Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! NDAMUKIZA 2014

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KUBERA IKI WOBANDANYA KUBAHO?

Kubera ko hariho icizigiro

Kubera ko hariho icizigiro

“Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”ZABURI 37:11.

Bibiliya ubwayo iravuga ko ubuzima “[bw]uzuye umudugararo.” (Yobu 14:1) Muri iki gihe, twese turashikirwa n’ivyago bitandukanye. Ariko bamwebamwe barihebura rwose, bakabona ko ata kizohinduka, ko ata kazoza keza bokwitega. Kwoba ari ko nawe wiyumvira? Nimba ari ko wiyumvira, numenye ko Bibiliya itanga icizigiro nyakuri ku bikwerekeye no ku vyerekeye umuryango wose w’abantu. Nk’akarorero:

  • Bibiliya yigisha ko Yehova Imana yatwipfuriza ubuzima bwiza cane.Itanguriro 1:28.

  • Yehova Imana asezerana ko azotuma isi yacu iba Iparadizo.Yesaya 65:21-25.

  • Uwo muhango uzoranguka ata kabuza. Mu Vyahishuwe 21:3, 4 havuga hati:

    “Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba ibisata vyayo. Kandi Imana ubwayo izobana na bo. Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”

Ico cizigiro si indoto. Yehova Imana afise umugambi wo kugishitsa. Aripfuza kubigira kandi arafise ububasha bwo kubigira. Icizigiro Bibiliya itanga ni ic’ukuri kandi kiratuma ugira imvo ikomeye yo kubandanya kubaho.

NIWIBUKE IKI KINTU: Naho ukuntu wiyumva gushobora guhungabana nka kurya kw’ubwato mu kiyaga cahumaganye, ubutumwa bw’icizigiro Bibiliya itanga burashobora kukubera nk’inanga ituma utekana.

ICO USHOBORA GUKORA UBU: Nutangure gutohoza ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’icizigiro nyakuri cerekeye kazoza. Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha. Urashobora kubarondera aho iwanyu canke ukaronka amakuru ngirakamaro ku muhora wabo wo kuri Internet, ari wo jw.org. *

^ par. 11 Inama tukugiriye: Ja kuri jw.org urabe ahavuga ngo IVYASOHOWE > ICEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET. Uhageze, niwandikemwo ijambo “akabonge” canke “kwiyahura” kugira uronke ivyogufasha.

Raba n'ibindi

Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

Bibiliya iriko irafasha abantu amamiliyoni kw’isi yose kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye cane mu buzima. Woba nawe wobishima?

Bibiliya yoba ishobora kumfasha nishwe n’umubabaro?

Hariho ibintu bitatu Imana itanga ibikunze bidufasha igihe dufise umubabaro.

Iyo nkuru nziza ni iyihe?

Numenye iyo nkuru nziza iva ku Mana iyo ari yo, igituma vyihutirwa ko abantu bumva iyo nkuru, be n’ico ukwiye gukora.