Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 TWISUNZE BIBILIYA

Urupfu

Urupfu

Abapfuye bari hehe?

“Uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo.”Itanguriro 3:19.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Bamwebamwe biyumvira ko iyo umuntu apfuye aca abandaniriza ubuzima mw’ijuru, mu muriro udahera, mw’ipurugatori canke mw’irimbi. Abandi bemera ko uwupfuye asubira kuvukira mu kindi kiremwa. Ariko abatemera ivy’idini bobo babona ko iyo umuntu apfuye ata bindi biba kuko ubuzima bwiwe buba burangiye.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Mu Musiguzi 9:10 havuga yuko “ata gikorwa, canke umugambi, canke ubumenyi, canke ubukerebutsi mu kuzimu, aho uriko uraja.” Vyongeye, Bibiliya irasigura ingene bigenda igihe abantu bapfuye n’igihe ibikoko bipfuye. Ivuga ko “vyose bija ahantu hamwe. Vyose vyavuye mu mukungugu, kandi vyose bisubira mu mukungugu.”Umusiguzi 3:20.

 Abapfuye bamerewe gute?

“Impwemu yiwe irasohoka, agasubira mu butaka bwiwe; uwo musi ivyiyumviro vyiwe bigahera.”Zaburi 146:4.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Benshi bigishijwe ko ibishikira umuntu inyuma y’urupfu bivana n’ivyo aba yarakoze akiri kw’isi. Nimba yarakoze ivyiza ngo aca aronka agahimbare k’ibihe bidahera, ariko nimba yarakoze ibibi ngo aca ababarizwa mu muriro udahera. Bavuga ko iyo abantu bapfuye, babwirizwa gukurwako igicumuro imbere y’uko bemererwa kurenguka imbere y’Imana. Abatakuweko igicumuro ngo baca bamara ibihe bidahera batemerewe ako gateka gateye umunezero.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Abapfuye ntibanezerwa canke ngo bababare. Nkako, nta na kimwe bumva kubera ko ata co baba bazi, eka nta n’ico bashobora gukorera abazima, caba ciza canke kibi. Mu Musiguzi 9:5, 6 havuga hati: “Abazima ba[ra]zi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba . . . Vyongeye, urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo vyaramaze gushira, kandi nta mugabane bagifise gushika igihe kitagira urugero mu kintu na kimwe kibwirizwa gukorwa munsi y’izuba.”

Hoba hari icizigiro ku bapfuye?

“Umuntu w’umugabo apfuye, yosubira kubaho? Mu misi yose y’igikorwa canje c’umuruho nzorindira, gushika ugutabarwa kwanje kuje.”Yobu 14:14.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Benshi bemera ko iyo umuntu amaze kuja mu muriro ata cizigiro kiba kigisigaye. Bivugwa ko aca ababarizwayo ibihe bidahera. Nayo abari mw’ipurugatori, ngo iyo bamaze gukurwako igicumuro hakoreshejwe umuriro, baca bashikira agahimbare ko mw’ijuru.

IBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Abapfuye baguma baruhutse mu rupfu gushika igihe Umwana w’Imana azobazura bagasubira kuba bazima kw’isi. Bibiliya ivuga iti: “Ntimutangazwe n’ico, kuko isaha igira igere, aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe bakazivamwo.” (Yohani 5:26, 28, 29) Umuntu azohabwa ubuzima budahera canke ntabuhabwe bivanye n’ivyo azokora inyuma y’izuka. *

^ par. 14 Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’izuka, tukuremesheje kuraba ikigabane ca 7 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.