Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gasuku y’ubururu n’umuhondo. Ishobora kureha na santimetero 85

Gasuku ziteye igomwe

Gasuku ziteye igomwe

INYONI nyinshi ziragurutse zivuye mw’ishamba, maze ugiye ubona amabara meza cane! Ico kintu giteye igomwe carakoze ku mutima Abanyaburaya batanguye gushika muri Amerika yo hagati n’iy’epfo kuva mu mpera y’ikinjana ca 15. Izo nyoni babonye zari izitwa gasuku. Bidatevye amashusho y’izo nyoni ziryoheye ijisho yarashizwe ku makarata y’utwo turere dushasha twiza cane twaheruka kwuburwa.

Izo nyoni ingabo n’ingore usanga zose zifise amabara akeye cane, akaba ari ikintu kitamenyerewe mu zindi nyoni z’amabara mezameza. Ikindi na co gasuku ni inyoni zifise amajwi ashika kure, ziciye ubwenge kandi ziba mu migwi. Ziva mu vyari vyazo hakiri kare mu gitondo zishika nka 30, zikaja kurondera intete, ivyamwa be n’ibindi bintu zifungura. Akenshi zifatisha ibifungurwa inzara, zigaca ziza zirasemura n’umunwa wazo munini wigonze. Zirashobora no kumena imise. Zimaze gufungura, kenshi zica zija ku misozi ihanamye hejuru y’ibiyaga canke ku nkombe z’uruzi kurya ibumba. Ivyo birazifasha kwica ubumara buri mu bintu ziba zariye bikongera bikazironsa n’ibindi vyunyunyu zikeneye.

“Ikintu cose [Imana] yakigize ciza mu gihe caco.”Umusiguzi 3:11

Muri rusangi ingore n’ingabo bibana ubuzima bwose kandi zirafashanya mu kurera ivyana. Izo nyoni zubaka ivyari mu bitoboro vy’ibiti, mu binogo biri ku nkengera z’uruzi no mu migina y’imiswa, canke mu myobo n’imigaga y’imisozi ihanamiye ibiyaga aho ushobora kuzibona ziriko ziratosorana. Naho ku mezi atandatu icana kiba kimaze gukura, kiguma kibana n’abavyeyi baco gushika nko ku myaka itatu. Gasuku zo mw’ishamba zimara imyaka iri hagati ya 30 na 40, ariko izitunzwe zirashobora no kurenza imyaka 60. Izo nyoni ziri ubwoko nka 18, zimwe muri zo zikaba zerekanywe hano.

Gasuku y’amababa asa n’urwatsi rubisi, yitwa kandi gasuku itukura ikongera igasa n’urwatsi rubisi. Ishobora kureha na santimetero 95

Gasuku y’agahama. Ishobora kureha na santimetero 85

Gasuku y’ubururu. Ishobora kureha n’imetero. Ni yo iruta izindi zose ikaba ishobora gupima ikilo n’amagarama 300