Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Aho baba

Aho baba

Ukuntu abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari babayeho

Aho baba

“[Si]naretse . . . kubigisha ku mugaragaro be no mu nzu no mu yindi.”​—IBIKORWA 20:20.

URINJIYE uciye mu muryango amahero wo kw’irembo, uciye ubwo nyene ushika mu gisagara co mu kinjana ca mbere. Cokimwe n’ibindi bisagara vyinshi, ico gisagara kiri ku musozi. Haruguru yawe hari umusozi, uriko igisagara gitaramutse. Amazu atari make maninimanini kandi mezameza yera, menshi akaba afise ubusitani buzitiye, araca ibibatsi kubera izuba. Aho ni ho abatunzi baba. Ku ntango y’uwo musozi, urahabona ayandi mazu menshi atandukanye mu bunini no mu mero. Ayo mazu maninimanini y’amagorofa menshi yubakishijwe amabuye, yegukira abadandaza babayabaye n’abantu babayabaye bafise amatongo, akaba ari hirya no hino y’amabarabara ashashwemwo amabuye. Urushirije kumanuka epfo mu kabande, hari uturere tubamwo ba nyarucari. Hari utuzu tubitubi kandi dutoduto, tukaba dufise imero nk’iyisandugu kandi usanga turundanye ku tuyira dutoduto canke ugasanga turi mu tugwitugwi hirya no hino y’imbuga ntonto.

Uko ujana ayo mabarabara arimwo uruja n’uruza, amajwi be n’utumoto wumva biratuma umenya ibiriko biraba. Abagore baba bariko barateka, ivyo bigatuma mu micungararo hakwiragira utumoto dutuma umuntu amiramitwa. Urumva amajwi y’ibikoko be n’ay’abana bariko barakina. Abagabo usanga bariko barakora cane mu maduka arimwo urwamo n’akamoto kabi.

Ku bagize imiryango y’abakirisu, izo nzu ni zo zakorerwamwo ibintu vyose. Ni zo bakoreramwo udukorwa twa misi yose, bakazigiramwo ibijanye n’ivy’Imana bakongera bakazisengeramwo.

Utuzu dutoduto Cokimwe n’amazu yo muri kino gihe, amazu babamwo yari atandukanye mu bunini no mu mero bivanye n’aho ari be n’uburyo umuryango waba ufise. Utuzu dutoduto cane (1) twaba tugizwe n’icumba kimwe kandi gitoyi kitarimwo umuco, akaba ari co umuryango wose wabamwo. Utuzu dutoduto twinshi twaba twubakishijwe amatafari y’ivyondo. Utundi na two twaba twubakishijwe amabuye adaconze neza. Amazu y’ubwo bwoko bwompi akenshi yaba yubatse ku mushinge w’amabuye.

Ku mpome z’indani barahasiriba isima hasi na ho bakahasasa amabuye, bikaba vyasaba ko baguma bahabungabunga. Barasigaza n’imiburiburi agatoboro kamwe mu gisenge canke ku ruhome kugira ngo imyotsi yo mu gikoni ishobore gusohoka. Ibikoresho vyo mu nzu vyaba bigizwe n’ibintu vya nkenerwa gusa.

Igisenge caba kigizwe n’ubudongo bufashwe n’ibiti, amarenga be n’ibigiga vyaba biri ku matanga y’ibiti, bishigikiwe n’inkingi zishinzwe hasi. Ubwo budongo bwinshi bwaca busigwa isima, ivyo bigatuma igisenge kitanyengeterwa n’amazi. Akenshi kugira umuntu ashike ku gisenge vyasaba ko yurira ku ngazi yaba iri hanze.

Mbere no muri ivyo bigwati vyaba vyegeranye, inzu z’abakirisu wasanga ari ibibanza bihimbaye, aho mbere n’imiryango y’abakene yashobora kwungukira mu vy’Imana kandi ikagira agahimbare.

Abantu babayabaye Amazu yisumbuye yaba agizwe n’amagorofa abiri yubakishijwe amabuye (2), yegukira abantu babayabaye, wasanga arimwo icumba c’abashitsi. (Mariko 14:13-16; Ibikorwa 1:13, 14) Ico cumba kinini co hejuru carashobora kuberamwo amakoraniro kandi akenshi carakoreshwa ku misi mikuru. (Ibikorwa 2:1-4) Ayo mazu, eka mbere n’ayandi maninimanini kuruta (3) yegukira abadandaza be na bene amatongo, yari yubakishijwe amabuye yeragurika, afatanijwe n’ishwagara. Hasi mu nzu hashashwe amabuye harasigwa isima, inyuma ku mpome hagasigwa ishwagara.

Kugira ngo umuntu ashike mu vyumba vyo hejuru be no ku gisenge, yadondagira ku ngazi yaba yubatswe mu nzu. Ibisenge vyose biringaniye vyarakikuzwa igitangirizo kugira ngo bikingire abantu gutemba be n’ayandi masanganya. (Gusubira mu vyagezwe 22:8) Igihe haba hashushe, mu nyubakwa itarimwo umuco ukwiye, ico gisenge carashobora kuba ikibanza ciza umuntu yojamwo kugira ngo yige, azirikane, asenge canke aruhuke.​—Ibikorwa 10:9.

Naho ayo mazu akomeye afise ivyumba bininibinini akenshi wasanga abamwo imiryango mininiminini, yaratuma haboneka ibindi bibanza vyo kubamwo, hakaboneka ivyumba bitandukanye vyo kuraramwo be n’igikoni cagutse hamwe n’ikibanza co kuriramwo cagutse.

Amazu mezameza cane Amazu yaba yubatse mu buryo Abaroma bubaka (4) yari atandukanye bimwe biboneka mu bunini, mu migero be no mu buryo yari yubatse. Ivyumba amahanga vyaba bikikuje icumba kinini c’uburiro (ico bita triclinium), hakaba ari ho hantu nyamukuru ibikorwa vy’umuryango vyarangurirwa. Inyubakwa zimwezimwe zaba ziriko igorofa igira kabiri canke gatatu (5) kibure zikaba zisharijwe n’ubusitani buzitiye.

Amazu mezameza cane yarashobora kuba arimwo ibikoresho vyo mu nzu bihanitse, bimwe muri vyo bikaba vyari vyometsweko amasenge n’inzahabu. Ayo mazu yari meza cane ku buryo wasanga arimwo amazi n’ubwogero. Hasi muri ayo mazu hashobora kuba hari hakozwe mu mbaho canke mu tubuye twitwa marimari tw’amabara menshi, kandi impome zishobora kuba zaromekwako imbaho z’amasederi kugira ngo bazisharize. Imbabura ni zo bakoresha kugira basusurutse mu nzu. Ibitangirizo, ivyaba akenshi bikozwe mu mbaho, vyarashirwaho kugira ngo bikingire, kandi amarido yaratuma ku rugero runaka abandi batinjira mu buzima bw’umuntu. Ibibanza vyo kwicarako vyo kw’idirisha vyatunganywa mu gusigaza ikibanza mu mpome zagutse zubakishijwe amabuye.​—Ibikorwa 20:9, 10.

Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, inzu zabo zaba zingana gute canke zimeze gute, bari abakiranyi kandi baratanga batitangiriye itama ivyo bari batunze. Ku bw’ivyo, abacungezi b’ingenzi ntivyabagora kuronka umuryango ufise igishika kandi wakirana, uwo babamwo gushika basozereye ubusuku baba bariko bararangurira mu gisagara baba bagendeye.​—Matayo 10:11; Ibikorwa 16:14, 15.

‘Inzu ya Simoni na Andereya’ Yezu yarakiriwe n’igishika mu “nzu kwa Simoni na Andereya.” (Mariko 1:29-31) Inzu y’abo barovyi ishobora kuba yari mu mugwi w’inzu zibayabaye zari zegeranye cane zizitiriwe hamwe (6), zirundanye hirya no hino y’imbuga ishashwemwo amabuye.

Kuri bene ayo mazu, imiryango n’amadirisha vyugururwa bitumberejwe kuri iyo mbuga, ino ikaba ari yo akenshi yaberamwo ibikorwa vya misi yose, harimwo guteka, kwotsa imikate, gusekura intete, kwifatanya n’abandi no gufungura.

Amazu y’igorofa imwe y’i Kaperinawumu yari yubatswe hakoreshwe ibibuye bidaconze vyo muri ako karere vyava mu birunga vyaturitse. Ingazi zo hanze zashikana umuntu ku gisenge kibase gikozwe mu budongo canke mu mategura yaba ashashe ku marenga be n’ibigiga vyaba bifashwe n’inkingi. (Mariko 2:1-5) Hasi mu nzu haba hashashwe amabuye, akenshi hakaba harasaswa ibirago.

Amazu menshi ari hamwe wasanga acamwo amabarabara n’utuyira tujana inkengera y’Ikiyaga c’i Galilaya. I Kaperinawumu hari ahantu heza cane ho kuba ku barovyi bakura icorirenza muri ico kiyaga.

“Mu nzu no mu yindi” Muri make, amazu y’abakirisu bo mu kinjana ca mbere yari atandukanye, kuva ku yari agizwe n’icumba kimwe yubakishijwe amatafari y’ivyondo gushika ku mazu maninimanini kandi mezameza yubakishijwe amabuye.

Ayo mazu ntibwari uburaro bw’imiryango gusa. Yarigishirizwamwo ibijanye n’Imana. Imiryango yarayasengeramwo iri hamwe. Barakoranira mu mazu y’abantu kugira ngo bige Ivyanditswe bongere bifatanye n’abo basangiye ukwizera. Ivyo bigira mu mazu yabo barabikoresha neza igihe baba bariko bararangura igikorwa gihambaye cane bakora co kwamamaza no kwigisha “mu nzu no mu yindi” mu bihugu vyatwarwa n’Abaroma.​—Ibikorwa 20:20.