BE MASO!
Ndamukiza 2014 | Kubera iki wobandanya kubaho? —Imvo zitatu zotuma ubandanya kubaho
Woba umaze kwiyumvira kwiyahura? Woba uzi umuntu amaze kuvyiyumvira? Kumenya imvo yotuma umuntu abaho birashobora kugira ico bihinduye mu buzima bwiwe.
Udukuru tw’irya n’ino
Muri utwo dukuru harimwo utwerekeye: igisagara cashizeho ubuhinga butuma amatara yaco yose ayobora uruja n’uruza rw’imiduga akorera hamwe, ikintu cageramiye amagara cane gusumba ugufungura nabi, n’inyoni y’imyaka irenga 60 yaberaguye umuswi.
ICOFASHA UMURYANGO
Ivyogufasha kwemera gukosorwa
Guhanurwa canke gukosorwa bishobora gute kugufasha n’igihe biba bibabaza?
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Kubera iki wobandanya kubaho?
Ni igiki gishobora gutuma umuntu abona urupfu nk’umugenzi?
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Kubera ko ibintu bihinduka
Naho ingorane ufise idashobora guhinduka, hariho ico ushobora guhindura.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Kubera ko hariho ivyogufasha
Hari ibintu 3 bishobora kugufasha kubandanya kubaho.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Kubera ko hariho icizigiro
Kurya kw’umuco umurika mu mwiza, icizigiro kirashobora gutuma utihebura igihe uri mu ngorane.
IKIGANIRO TWAGIRANYE NA
Umushakashatsi asigura icatumye yemera Imana
Frédéric Dumoulin yarashegeshwe n’amadini aca areka kwemera Imana. Kwiga Bibiliya no kwihweza ingene ibinyabuzima bimeze vyamujijuye gute ko hariho Umuremyi?
IBIHUGU N’ABABIBAMWO
Tuje muri Kamboje
Kubera iki abantu batari bwigere babonana bitana ngo mwenewacu, mushikanje, senge, datawacu, sogokuru canke nyogokuru?
TWISUNZE BIBILIYA
Amacakubiri ashingiye ku moko
Amoko yose yoba angana? Amacakubiri ashingiye ku moko yoba azoteba agahera?
VYOBA VYARIYADUKIJE?
Ibaba ry’ikinyugunyugu
Ibaba ry’ikinyugunyugu morpho bleu riboneka ko rinyerera mugabo ririko utuntu tubonwa hakoreshejwe gusa icuma rugagamisha. Utwo tuntu dufasha iki?
Ibindi usanga kuri internet
Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye n’ukurungikiranira ibiterasoni kuri telefone?
Woba uriko uragirwako umukazo wo kurungikiranira ibiterasoni kuri telefone? Ni ingaruka izihe ziva ku kubigira? Kwoba ari ukumenyerana mu vy’urukundo ata co gutwaye?
Wokora iki igihe hari uwugutoteza?
Benshi mu batotezwa bumva ko batagira gitabara. Iki kiganiro kirasigura icokorwa kugira ibintu birushirize kugenda neza.
Umugenzi nyakuri ameze gute?
Biroroshe ko uronka abagenzi b’indyadya; none woronka gute umugenzi nyakuri?

