Abami ba mbere 19:1-21

  • Eliya ahunga kubera ishavu rya Yezebeli (1-8)

  • Yehova avugana na Eliya i Horebu (9-14)

  • Eliya asabwa kugena Hazayeli, Yehu na Elisha (15-18)

  • Elisha agenwa ngo azosubirire Eliya (19-21)

19  Maze Ahabu+ yiganira Yezebeli+ ivyo Eliya yakoze vyose n’ingene yicishije inkota abahanuzi bose+.  Yezebeli aca arungika intumwa kuri Eliya ati: «Ejo nk’aya mango nintakugira nk’uko wagize umwe wese* muri abo bahanuzi, imana zizobimpanire bimwe bikomeye!»  Eliya aca agira ubwoba maze arahunga ngo akize amagara+. Ashika i Beri-Sheba+ mu Buyuda+ ahasiga umusuku wiwe.  Aca afata urugendo rw’umusi umwe ashika mu bugaragwa, yicara munsi y’agati k’umurotemu* maze yisabira gupfa. Avuga ati: «Yehova, birandambiye! Ndagusavye unkureho+ kuko ntaruta ba sogokuruza banje.»  Aca araryama, asinzirira munsi ya nya gati k’umurotemu. Mugabo aja yumva umumarayika amukozeko+ amubwira ati: «Vyuka urye+  Yikanguye abona iruhande y’umutwe hari agakate kiburungushuye gateretse ku mabuye ashushe n’ikarabo ry’amazi. Ararya aranywa, aca asubira kuryama.  Mu nyuma wa mumarayika wa Yehova aragaruka amukorako maze amubwira ati: «Vyuka urye, ahandiho urugendo rurerure rukurindiriye rwohava rukunanira.»  Nuko aravyuka, ararya aranywa maze agira urugendo rw’imisi 40 n’amajoro 40 abikesheje izo mfungurwa. Aragenda gushika ku musozi w’Imana y’ukuri witwa Horebu+.  Ahageze yinjira mw’isenga+ ararayo. Aza yumva Yehova amubajije* ati: «Uriko ukora iki ng’aha ga Eliya?» 10  Eliya yishura ati: «Ewe Yehova Mana Nyeningabo, nagukoreye n’umwete+ mwinshi kuko Abisirayeli bahevye isezerano ryawe+, ibicaniro vyawe bakabisambura, abahanuzi bawe na bo bakabicisha inkota+. Ni jewe jenyene nsigaye, none bariko barondera kunyica+ 11  Mugabo Imana ivuga iti: «Sohoka uhagarare ku musozi imbere yanje jewe Yehova.» Maze Yehova ararengana+. Ariko ararengana, haza umuyaga mwinshi kandi ukomeye. Uwo muyaga usatura imisozi umenagura n’ibitandara imbere ya Yehova+. Ariko Yehova ntiyari muri uwo muyaga. Inyuma y’uwo muyaga haba nyamugigima+. Ariko Yehova ntiyari muri iyo nyamugigima. 12  Inyuma y’iyo nyamugigima haza umuriro+. Ariko Yehova ntiyari muri uwo muriro. Uwo muriro umaze kurengana haca humvikana ijwi ritekanye, ryo hasi+. 13  Eliya akimara kwumva iryo jwi, aca yipfuka impuzu* yiwe mu maso+ araheza arasohoka, ahagarara ku bwinjiriro bwa nya senga. Iryo jwi rica rimubaza riti: «Uriko ukora iki ng’aha ga Eliya?» 14  Eliya yishura ati: «Ewe Yehova Mana Nyeningabo, nagukoreye n’umwete mwinshi kuko Abisirayeli bahevye isezerano ryawe+, ibicaniro vyawe bakabisambura, abahanuzi bawe na bo bakabicisha inkota. Ni jewe jenyene nsigaye, none bariko barondera kunyica+ 15  Nuko Yehova amubwira ati: «Subira inyuma uje mu bugaragwa* buri hafi y’i Damasiko. Niwashikayo uze ugene* Hazayeli+ abe umwami wa Siriya. 16  Yehu umwuzukuru wa Nimushi uze umurobanuze amavuta+, abe umwami wa Isirayeli. Elisha* mwene Shafati w’i Abeli-Mehola na we uze umugene* abe umuhanuzi mu kibanza cawe+. 17  Uwuzokira inkota ya Hazayeli+, Yehu azomwica+, uwuzokira inkota ya Yehu na we Elisha azomwica+. 18  Kandi ndacafise abantu 7.000+ muri Isirayeli batapfukamiye Bayali+ canke ngo bayisome+ 19  Eliya aca ava ng’aho aragenda, asanga Elisha mwene Shafati ariko ararimisha inka. Imbere yiwe hari impfizi 24 zifatanijwe ari zibirizibiri, we akaba yariko ararimisha zibiri za nyuma. Eliya aca amusanga iyo ari, amutererako ya mpuzu* yiwe+. 20  Elisha aca asiga nya mpfizi, yiruka inyuma ya Eliya amubwira ati: «Nkundira mbanze nje gusezera* dawe na mawe, mpeze ndagukurikire.» Eliya aca amwishura ati: «Genda ubasezere. Ugira nakubujije?» 21  Nuko Elisha asubira inyuma maze afata impfizi zibiri, azitangako ikimazi. Ibiti vyafatanya izo mpfizi n’igiti cari kw’isuka zarimisha, arabicana kugira ateke inyama zazo, araheza aziha abantu bararya. Hanyuma arahaguruka akurikira Eliya, atangura kumukorera+.

Utujambo tw'epfo

Canke «nintagira ubuzima bwawe nk’uko wagize ubuzima bw’umwe wese.»
Ni agati ko mu bugaragwa.
Mu giheburayo havuga ngo «ijambo rya Yehova riza kuri we.»
Canke «impuzu y’abahanuzi.»
Canke «urobanuze amavuta.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «umurobanuze amavuta.»
Iryo zina risobanura ngo «Imana ni ubukiriro.»
Canke «impuzu y’abahanuzi.»
Mu giheburayo havuga ngo «nsome.»