Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! MUKAKARO 2014

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOVYIFATAMWO USHIKIWE N’IVYAGO

Ugukikwa n’amagara

Ugukikwa n’amagara

Uwitwa Mabel wo muri Arjantine yari umuntu akora cane, akaba yari umuganga afasha abafise ingorane zo mu ngingo z’umubiri. Mu 2007, yaratanguye kuza arumva arushe bimwe bidasanzwe kandi akameneka cane umutwe imisi yose. Avuga ati: “Naragiye ku baganga batandukanye, ndagerageza imiti y’ubwoko bwose ariko biranka.” Amaherezo Mabel yaragirishije ibipimo vya scanner, bica vyerekana ko yari arwaye ikivyimba co mu bwonko. Avuga ati: “Narakubiswe n’inkuba! Sinatahura ukuntu nari nkiriho ndwaye ikintu nk’ico.

“Ariko rero, maze kubagwa ni ho natahuye vy’ukuri ko nari ngeze habi. Igihe nikangura ndi aho bavurira indembe, sinashobora kwikoma. Nta kindi nashobora gukora atari ukuguma ndaba igisenge. Imbere y’uko mbagwa, nari umuntu akora cane kandi narikorera vyose. Ariko ibintu vyari vyahindutse bukwi na bukwi, nsigara ata co nshoboye. Imisi namaze aho hantu bavurira indembe, nagumye nzazaniwe kandi numva urwamo rw’ibikoresho vyo kwa muganga, ingunga zihamagara abaganga be n’amaborogo y’abandi barwayi. Wamenga nkikujwe n’imibabaro gusa.

“Ubu narasubiranye ku rugero runaka. Ndashobora gutambuka ata wumfashije, rimwe na rimwe ngashobora no kwijana hanze. Ariko ndacafise ingorane y’ukubona neza no gukoresha neza amaguru n’amaboko.”

INGENE WOVYIFATAMWO

Niwirinde gucika intege. Mu Migani 17:22, Bibiliya ivuga iti: “Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra, mugabo umutima ukubititse wumisha amagufa.” Mabel yigana ati: “Igihe nariko ndasubirana, nagize ingorane nk’iz’abo nahora mvura. Imyimenyerezo bangirisha yarambabaza cane, kandi rimwe na rimwe numva notana n’akabando. Vyasavye ko ngira akigoro ko kwikuramwo ivyo vyiyumviro bitaremesha, kubera ko nari nzi yuko utwigoro nagira twovuyemwo ivyiza.”

Nugumane icizigiro kigufasha kwihangana. Mabel avuga ati: “Nari nzi ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’igituma ivyago bishika. Ariko kandi nari nzi ko uko umusi umwe wose urengana ari ko twegereza igihe umubabaro uzovaho burundu.” *

Niwibuke ko Imana ikubabaye ku giti cawe. (1 Petero 5:7) Mabel aribuka ingene ivyo vyamufashije. Avuga ati: “Igihe banjana kumbaga, narafashijwe n’amajambo Imana ivuga muri Yesaya 41:10 iti: ‘Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe.’ Kumenya ko Yehova Imana yitaho ibinshikira vyatumye ngira amahoro atagira uko angana.”

Wari ubizi? Bibiliya yigisha ko hazoshika igihe abantu ntibabe bakigira ingorane z’amagara.Yesaya 33:24; 35:5, 6.

Raba n'ibindi

Bibiliya yoba ishobora kumfasha mfise indwara idakira?

Ego! Raba ibintu bitatu vyogufasha kwihangana urwaye indwara idakira.