VYOBA VYARIYADUKIJE?
Umuserebanyi ukwega amazi ukoresheje urusato
HARI ubwoko bw’umuserebanyi (Moloch horridus) wo muri Ostraliya ukwega amazi uyakuye mu rume, mu gikonyozi no mu musenyi utose. Urakwega nya mazi ukayazana ku munwa kugira uyanywe. Uti gute? Vyose hari aho vyoba bihagaze ku rusato rwawo rudasanzwe.
Imihirohiro iri ku rusato rwawo igenda irafatangana n’iyindi iri imbere mu rusato ku buryo amazi agenda aratemba aja ku munwa
Rimbura ibi: Urusato rw’uwo muserebanyi rugizwe n’ibigaragamba bigerekeranye. Abahinga bamwebamwe biyumvira yuko urume canke amama y’amazi aba ari kuri ivyo bigaragamba agenda aratemba ku rusato rwawo rufise imihirohiro iri hagati y’ivyo bigaragamba. Iyo mihirohiro igenda ifatanganye gushika hafi y’umunwa wawo.
Mugabo none uwo muserebanyi ubigenza gute mu gukwega amazi uyacishije mu maguru, akaduga mu mutumba gushika no mu kanwa? Vyongeye, ubigenza gute ngo ushobore gukwega amazi uyakuye ahantu habomvye ukoresheje inda yawo?
Abahinga basa n’abubuye akabanga kawo. Ya mihiro iri ku rusato hari ukuntu ifatanganye n’iyindi mihiro iri imbere mu rusato biciye ku tuntu tumeze nk’uturingoti. Kubera ukwo kuntu iyo mihiro imeze, bituma ayo mazi yayiduzemwo agenda arakwiragira hose ata ngorane. Urusato rw’uwo muserebanyi rero rukwega amazi nka kurya kw’ipampa riterewe mu mazi.
Janine Benyus, umukuru w’ikigo kimwe gihingura ivyuma bafatiye ku biri mu bidukikije, avuga ko hamwe boshobora kwigana ubuhinga bw’uwo muserebanyi, vyofasha abahinga guhingura ivyuma vyo gukanyisha mu nzu no kuronka amazi yo kunywa.
Uvyiyumvirako iki? Ubuhinga uwo muserebanyi ufise bwo gukwega amazi bwoba bwariyadukije? Canke hoba hariho uwabushizeho?