Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nurondere ikintu kirusha agaciro inzahabu

Nurondere ikintu kirusha agaciro inzahabu

Woba urigera wubura inzahabu? Si benshi bamaze kuzubura. Ariko rero, abantu amamiliyoni baramaze kwubura ikintu c’agaciro kuruta, na co kikaba ari ubukerebutsi buva ku Mana, ubudashobora ‘gukabwa inzahabu itavanze.’​—Yobu 28:12, 15.

ABIGA Bibiliya n’umutima ukunze, hariho ivyo bahuriyeko n’abarondera inzahabu. Bategerezwa gushiruka ubute, bakaguma barondera mu Vyanditswe ubukerebutsi bw’agaciro ntangere. None ni ivyigwa ibihe dushobora kwigira ku bintu bitatu bijanye n’ingene inzahabu zuburwa?

URUBUTSE KU NZAHABU!

Dufate ko uriko ugendagenda ku nkombe y’uruzi, ukaza ubona akabuye gaca ibibatsi. Uciye wunama uragatora, maze ukaryoherwa n’uko usanze ari inzahabu. Ni gatoya kurusha umutwe w’umwampi w’ikibiriti, kakaba n’imbonekarimwe kuruta diyama nziza cane. Birumvikana ko uca witonda ukarondera muri iyo micungararo kugira urabe ko hari utundi wotora.

Muri ubwo buryo nyene, hariho umusi utazokwigera wibagira: Ni igihe kumbure Icabona ca Yehova yakugendera kugira ngo akubwire ubutumwa bwo muri Bibiliya butanga icizigiro. Ushobora kuba wibuka neza igihe watangura kwubura ico twokwita inzahabu zo mu vy’impwemu. Kumbure ni igihe wabona ari bwo bwa mbere izina ry’Imana Yehova muri Bibiliya. (Zab. 83:18) Canke na ho ni igihe wamenya ko ushobora kuba umugenzi wa Yehova. (Yak. 2:23) Emwe, waciye ubona ko wubuye ikintu c’agaciro kuruta inzahabu! Vyongeye, ushobora kuba wumvise ushashaye kumenya n’ibindi.

URARONDERA N’IZINDI!

Rimwe na rimwe, inzuzi n’imigezi usanga vyuzuyemwo utuvunji tw’inzahabu. Izo nzahabu zizanwa n’inkukura. Mu mezi makeyi gusa, abazironderana umwete boshobora gusanga mw’ivu ry’inkukura ibilo vyinshi vy’inzahabu biciye amadolari ibihumbi n’ibihumbi.

Igihe watangura kwiga Bibiliya n’Icabona ca Yehova, ushobora kuba wumvise umeze nk’uwuyoye ivu ririmwo inzahabu nyinshi. Kuza urazirikana ku mirongo itandukanye bishobora kuba vyaratumye ubumenyi bwawe bwongerekana, urarushiriza gutahura vyinshi ku vyerekeye Imana. Igihe wazirikana cane kuri ukwo kuri kw’agaciro, warabonye ingene wokwiyegereza Yehova, maze ukigumiza mu rukundo rwiwe, witeze ubuzima budahera.​—Yak. 4:8; Yuda 20, 21.

Woba wiga Bibiliya ubigiranye ubwira nka kurya uwurondera inzahabu abigirana umwete?

Kurya nyene uwurondera inzahabu aguma arondera ivu yozisangamwo, ushobora kuba wararondeye ubutunzi bwo mu vy’impwemu ubigiranye ishaka. Umaze kumenya ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya, bishobora kuba vyaratumye utera intambwe zagushikanye ku kwiyegurira Yehova, maze urabatizwa.​—Mat. 28:19, 20.

NUBANDANYE KURONDERA!

Ibibuye vy’ibirunga usanga birimwo inzahabu nkeya cane. Ariko ibice bimwebimwe vy’ivyo bibuye birimwo inzahabu zikwiye, ku buryo babicukura bakabimenagura kugira bazikuremwo. Umuntu ntashoka abona inzahabu ziri muri nya kibuye. Uti kubera iki? Kubera ko mw’itoni imwe y’ibibuye vyitwa ko birimwo inzahabu nyinshi, umuntu ashobora gusangamwo amagarama 10 gusa y’inzahabu! Ariko rero, uwuzirondera ntacika intege kuko aba azi ko kuzicukura birimwo akunguko.

Naho umuntu yoba amaze kurengana “inyigisho y’intango yerekeye Kristu,” arakenera kugira akigoro. (Heb. 6:1, 2) Igihe wiyigisha Bibiliya, urakeneye kugira umwete kugira ngo ucukure ivyiyumviro bishasha be n’ivyigwa ngirakamaro. Wokora iki none kugira ngo igihe wiyigisha ugume ugira ivyo wungutse, naho woba umaze imyaka itari mike wiga Ivyanditswe?

Nugumane inyota yo kwiga. Niwitwararike utuntu tw’ido n’ido. Niwabandanya kugira akigoro, uzokwubura mu Vyanditswe ubutare bwuzuyemwo ubukerebutsi n’ubuyobozi buva ku Mana. (Rom. 11:33) Kugira ngo wongereze ubumenyi bwawe, nukoreshe neza ibikoresho vy’ubushakashatsi biboneka mu rurimi rwawe. Nurondere wihanganye ubuyobozi ukeneye be n’inyishu z’ibibazo ufise. Nubaze abandi ibiganiro be n’ivyanditswe vyabafashije cane vyongera birabaremesha. Nubwire abandi ivyiyumviro bishimishije wubuye igihe wariko uriyigisha Ijambo ry’Imana.

Ariko rero, intumbero yawe ntikwiye gusa kuba iyo kurushiriza kwimenyera ibintu. Intumwa Paulo yavuze ko “ubumenyi butera kwivyimvya.” (1 Kor. 8:1) Ni co gituma ukwiye kuguma wicishije bugufi kandi ugakomeza ukwizera kwawe. Kwama wiyigisha Bibiliya no kugira inyigisho y’umuryango, bizotuma uguma wisunga ingingo ngenderwako za Yehova vyongere bitume ufasha abandi. Ikiruta vyose, uzonezerwa no kuba warubuye ikintu kirusha agaciro inzahabu.​—Imig. 3:13, 14.