Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ivyiza biriko birava ku gukoresha ka kantu k’amapine kw’isi yose

Ivyiza biriko birava ku gukoresha ka kantu k’amapine kw’isi yose

Mu Vyakozwe ikigabane ca 5 herekana ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere baja ku rusengero kubwira abantu inkuru nziza, ico kikaba cari ikibanza cahuriramwo abantu benshi. (Ivk 5:19-21, 42) Muri iki gihe, turamaze kuronka ivyiza vyinshi kubera kwamamaza mu bibanza bihuriramwo abantu benshi dukoresheje ka kantu k’amapine.

RABA IVIDEWO IVUGA NGO IVYIZA BIRIKO BIRAVA KU GUKORESHA KA KANTU K’AMAPINE KW’ISI YOSE, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Kwamamaza dukoresheje akantu k’amapine vyatanguye ryari kandi gute?

  • Ka kantu k’amapine gafise ivyiza ibihe ukagereranije n’akameza?

  • Inkuru ya Mi Jung You itwigisha iki?

  • Inkuru ya Jacob Salomé yerekana gute akamaro ko kwamamaza dukoresheje akantu k’amapine?

  • Inkuru ya Annies n’umugabo wiwe itwigisha iki mu bijanye no gukoresha ka kantu k’amapine mu buryo ngirakamaro?