Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Be maso!  |  Ndamukiza 2014

Udukuru tw’irya n’ino

Udukuru tw’irya n’ino

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Igisagara ca Los Angeles muri Kaliforniya, carashizeho ubuhinga butuma amatara yaco yose ayobora uruja n’uruza rw’imiduga akorera hamwe, akaba ari amatara hafi 4.500 akwiragiye ku buringanire bw’ibilometero kwadarato nka 1.215. Ikinyamakuru The New York Times kivuga ko igisagara ca Los Angeles ari co “gisagara ca mbere kinini gikoze ico kintu.”

Kw’isi yose

Icigwa kimwe cagizwe kw’isi yose ku bijanye n’amagara y’abantu cerekanye ko hagati ya 1990 na 2010 habaye iyongerekana ry’ibice 82 kw’ijana vy’abavyibushe birenze urugero. Naho mu bihugu vyinshi hakiri ingorane y’ukudafungura bikwiye, usanga abicwa n’ukugira ibilo birenze baruta incuro zirenga zitatu abicwa n’ugufungura nabi. Tuvugishije ukuri, nk’uko vyavuzwe n’umwe mu bagize uruhara runini muri ico cigwa yitwa Majid Ezzati, “haheze imyaka 20 tuvuye mw’isi yarangwa n’ubukene bw’ibifungurwa twinjira mw’isi irimwo ibifungurwa bituma turwara kubera ari vyinshi birenze urugero canke bibangamira amagara, mbere no mu bihugu biriko biratera imbere.”

Mw’izinga rya Midway

Inyoni yitwa albatros de Laysan, iyivugwa ko ari yo “nyoni yo mw’ishamba ya kera kuruta izindi zose,” yaraberaguye uwundi muswi wiyongera ku yindi myinshi ifise. None iyo nyoni ifise imyaka ingahe? Yatanguye kwambikwa akantu gafasha abahinga kuyikurikirana mu 1956 igihe yari ifise n’imiburiburi imyaka itanu, ubu ikaba rero ifise iyirenga 60. Mu buzima bwayo bwose imaze kuguruka ibilometero biri hagati y’imiliyoni 3 na 4, bikaba bingana n’ukugenda ku kwezi uvuye kw’isi ukagaruka, incuro ziri hagati ya zine na zitandatu.

Muri Afrika y’Epfo

Icigwa kimwe cerekana yuko ica gatatu c’abakenyezi bo muri Afrika y’Epfo bakoresha amavuta n’amasabuni bihindura ibara ry’urukoba barondera inzobe. Mwene ivyo bintu birimwo akaga, kandi ibihugu bimwebimwe biramaze kubibuza. Zimwe mu ngeramizi zavyo ni uko bitera kanseri zitandukanye, bikonona amafyigo, bigatera akabonge, amaganya, amahere n’ibikovu.