Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  No 1 2018

Yoba yarataye igihe canke ivuga ibintu imbere y’igihe?

Yoba yarataye igihe canke ivuga ibintu imbere y’igihe?

SIYANSI

NAHO BIBILIYA ATARI IGITABU C’IVYA SIYANSI, IRIMWO IVYIYUMVIRO VYANDITSWE IMBERE YUKO VYUBURWA N’ABAHINGA. RIMBURA UTURORERO DUKEYI.

Ijuru n’isi vyoba vyaragize intango?

Abanyasiyansi b’ibihangange barigeze kuba bavuga bashimitse ko inyishu y’ico kibazo ari oya. Ariko ubu muri rusangi baremera ko ijuru n’isi vyagize intango. Bibiliya yoyo yari yarabivuze itomora kuva kera.​—Itanguriro 1:1.

Imero y’isi ni iyihe?

Kera abantu benshi biyumvira ko isi ibase. Mu kinjana ca gatanu imbere ya Kristu, abanyasiyansi b’abagiriki bavuze ko yari umubumbe. Ariko kera cane imbere y’aho, mu kinjana ca 8 imbere ya Kristu, umwanditsi umwe wa Bibiliya yitwa Yesaya yari yaravuze ibijanye n’“umuzingi w’isi,” rikaba ari ijambo rishobora guhindurwa ngo “umubumbe.”​—Yesaya 40:22.

Amajuru yoba ashobora kwononekara?

Umunyasiyansi w’umugiriki Aristote wo mu kinjana ca kane imbere ya Kristu, yigishije ko ivyo kwononekara biba gusa hano kw’isi, mugabo ko amajuru yuzuye inyenyeri adashobora guhinduka canke kwononekara. Iyo nyigisho yaramaze ibinjana vyinshi yaratsimbataye. Ariko mu kinjana ca 19, abanyasiyansi baratanguje inyigisho ijanye n’ukwononekara kw’ibidukikije. Iyo nyigisho yavuga ko ikintu cose co mw’ijuru canke kw’isi, kibwirizwa kwokonekara. Umwe mu banyasiyansi yafashije mu guteza imbere iyo nyigisho ni Lord Kelvin. Yahavuye abona ko Bibiliya ivuga ku bijanye n’amajuru be n’isi, iti: “Bizoshira vyose nka kurya kw’impuzu.” (Zaburi 102:25, 26) Nk’uko Bibiliya ibivuga, Kelvin yaremeye ko Imana ishobora gutuma ivyo yaremye bidahitanwa n’ukwo kwononekara.​—Umusiguzi 1:4.

Ni igiki gifashe imibumbe nk’iyi si tubako?

Aristote yigishije ko imibumbe yose yo mu kirere yari itekeye mu mibumbe y’ibirahuri, umwumwe utekeye mu wundi, isi ikaba mu ntimatima y’iyindi mibumbe yose. Mu kinjana ca 18 inyuma ya Kristu, abanyasiyansi baremeye yuko inyenyeri n’imibumbe bishobora kuba vyari vyenenetse mu kirere. Ariko mu gitabu ca Yobu, icanditswe mu kinjana ca 15 imbere ya Kristu, havuga ko Imana “isi iyeneneka ku busa.”​—Yobu 26:7.

 UBUVUZI

NAHO BIBILIYA ATARI IGITABU C’IVY’UBUVUZI, IRIMWO INGINGO NGENDERWAKO ZIRANGA UBUMENYI BW’AKATARABONEKA MU VY’AMAGARA.

Gushira ukwabo abarwaye.

Rya Tegeko rya Musa ryasaba ko abanyamibembe bashirwa kure y’abandi bantu. Abahinga mu vy’ubuvuzi bamenye iyo ngingo ngenderwako mu gihe c’ibiza vyadutse hagati y’ikinjana ca 5 n’ica 15 inyuma ya Kristu, kandi n’ubu iracakora.​—Abalewi, ikigabane ca 13 n’ica 14.

Gukaraba uhejeje gukora ku kiziga.

Gushika mu kinjana ca 19, akenshi abaganga wasanga baheza gutunganya ikiziga bagaca baja kuvura abarwaye, batabanje gukaraba. Ivyo vyaratumye inganda zitikira. Rya Tegeko rya Musa ryoryo ryavuga ko uwukoze ku kiziga wese yaba ahumanye. Ryasaba mbere ko umuntu nk’uwo aca akoresha amazi kugira yihumanure. Iyo migirwa rero yarakingira amagara y’abantu.​—Guharūra 19:11, 19.

Gufurira umwanda mukuru.

Buri mwaka, abana barenga ibihumbi amajana atanu barahitanwa n’indwara z’ugucibwamwo, bitewe ahanini n’ukudata kure umwanda mukuru. Rya Tegeko rya Musa ryavuga ko ivyo umuntu yitumye bikwiye gufurirwa, aho gutabwa aho abantu baba.​—Gusubira mu vyagezwe 23:13.

Igihe co kugenyerwa.

Itegeko ry’Imana ryavuga ko umwana w’umuhungu akwiye kugenyerwa amaze imisi umunani avutse. (Abalewi 12:3) Mu mubiri w’inzoya, bivugwa ko ubushobozi amaraso afise bwo kuvura buba buri ku rugero rwiza inyuma y’indwi ya mbere. Mu bihe vya Bibiliya, imbere y’uko haboneka ubuhinga bwo kuvūra bugezweho, kurindira indwi yose bwari uburinzi budasanzwe.

Isano hagati y’uko twiyumva mu mutima n’uko twiyumva mu mubiri.

Abashakashatsi n’abahinga mu vy’ubuvuzi bavuga ko ibintu vyiza nk’umunezero, icizigiro, ugukenguruka n’ukubabarira abandi bigira ingaruka nziza ku magara. Bibiliya na yo igira iti: “Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra, mugabo umutima ukubititse wumisha amagufa.”​—Imigani 17:22.