Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGICE CA KABIRI

Amaganya: “Turatunatunwa mu buryo bwose”

Amaganya: “Turatunatunwa mu buryo bwose”

“Inyuma y’imyaka 25 twubakanye n’umunega wanje, twarahukanye. Abana banje barahevye ukuri. Naragize ingorane zikomeye z’amagara. Naciye ndwara akabonge. Wamenga isi yose yanguyeko kandi nabona ko ntagishoboye kuvyihanganira. Narahagaritse kuja ku makoraniro, nca ndahororokerwa.”​—June.

ABANTU bose baragira amaganya, mbere n’abasavyi b’Imana. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: ‘Ivyiyumviro bidurumbanya [canke, “amaganya”] vyabaye vyinshi muri jewe.’ (Zaburi 94:19) Kandi Yezu yavuze ko mu gihe c’iherezo, “amaganya y’ubuzima” yotumye canecane bigora gusukurira Yehova. (Luka 21:34) Ivyawe vyifashe gute? Woba wumva warengewe n’ingorane z’ivy’ubutunzi, ingorane zo mu muryango, canke ingorane z’amagara? Yehova yogufasha gute kuvyihanganira?

“Ububasha burengeye ubusanzwe”

Ntidushobora kwihanganira amaganya hatagize uwudufasha. Intumwa Paulo yanditse ati: ‘Turatunatunwa mu buryo bwose, turazazanirwa, turakubitwa hasi.’ Yamara yongeyeko ati: ‘Ntitubura isaganirizo, ntitubura rwose icanzo, ntidutikizwa.’ Ni igiki kidufasha kwihangana? “Ububasha burengeye ubusanzwe,” ububasha buva ku Mana yacu Mushoboravyose Yehova.​—2 Abakorinto 4:7-9.

Nuzirikane ku kuntu muri kahise waronse “ububasha burengeye ubusanzwe.” Woba wibuka ukuntu insiguro iremesha yatumye urushiriza gukenguruka urukundo rudahemuka rwa Yehova? Igihe waba uriko urigisha abandi icizigiro c’Iparadizo, ntiwumva urushirije kwizera imihango ya Yehova? Iyo twitavye amakoraniro ya gikirisu n’iyo tubwiye abandi ibijanye n’ukwizera kwacu, turaronka inkomezi zidufasha kwihanganira amaganya y’ubuzima kandi turaronka amahoro yo mu mutima adufasha gukorera Yehova dufise umunezero.

“Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe”

Mu vy’ukuri, vyoshika ukumva ubuze ico ufata n’ico ureka. Nk’akarorero, Yehova adusaba kubanza kurondera Ubwami no kuguma dufise urutonde rwiza rw’ivy’impwemu. (Matayo 6:33; Luka 13:24) Ariko, bite ho hamwe uruhamo, indwara, canke ingorane zo mu muryango vyotuma udashobora gukora vyinshi? Canke bite ho igihe akazi k’umubiri kagutwaye umwanya n’inguvu wari gukoresha mw’ishengero? Ufise ibintu vyinshi usabwa ariko ukaba ata mwanya canke inguvu ufise zo kubikora, woshobora guca wumva urengewe. Hari aho mbere woba umaze kwibaza nimba Yehova atoba agusaba ibikurengeye.

Yehova aradutahura. Ntiyigera adusaba ibirenze ivyo dushoboye. Kandi arazi neza ko bifata igihe kugira ngo dusubirane igihe tuba twamerewe nabi ku mubiri canke mu nyiyumvo.​—Zaburi 103:13, 14.

Nk’akarorero, raba ukuntu Yehova yitwararitse umuhanuzi Eliya. Igihe Eliya yacika intege akagira n’ubwoba ku buryo aca ahungira mu gahinga, Yehova yoba yaciye ahambarira uwo muhanuzi akamutegeka gusubira ku gikorwa? Habe namba. Incuro zibiri Yehova yararungitse umumarayika kuvyura Eliya buhorobuhoro no kumuha ibifungurwa. Naho vyagenze gutyo, n’inyuma y’imisi 40 Eliya yari agifise amaganya n’ubwoba. Ni ikindi kintu ikihe Yehova yakoze kugira amufashe? Ubwa mbere, Yehova yarerekanye ko ashobora kumukingira. Ubwa kabiri, Yehova yarahumurije Eliya akoresheje “ijwi ritekanye, ryo hasi.” Ubwa nyuma, Yehova yaramuhishuriye ko hariho abandi basavyi b’Imana b’intahemuka ibihumbi. Budakeye na kabiri, Eliya yari yasubiye kuba umuhanuzi w’umunyamwete. (1 Abami 19:1-19) Icigwa ni ikihe? Igihe Eliya yarengerwa n’amaganya, Yehova yamufatanye ukwihangana n’ikibabarwe. Yehova ntiyahindutse. Aratwitwararika muri ubwo buryo nyene.

Igihe wiyumvira ivyo woha Yehova, niwiyumvire ivyo ushoboye. Ntugereranye ivyo ukora ubu n’ivyo wakora kera. Tubitangire akarorero: Umwirutsi amaze amezi canke imyaka yarahagaritse kwimenyereza, asubiye kwiruka ntashobora guca ubwo nyene yiruka kuri wa muvuduko yahorana. Ahubwo, abanza kwishingira imigambi mitomito ituma agira inkomezi n’ukwihangana. Abakirisu bameze nk’abirutsi. Bimenyereza bafise ku muzirikanyi umugambi utomoye. (1 Abakorinto 9:24-27) Ubona gute wishingiye umugambi wo mu vy’impwemu ubona ko woshobora guca ushikako ubu? Nk’akarorero, wokwishingira umugambi wo kwitaba ikoraniro kanaka. Nusabe Yehova agufashe gushikira uwo mugambi. Uko uzosubirana intege mu vy’impwemu, ni ko ‘uzohonja, ukabona ko Yehova aryoshe.’ (Zaburi 34:8) Niwibuke ko ikintu cose wokora kugira werekane ko ukunda Yehova, naho coba gisa na gitoyi, gifise agaciro kuri we.​—Luka 21:1-4.

Yehova ntiyigera adusaba ibirenze ivyo dushoboye

“Indemesho nari ndindiriye”

Yehova yafashije gute June kugira amugarukeko? Atubwira ati: “Nagumye nsenga Yehova ndamusaba ngo amfashe. Mu nyuma umukazana wanje yarambwiye ko hariho iteraniro rizobera mu gisagara iwacu. Narafashe ingingo yo kwitaba iryo teraniro, ariko nkaryitaba umusi umwe. Ntiworaba ukuntu nanezerewe no gusubira kwifatanya n’abasavyi ba Yehova! Iryo teraniro yari yo ndemesho nari ndindiriye. Ubu ndahimbawe no kuba narasubiye gukorera Yehova. Ubuzima bwanje bwararushirije kugira intumbero. Ubu kuruta ikindi gihe cose, ndatahura ko ntakwiye kwigungira ukwanje. Ndakenguruka kuba nararonse akanya ko kugaruka.”