Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Uko ivy’imiryango vyifashe

Uko ivy’imiryango vyifashe

Hariho ingorane nyinshi zihanze imiryango, mugabo impanuro zidata igihe dusanga muri Bibiliya zirashobora kudufasha guhangana n’izo ngorane kandi tukaroranirwa.

Muri Afrika

Nk’uko Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu ribivuga, abavyeyi bakwiye gutangura kwonsa abana babo haciye nk’isaha imwe bavutse kandi bakabonsa amaberebere gusa ikiringo c’amezi atandatu. Ariko rero naho bahimirizwa gutyo, umukozi wa UNICEF ajejwe ibijanye no gufungura neza mu karere ka Afrika y’ubuseruko n’iyo mu bumanuko yavuze ko hari abantu bakibandanya kubesha bavuga ko “amata yo mu magopo ari meza cokimwe n’amaberebere.”

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose, mugabo umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.”Imigani 14:15.

Muri Kanada

Abashakashatsi b’i Montréal berekanye ko abana bafise abavyeyi batwaza igikenye, bamwe bashingira abana babo amategeko aremereye mugabo ntibabereke urukundo, bishoboka rwose ko ibice 30 kw’ijana vy’abo bana bavyibuha birenze gusumba abana bafise abavyeyi babitwararika kandi bakabashingira amategeko atarenze urugero.

WARI UBIZI? Haraciye imyaka amajana Bibiliya yerekanye uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kurera abana ubwo ari bwo.Abakolosayi 3:21.

Mu Buholande

Itohoza ryagizwe ku miryango y’Abanyaholande aho usanga abavyeyi bompi bakora, ryerekanye ko abavyeyi bashira akazi mu kibanza cako be n’umuryango mu kibanza cawo, bumvikana cane n’abana babo gusumba abavyeyi batwarwa cane n’akazi ntibiteho imiryango yabo. Nk’akarorero, abavyeyi bavanga akazi n’umuryango ugasanga bari muhira bariko baraterefona abantu ku bijanye n’akazi, biratuma batitwararika abana nk’uko bategerezwa.

UVYIBAZAKO IKI?: “Ikintu cose kirafise igihe [kibereye] cashingiwe.”Umusiguzi 3:1.