Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Isi yoba izohera?

Isi yoba izohera?

Isi yoba izohera?

“IVYEREKEYE umuhero w’isi ni ibintu abantu bama bashashaye kumenya, n’imiburiburi mu bijanye n’amasenema.” Ivyo ni ivyavuzwe n’umwanditsi yitwa John Scalzi. Ni kubera iki none abantu bashimishwa cane n’amasenema yerekana ibijanye n’umuhero w’isi? Scalzi yavuze ati: “Ni kubera yuko yerekana ibintu usanga biduhagaritse umutima.” Ivyo woba uvyemera? Ubwo twoba dufise imvo zumvikana zo kugira ubwoba ku bijanye n’ingene be n’igihe isi be n’ibifise ubuzima vyose biri kuri yo bishobora kurangira?

Imisi nka yose, turumva ibijanye n’ivyago vy’ivyaduka vyiha inkumbi hirya no hino kw’isi. Amasanamu ateye ubwoba yerekeye bene ivyo vyago yama asubirwamwo incuro nyinshi ku mateleviziyo no kuri Internet. Igihe tuguma tubona buri mwanya amasanamu yerekana abantu babaho koko bariko barapfa be n’ibibanza bibaho koko biriko birasambuka, biroroshe ko duca tubona ko umuhero w’isi ari ikintu gishobora gushika vy’ukuri, ntitubibone nk’ibintu vyerekanwa gusa mu masenema.

Mu kwunyura ubwo bwoba, abanyasiyansi baraserura ivyiyumviro ku bijanye n’ukuntu isi yoshobora guhera. Hari mbere n’abavuga imbere y’igihe icoshobora kwitwa ngo ni igihe isi izohererako. Muri Ntwarante 2008, ikinyamakuru kimwe (Monthly Notices of the Royal Astronomical Society) cavuze yuko hari abahinga babiri mu vy’imibumbe bavuze ko bishoboka yuko nko mu myaka 7.590.000.000, izuba rizomira umubumbe wacu maze ritume ucika umwuka utumuka.

None vy’ukuri hoba hazogera igihe isi igahera?

Umubumbe wacu woba ufise igihe uzohererako?

Bibiliya idukura amazinda iti: “Urwaruka rumwe ruragenda, rukabisa urundi; isi igahorah’ibihe vyose.” (Umusiguzi 1:4) Mu buryo bukomeye, Yehova Imana “yashinze isi ku bibanza vyayo bishimangiye” kandi yayiremye ngo yameho “gushika igihe kitagira urugero, emwe gushika ibihe bidahera.” (Zaburi 104:5, NW) None ayo majambo yahumetswe n’Imana yoba agoye kwemera ko ari ukuri? Ni kubera iki ukwiye kwemera yuko iyi si tubako itazohera, mu gihe hari abanyasiyansi bavuga ko izohera?

Nuzirikane gatoyi ku bijanye n’ibintu biteretse aho bidandarizwa mw’iduka. Usanga bimwebimwe biriko udupapuro twerekana igihe bizokwononekarirako. Mbega ni nde aba yarashinze ico gihe? Yoba ari nyene kubidandaza aba yaratomboje ico gihe kubera ko azi ibitari bike ku bijanye n’ivyo bidandazwa? Birumvikana ko atari we. Uwahinguye ivyo bidandazwa ni we ashinga igihe bizokwononekarirako. Turizigira yuko ico gihe ari ic’ukuri kubera ko nyene kubihingura aba azi ivyo bintu yahinguye kuruta uwundi muntu uwo ari we wese. Ese ukuntu dukwiye kurushiriza kwizigira Uwahinguye umubumbe wacu! Ijambo ryiwe rivuga mu buryo butomoye ko “[y]ashinze isi” kugira ngo yameho ibihe vyose. Nta gihe cashinzwe isi izohererako; emwe, izokwamaho ibihe vyose!​—Zaburi 119:90.

Ariko none, vyoba bishoboka yuko abantu ata co bibanga boshobora kwonona umubumbe ubutakivayo? Habe namba! Mu buryo butandukanye n’abahingura ibintu, Yehova we “[a]shobora vyose.” (Yobu 42:2) Ni co gituma ashobora kwemeza adakeka ati: “Ijambo ryanje riva mu kanwa kanje . . . rizosozera ico naritumye.” (Yesaya 55:11) Turashobora kwemera ata mazinda yuko “Umuremyi wacu” atazoreka ngo hagire ikintu na kimwe kimubuza kurangura umugambi afitiye isi. (Zaburi 95:6) None uwo mugambi ni uwuhe, kandi Imana izowurangura gute?

Ubwami bw’Imana buzorangura umugambi wayo

Uretse ko Ijambo ry’Imana ridukura amazinda ko isi itazokwigera ihera, riratubwira kandi ko “yayibumvye kugira ngw ibekw abantu.” (Yesaya 45:18) Naho isi tubako imaze imyaka ibihumbi ibako abantu, ico ubwaco nticatumye umugambi Imana ifise uranguka.

Yehova ni “Imana ihimbawe” kandi “akunda ubutungane.” (1 Timoteyo 1:11; Zaburi 37:28, NW) Umugambi wiwe ni uw’uko abantu bose babaho bahimbawe kandi batarenganywa. Kugira ngo Imana irangure umugambi wayo, yaravuze imbere y’igihe ko yoshinze Ubwami bumwe mw’ijuru buzotwara isi yose. (Daniyeli 2:44) Igihe Yezu yari kw’isi, yama avuga ibijanye n’intwaro y’Ubwami bw’Imana. Yararemesheje abigishwa biwe gusenga babusaba kubera ko yari azi imihezagiro yose isi izogira igihe izoba itwarwa n’ubwo Bwami. (Matayo 6:9, 10; 24:14) None imwimwe muri iyo mihezagiro ni iyihe?

Amahoro n’umutekano bizosasagara kubera yuko Imana isezerana kurangiza intambara zose.​—Zaburi 46:9.

Hazoba hariho ibifungurwa bihagije ku bw’abantu bose.​—Zaburi 72:16.

Nta wuzoba arajwe ishinga n’ivy’ukwitwararika amagara kubera yuko “uwaho [ata]zovuga, ati Ndarwaye.”​—Yesaya 33:24.

Abantu ntibazosubira kugira intuntu, kuko “urupfu [ruta]zokwongera kubaho.”​—Ivyahishuwe 21:4.

Imana isezerana yuko abasavyi bayo bazokwubaka amazu yabo bwite, babeho mu mutekano, bongere ‘banezererwe’ ibihe bidahera.​—Yesaya 65:17-24.

Nta gukeka ko ushashaye kwiberaho ibintu vyifashe nk’uko bihejeje kuvugwa. Yehova arafise umwete ururumba, ni ukuvuga icipfuzo gikomeye co gushitsa ibintu vyose yari yaravuze. (Yesaya 9:6, 7) Ariko rero, hari aho wokwibaza uti: ‘Ko haciye imyaka ibihumbi ivyo Imana yasezeranye vyanditswe muri Bibiliya, ni kubera iki none bitararanguka?’

Ukwihangana kw’Imana kudushikana ku bukiriro

Numenye udakekeranya ko “Yehova [ada]tevye ku bijanye n’umuhango wiwe.” Bibiliya isigura yuko Imana yatugaragarije ukwihangana ibigiranye urukundo. Ku bw’ivyo, turemeshwa “[kubona] ukwihangana kw’Umukama wacu nk’ubukiriro.” (2 Petero 3:9, 15) Mugabo none, ni kubera iki vyabaye ngombwa ko Imana itwihanganira kugira ngo turonke ubukiriro?

Imbere ya vyose, Imana irazi ko imbere y’uko ironsa abantu bagororotse ahantu ho kuba hatekanye kandi heza, izotegerezwa “guhonya abariko barahonya isi.” (Ivyahishuwe 11:18) Ariko rero, kubera yuko Yehova akunda abantu, “[nta]shaka yuko hagira n’umwe arandurwa.” Ni co gituma Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yamye agerageza abigiranye ukwihangana “kubūrira umunyakibi ngw ave mu nzira yiwe mbi.” Ku bw’iyo ntumbero, Yehova ariko aratuma ubutumwa bwerekeye Ubwami bwiwe bwamamazwa kw’isi yose. * (Ezekiyeli 3:17, 18) Abo bose bakira neza imburi Imana itanga hanyuma bagahuza ubuzima bwabo n’ingingo ngenderwako zayo zigororotse, bazoronswa ubukiriro maze bironkere ubuzima budahera kw’isi izoba yahindutse Iparadizo.

Hindukira uze ku Mana ukizwe

Ata gukeka, Bibiliya iradufitiye “inkuru nziza.” (Matayo 24:14) Iratubwira ijambo Imana yavuze rizotegerezwa kuranguka, ry’uko iyi si yacu itazokwigera ihera! Vyongeye, nk’uko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bubivuga, turashobora kwizera yuko “hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho.” Vuba, abo Imana ibona ko ari abagororotsi ni bo bonyene “bazoragwa igihugu, [banezererwe] amahoro y’umusēsekara.” (Zaburi 37:9-11, 29; Matayo 5:5; Ivyahishuwe 21:3, 4) Gushika ico gihe kigeze, Imana izobandanya gutera akamo yihanganye iti: “Hindukire muze kuri jewe mukizwe, mwese abo ku mpera z’isi.” (Yesaya 45:22, NW) None uzokwakira gute ako kamo?

Ubona gute ugize umwiyemezo wo guhindukira ukaza ku Mana? Muri Zaburi 37:34 haduhimiriza hati: “Urorēre Uhoraho, ugumye inzira yiwe, na we azogushira hejuru ng’uragwe igihugu.” Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha kwiga vyinshi ku bijanye n’umugambi w’ibihe bidahera Imana ifitiye isi be n’ukuntu ushobora kubaho kugira ngo uze wibonere uwo mugambi uranguka.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 21 Mu kugamburuka itegeko Yezu yatanze riri muri Matayo 28:19, 20, Ivyabona vya Yehova barenga imiliyoni indwi bo mu bihugu 236 baramara nk’amasaha hafi umuliyaridi n’igice buri mwaka, bigisha abantu ibijanye n’umugambi uhambaye Imana ifitiye iyi si.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 22]

Ifoto ya NASA