Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! GITUGUTU 2015

Igihe uwawe arwaye

Igihe uwawe arwaye

“Igihe dawe yagira asohoke ibitaro, twarasavye umuganga yamukurikirana ngo adusuzumire ibipimo vyiwe vy’amaraso. Uwo muganga yatubwiye ko ivyo bipimo bimeze neza, ariko yaremeye kubisuzuma. Yaratangaye asanze hari ibipimo bibiri birimwo ingorane. Yaradusavye imbabazi aca ahamagara umuganga w’umuhinga. Dawe ubu ariko aratora mitende. Mbega iyo tutabaza vyari kugenda gute?”—Maribel.

Imbere yo kuja kwa muganga niwandike ibimenyetso vy’indwara yiwe be n’imiti ariko arafata

Umuntu arahagarika umutima iyo agiye kwa muganga canke yinjiye ibitaro. Nk’uko ivyashikiye Maribel bivyerekana, umugenzi canke incuti barashobora gufasha cane canke mbere bagatuma umuntu arokora ubuzima. None wofasha gute uwawe igihe arwaye?

Imbere yo kuja kwa muganga. Fasha uwo murwayi yandike ibimenyetso vy’indwara yiwe be n’imiti iyo ari yo yose ariko arafata. Nimwandike kandi ibibazo vyose mwipfuza kubaza umuganga. Fasha uwo murwayi kwibuka amakuru yose y’iyo ndwara yiwe be nimba mu muryango iwabo hari uwoba yarayirwaye. Ntiwibwire ko umuganga asanzwe azi ayo makuru canke ko aza kuyabaza.

Nutege yompi, ubaze ibibazo mu rupfasoni ugire n’ivyo wanditse

Muri kwa muganga. Nurabe neza ko wewe n’uwo murwayi mutahura neza ivyo muganga ababwira. Nimubaze ibibazo, ariko mwirinde guhaririza muganga. Nureke uwo murwayi yivugire kandi abaze ibibazo. Nutege yompi wongere ugire ivyo wanditse. Nubaze ibijanye n’uburyo bwo kwivuza iyo ndwara bwoba buhari. Mu bihe bimwebimwe, vyoba vyiza gusaba umurwayi ngo aje kubaza n’uwundi muganga.

Nimusubire mwihweze ivyo mwayaze na muganga be n’imiti yabandikiye

Muvuye kwa muganga. Nimusubire mwihweze ivyo mwayaze na muganga. Nurabe ko umurwayi yaguze irya miti nyene bamwandikiye. Numuremeshe gufata iyo miti nk’uko yabisabwe no guca abimenyesha muganga igihe imugizeko ingaruka mbi. Nufashe umurwayi kuguma abona ko ibintu bizogenda neza no gukurikiza ubundi buyobozi ubwo ari bwo bwose yahawe, nk’ugusubira  kubonana na muganga. Mufashe kumenya vyinshi ku bijanye n’indwara yiwe.

Igihe mwinjiye ibitaro

Raba ko impapuro zujujwe neza

Nutekane kandi ntusamare. Igihe umurwayi yinjiye ibitaro yoshobora guta umutwe no kwihebura. Ugumye utekanye kandi ugakurikirana ibintu urashobora gufasha abandi gutekana no kudakora amakosa. Raba ko impapuro zujujwe neza. Niwubahirize uburenganzira umurwayi afise bwo kwihitiramwo uburyo bwo kuvurwa. Nimba aremvye, niwubahirize ivyo yanditse n’uburenganzira yoba yarahaye incuti ishika canke uwumuvugira mu bijanye n’ukuvurwa. *

Ubigiranye icubahiro, nubwire abaganga ivyo ubona ku murwayi

Niwibwirize. Ntutinye kuvuga. Ugaragaje icubahiro n’urupfasoni, birashobora gutuma abaganga barushiriza kwitwararika uwo murwayi. Mu bitaro vyinshi abarwayi usanga bagenderwa n’abaganga batandukanye. Urashobora gufasha abo baganga mu kubamenyesha ivyo bagenzi babo bavuze. Kubera uzi neza uwo murwayi, nubamenyeshe amahinduka ayo ari yo yose amushikira ku mubiri canke mu bwenge.

Nukore ivyo ushoboye vyose ariko wirinde kugorana

Nugaragaze icubahiro n’ugukenguruka. Abaganga kenshi bakorera mu mimerere itaborohereza. Nubafate kurya nyene woshima ko bagufata. (Matayo 7:12) Nubagaragarize icubahiro kubera ubumenyi bafise, wizigire ko babishoboye kandi ushime utwigoro bagira. Ivyo vyoshobora kubaha inguvu zo gukora neza kuruta.

Indwara nta ho twozihungira. Mugabo uvyiteguriye imbere y’igihe kandi ukarondera imfashanyo urashobora gufasha umugenzi canke incuti kuvyifatamwo neza mu bihe bigoye.Imigani 17:17.

^ ing. 8 Amategeko yerekeye uburenganzira umurwayi afise be n’ivyo asabwa aratandukanye bivanye n’ibihugu. Raba neza ko ata kibuze mu mpapuro zerekana ivyo yipfuza be n’uko zihuje n’igihe.