Ikirundi
Imana imererwa gute igihe uri mu mibabaro?
https://cms-imgp.jw-cdn.org/img/p/2018173/univ/art/2018173_univ_sqr_xl.jpg
wp18 no. 3 rup. 16

Imana imererwa gute igihe uri mu mibabaro?

Imana imererwa gute igihe uri mu mibabaro?

Hari abibaza ko Imana itabona imibabaro idushikira be n’uko itayitwararika.

RIMBURA IVYO BIBILIYA IVUGA

  • Imana irabibona kandi ikavyitwararika

    ‘Yehova yarabonye ko ububi bw’umuntu bwari bugwiriye mw’isi, biramubabaza mu mutima.’​—Itanguriro 6:5, 6.

  • Imana izokuraho imibabaro yose

    “Kandi hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho; kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure. Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”​—Zaburi 37:10, 11.

  • Ico Imana ikwipfuriza

    “‘Nzi neza ivyiyumviro ndabiyumvirako,’ ni ko Yehova avuze, ‘ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago, kugira ngo ndabahe kazoza n’icizigiro. Muzompamagara koko, muze, maze munsenge, nanje nzobumviriza.’”​—Yeremiya 29:11, 12.

    “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”​—Yakobo 4:8.