Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! MUKAKARO 2014

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOVYIFATAMWO USHIKIWE N’IVYAGO

Igihe ushikiwe n’ivyago

Igihe ushikiwe n’ivyago

ABANTU nka bose barateba bagashikirwa n’ivyago kanaka. Ivyo birashikira n’abantu ubona umengo nta co babuze.

BIBILIYA IVUGA ITI:

‘Abanyarutsi si bo bene gutsinda isiganwa, n’abanyenkomezi si bo bene gutsinda urugamba, eka n’inkerebutsi si zo zene kugira ibifungurwa, eka n’abazi ubwenge si bo bene kugira ubutunzi, mbere n’abafise ubumenyi si bo bene kugira ubutoni; kuko ibihe be n’ibishika giturumbuka bibashikako bose.’Umusiguzi 9:11.

Ikibazo rero kihari si ico kumenya nimba uzoshikirwa n’ivyago ahubwo ni ukumenya ingene uzovyifatamwo nivyagushikira. Nk’akarorero:

  • Wovyifatamwo gute hamwe wobura ivyawe vyose biturutse ku cago c’icaduka?

  • Wovyifatamwo gute hamwe bogutora indwara ishobora kuguhitana?

  • Wovyifatamwo gute hamwe wobura uwawe?

Ivyabona vya Yehova, ari na bo basohora iki kinyamakuru, bemera ko Bibiliya ishobora kugufasha kuvyifatamwo neza igihe ushikiwe n’ivyago no kugira icizigiro gifise ishingiro koko. (Abaroma 15:4) Kugira ubitahure, raba uburorero bw’abantu batatu bashikiwe n’ivyago.