Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

1 Iradufasha kwirinda ingorane

1 Iradufasha kwirinda ingorane

Bibiliya ivuga ko impanuro zayo zahumetswe kandi ko ari “ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu.” (2 Timoteyo 3:16) Vyoba none ari ko biri? Rimbura ukuntu ubukerebutsi bwo muri Bibiliya bwafashije abantu kwirinda ingorane zikomeye cane zo mu buzima, maze barazitira bataronerwa.

INZOGA ZIRENZE URUGERO

Umwe Delphine twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki, amaganya yiwe yatuma agumana inyota y’inzoga zirenze urugero. Naho Bibiliya itatubuza kunywa twigerera, ivuga iti: “Ntube mu banywi b’umuvinyu ba cane.” (Imigani 23:20) Kurenza urugero mu kunywa birakwega indwara be n’indyane zikomeye, bikanakubiranya abantu amamiliyoni buri mwaka. Iyaba abantu bisunga impanuro nziza Bibiliya itanga, boshobora kwirinda nyinshi muri izo ngorane.

Delphine yarabigize. Ubu avuga ati: “Nasanze inzoga atari umuti w’amaganya narimwo. Narisunze impanuro nziza iri mu Bafilipi 4:6, 7, ahatubwira hati: ‘Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo . . . ivyo musaba bimenyeshwe Imana.’ Igihe cose naba numvise ivyiyumviro n’amaganya bibaye vyinshi mw’ijoro, naca ntakambira Yehova. Naramubwira uko naba niyumva kwose, ryaba ishavu, ukuvunika umutima n’ukwihebura, nkamwinginga ngo anyereke ico nokora kugira mbone ibintu mu buryo bwiza. Bukeye, narakora ibishoboka vyose kugira izo nyiyumvo ntizigaruke. Ivyo vyaratuma nibanda ku vyo nari mfise aho kwibanda ku vyo ntari mfise. Naciye mfata ingingo yo kudasubira gukoza ku munwa inzoga. Amahoro nironkeye yari ay’agaciro, nkaba rero ntashaka icoyantesha.”

UBUHUMBU

Ni kimwe mu bintu vya mbere bikwega intuntu n’agahinda. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziradufasha kwirinda izo ngorane mu kutwereka bimwe mu biziteza, nko gukwegana n’abo tudasangiye igitsina no kuraba amashusho y’ibiterasoni. Umusore yitwa Samuel avuga ati: “Gukwegana n’uwo tudasangiye igitsina vyarizana. Vyarashika simbe nkunda umuntu, mugabo we akaba anyitwararika, ngaca nsanga twatanguye gukwegana.” Vyarageze aho bavuga ko Samuel yama ariko arakwegana n’abo badasangiye igitsina, n’igihe nyene atari yo ntumbero yaba afise, aca afata ingingo yo kubikora afise umugambi. Ariko iyo ngeso yaramubuza amahoro. Ubu avuga ati: “Vyari bibi cane kuko bitsimbataza ingeso ziranga ubwikunzi.”

Samuel yarasomye ikiganiro c’abakiri bato, ku rubuga jw.org. Yarazirikanye ku Migani 20:11, ahagira hati: “Mbere biciye ku ngeso ziwe, umwana [canke “umusore,” Bibliya nyeranda] aramenyekana ko ivyo akora vyoba bityoroye kandi bigororotse.” None ivyo vyamufashije gute? Samuel yaratahuye ko ingeso yiwe itari ityoroye canke iyigororotse. Avuga ati: “Narahigiye ko uwukiri muto akwegana n’abo badasangiye igitsina aba ariko atsimbataza kameremere zizotuma aba umunega canke umukenyezi mubi. Naratanguye kwibaza ingene uwombereye umugore yomererwa asanze ndiko nkwegana n’uwundi mugore. Naciye mbona ko iyo ngeso atari iyo gukinisha. Kuba yoroshe kurwamwo ntibituma iba nziza.” Samuel yarahinduye ingendo, bica bimufasha no kwirinda ubuhumbu.

Uwitwa Antonio wewe yari mu kaga karushirije gukomera: Yari yariziziwe n’amashusho y’ibiterasoni. Naho yubakanye n’umukenyezi yakunda cane, yasanze yasubiye kuza aratwarwa n’iyo ngeso incuro n’izindi. Avuga ko kuzirikana ku bivugwa muri 1 Petero 5:8 vyamufashije cane. Hagira hati: “Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso. Umwansi wanyu Shetani agendagenda nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa.” Antonio avuga ati: “Amashusho y’ibiterasoni ari hose muri iyi si, kandi agiye mu muzirikanyi ntavayo. Ico canditswe caciye kimfasha gutahura uwo ayo mashusho akomokako. Nabwirijwe kwama nca nibuka ko wa Mubisha ari we nkomoko y’ayo mashusho ashisha. Ubu ndazi ko Yehova wenyene ari we ashobora kumfasha ‘kuzigama ubwenge no kuba maso’ kugira nshobore kwikingira ivyo bintu vyampungabanya mu bwenge, mu mutima no mu mubano.” Antonio yarafashijwe maze arahava aravavanura n’iyo ngeso, kandi vyaciye bimufasha kwirinda ingorane zinakomeye kuruta.

Vy’ukuri, Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro zidufasha kwirinda ingorane zikomeye. Bite ho nimba ingorane zarashinze imizi ku buryo umengo ntizihera? Reka turimbure ingene Bibiliya ishobora kudufasha gutorera umuti mwene izo ngorane zitoroshe.

Impanuro ngirakamaro za Bibiliya ziradufasha kwirinda ingorane zimwezimwe