Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

19-25 Munyonyo

IVYAKOZWE 4-5

19-25 Munyonyo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

  • Bagumye bavuga Ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi”: (Imin. 10)

    • Ivk 4:5-13​—Naho Petero na Yohani bari “abantu batize kandi basanzwe,” ntibaretse kuburanira ukwizera kwabo imbere y’abatware be n’abanditsi (w08 1/9 15, uruzitiro; w08 15/5 30 ing. 6)

    • Ivk 4:18-20​—Naho Petero na Yohani batewe ubwoba, ntibahevye kwamamaza

    • Ivk 4:23-31​—Abakirisu bo mu kinjana ca mbere biheka ku mpwemu ya Yehova kugira baronke ubutinyutsi (it-1 141 ing. 1)

  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)

    • Ivk 4:11​—Ni mu buryo ubuhe Yezu ari ibuye ry’“umutwe w’imfuruka”? (it-2 591 ing. 2)

    • Ivk 5:1​—Kubera iki Ananiya na Safira bagurishije itongo ryabo? (w13 1/3 15 ing. 3)

    • Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?

    • Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

  • Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Ivk 5:27-42

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

  • Mugihura: (Imin. 2 canke idashika) Hera ku gace bijanye k’ingene twotanguza ibiyago. Uwo muntu aravuga ikintu cohagarika ikiyago gikunda kuvugwa aho iwanyu.

  • Usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 3 canke idashika) Hera ku gace bijanye k’ingene twotanguza ibiyago. Uwo muntu akubwiye ko atari umukirisu.

  • Akavidewo ka usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 5) Nimurabe ako kavidewo mwongere mukaganireko.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

  • Ururirimbo rwa 82

  • Ivyiza biriko birava ku gukoresha ka kantu k’amapine kw’isi yose”: (Imin. 15) Ikiganiro co guhana ijambo gitangwa n’umucungezi w’umurimo. Erekana iyo videwo. Nimba ishengero ryanyu ryamamaza ku mugaragaro rikoresheje akameza canke akantu k’amapine, kerekane. Nuvuge ingene bitunganijwe aho iwanyu. Umwanya ubikunze, nuvuge ikintu ciza cabaye muriko muramamaza ku mugaragaro canke kigirwe mu buryo bw’agakino. Sigura ingene abamamaji bogira uruhara muri ico gikorwa.

  • Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 43 ing. 8-18

  • Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)

  • Ururirimbo rwa 64 n’isengesho