Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOHANI 20-21

“Urankunda kurusha izi?”

“Urankunda kurusha izi?”

21:1-19

Mu bihe vya Bibiliya, abarovyi b’abanyamwete, bihangana kandi barindirako ni bo baronka amafi menshi. (w12 1/8 18-20) Izo kamere zofashije Petero kuroranirwa mu gikorwa co kuroba abantu. Ariko rero, Petero yari akeneye guhitamwo ico yoshira imbere hagati y’umwuga wiwe wo kuroba yakunda cane be n’igikorwa co kugaburira abayoboke ba Yezu mu buryo bw’impwemu.

Ni ibiki woba warahinduye kugira ushire ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere?