Imana yoba ikubona?
ICO TWIGIRA KU KUNTU TWAREMWE
Iminota 60 uruyoya rumara rukivuka ni ikiringo gihambaye cane gisaba guhuza n’amahinduka aba yabaye. Uti kubera iki? Kubera ko igihe inabibondo yiyegereje cane uruyoya rwiwe muri ico kiringo kitoroshe, bifasha cane mw’ikura ry’uwo mwana. *
None ni igiki gituma inabibondo yitwararikana ikibabarwe uruyoya rwiwe? Umuhinga yitwa Jeannette Crenshaw arabisigura mu kinyamakuru kimwe (The Journal of Perinatal Education). Avuga ko inkabuzo bita ocytocines zica ziduga “zigatuma umuvyeyi ahejeje kuvyara yiyumvamwo uruyoya rwiwe igihe arukozeko, igihe arwitegereje be n’igihe ariko ararwonsa.” Hari n’ubundi bwoko bw’inkabuzo umubiri urekura ico gihe “zigatuma inabibondo yitaho cane uruyoya rwiwe” kandi zigatuma barushiriza kwiyumvanamwo. Kubera iki ivyo biri n’ico bivuze?
Ukwo kwiyumvanamwo hagati y’umuvyeyi n’uruyoya rwiwe vyatunganijwe n’Umuremyi wacu yuzuye urukundo, Yehova Imana. * Umwami Dawidi yavuze ko Imana ari yo yamukuye “mu nda” igatuma yumva atekaniwe igihe nyina amukikiye. Yasenze ati: “[Waranyitwararitse] nkiva mu gitereko; wabaye Imana yanje kuva nkiri mu nda ya mama.”—Zaburi 22:9, 10.
IYUMVIRE IKI KINTU: Nimba Imana yararemye ivyo bintu bisiga ubwenge kugira yiyemeze ko inabibondo azokwitwararika uruyoya rwiwe be n’ivyo rukeneye, ntivyumvikana none ko na yo nyene itwitwararika umwe wese ku giti ciwe twebwe “uruvyaro rw’Imana”?—Ivyakozwe 17:29.
IVYO BIBILIYA ITWIGISHA KU KUNTU IMANA IDUHOZAKO IJISHO
Yezu Kristu ari na we azi Umuremyi kuruta uwundi uwo ari we wese, yavuze ati: “None utujuri tubiri ntitugurishwa igiceri c’agaciro gatoya? Yamara nta na kamwe muri two gakorokera hasi So atabizi. Mugabo n’imishatsi yo ku mutwe wanyu iraharuye yose. Ntimutinye rero: mwebwe muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi.”—Matayo 10:29-31.
Ni nde muri twebwe yitwararika utunyoni twose abona, ngo amenye igihe kamwe muri two gakorokera hasi? Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru wewe arabona kamwe kose muri two! Ariko rero inyoni, naho mbere zoba ari nyinshi, ntizishobora kurusha agaciro umuntu. Icigwa rero kiratomoye: Ntukwiye ‘gutinya’ wiyumvira ko Imana itakubona. Ahubwo nyabuna, irakwitwararika cane!
Imana iritwararika cane ineza yacu kandi iduhozako ijisho ibigiranye urukundo
Ivyanditswe bituremesha
-
“Amaso ya Yehova ari ahantu hose, akaguma areretse ababi n’abeza.”—IMIGANI 15:3.
-
“Amaso ya Yehova ari ku bagororotsi, kandi amatwi yiwe ari ku gutabaza kwabo.”—ZABURI 34:15.
-
“Nzonezererwa ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, bumpimbare, kuko wabonye amarushwa yanje, wamenye amagorwa y’umutima wanje.”—ZABURI 31:7.
“NUMVA UMENGO YEHOVA NTANKUNDA”
Kumenya ko Imana yitwararika cane ineza yacu be n’uko iduhozako ijisho ibigiranye urukundo, hoba hari ico vyotumarira mu buzima? Kiriho nyene, nk’uko Hannah * wo mu Bwongereza abisigura.
Agira ati: “Vyarashitse kenshi cane nkumva umengo Yehova ntankunda kandi ukamengo amasengesho yanje ntayishura. Niyumviriye ko vyatumwa n’uko ata kwizera nari mfise. Nibwiye ko yariko arampana canke ko yanyirengagiza kubera ata gaciro nari mfise. Nabona ko Imana itari inezwe.”
Yamara ubu Hannah ntagikekeranya ko Yehova amwitaho canke amukunda. None ni igiki catumye ahindura ingene yabona ibintu? Asigura ati: “Nagiye ndahinduka bukebuke. Ndibuka insiguro haheze imyaka myinshi numvirije yavuga ibijanye n’inkuka y’incungu ya Yezu. Yaragize ikintu kinini ihinduye muri jewe, ituma mpera amazinda ko Yehova ankunda. Igihe na ho mbonye ko amasengesho yanje yishuwe, akenshi ndaturikisha nkarira kuko mba ntahuye ko bwa bundi Yehova ankunda. Kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro ya gikirisu na vyo nyene biranyigisha vyinshi ku bijanye na Yehova, ngatahura ukuntu ameze be n’ingene atubona. Ubu ndazi neza yuko Yehova adushigikira kandi ko adukunda twese, be n’uko afise umutima ukunze wo kutwitwararika umwe wese ku giti ciwe.”
Ivyo Hannah avuga biraremesha cane. Ariko none womenya neza gute ko Imana itahura kandi iha agaciro ingene twiyumva? Ikiganiro gikurikira kirishura ico kibazo.
^ ing. 3 Igihe ba inabibondo bamwebamwe bagize akabonge gafata abahejeje kwibaruka, vyoshobora kubagora kwiyegereza cane inzoya zabo. Ariko rero, ntibakwiye guca biyagiriza. Ikigo ca leta kiraba ivy’indwara zo mu mutwe muri Amerika, kivuga ko ako kabonge “kadaterwa n’ivyo umuvyeyi aba yakoze canke ataba yakoze.” Wipfuza amakuru yiyongereye, raba ikiganiro kivuga ngo “Nutahure ibijanye n’akabonge gafata abahejeje kwibaruka” co muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Ruheshi 2003.
^ ing. 5 Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.—Zaburi 83:18.
^ ing. 15 Muri ibi biganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.