ni ko biri no ku ngorane ziguhanze, naho womengo ni umusozi wose.

ICO USHOBORA GUKORA UBU: Nugire uwo ubiyagiye, kumbure umugenzi canke uwo mu muryango. Hari aho yogufasha kubona ingorane yawe mu buryo buri ku rugero.Imigani 11:14.