Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Udukuru tw’irya n’ino

Udukuru tw’irya n’ino

Mu Bushinwa

Igitigiri c’abahukana i Beijing caraduze bwampi mu mezi icenda ya mbere y’umwaka wa 2013, gishika ku bice 41 kw’ijana tugereranije n’amezi icenda ya mbere yo mu 2012. Abahinga biyumvira ko vyatewe n’uko abubatse bamwebamwe usanga barondera ukuntu batoriha ikori riherutse gushingwa ry’ibice 20 kw’ijana ku nyungu baronka iyo bagurishije inzu. Iyo abahukanye bagurishije inzu igira kabiri bafise, barashobora gukurwako iryo kori igihe baba bakwije ibisabwa binaka.

Kw’isi yose

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryarashikirije iciyumviro c’uko abantu borushiriza gufungura udukoko tuguruka mu ntumbero yo kurwanya ugufungura nabi. Udukoko turibwa usanga turimwo ingaburo nyinshi, kandi iyo umuntu adufunguye aba yungukiye ku bintu utwo dukoko tuba twarariye biri mu bintu abantu badafungura. Ni co gituma raporo imwe iheruka kuvuga yuko utwo dukoko “twoshobora kuzoba ubundi buryo bwo kuronka inyama.” Ariko iyo raporo iravuga yuko “abantu bamwebamwe usanga hari ukuntu umutima utabakundira gufungura” udukoko.

Muri Kanada

Ibitaro bifasha mu vy’irondoka birahanzwe n’ikibazo co kumenya ikintu kibereye kandi cemewe n’amategeko vyokora ku bijanye n’udusamo tw’imbuto z’abantu ivyo bitaro vyabitse ariko bikaba bitagishobora gutora “benetwo.” Ku bitaro bimwe honyene bivugwa ko bafise imbuto zigikomeye 1.000 z’abantu bipfuje kurondoka hakoreshejwe ubuhinga bwa none (fécondation in vitro) ariko akaba “ata wuzi irengero ryabo.”

Muri Irlande

Abagatolika bo muri Irlande bipfuza kurushinga bahora babwirizwa guhitamwo kuragana kwa patiri canke muri komine. Ariko ivyo vyarahindutse mu 2013, igihe vyemerwa ko abantu bashobora kuza bararaganishwa n’abantu batisunga ivy’idini. Urwego rumwe rutanga amakuru (Reuters) ruvuga yuko abaraganisha abantu muri ubwo buryo bushasha “bafise urutonde rurerure rw’abantu babasavye ko bobaraganisha kubera ko bipfuza guca muri komine ariko bakaba bipfuza kuraganishwa n’uwundi atari patiri.”