Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 4

Kwitaho ibintu

Kwitaho ibintu

KWITAHO IBINTU BISOBANURA IKI?

Abantu bitaho ibintu usanga ari abizigirwa. Baritwararika ibikorwa bahabwa kandi bakabirangiza ku gihe.

Umwana arashobora kwiga kwitaho ibintu naho yoba akiri muto cane. Igitabu kimwe kivuga ibijanye no kurera abana kigira giti: “Ubushobozi umwana afise bwo gukora ivyo umuvyeyi amubwiye butangura ku mezi 15, ashikanye amezi nka 18 na ho aba ashaka gukora akantu kose abonye umuvyeyi ariko arakora. Mu mihingo myinshi, usanga abavyeyi batangura kwereka abana udukorwa bokora bafise imyaka iri hagati y’itanu n’indwi, kandi usanga abo bana bafasha ibitari bike muhira.”

KUBERA IKI KWITAHO IBINTU BIHAMBAYE?

Mu mihingo imwimwe, usanga abana bageze mu bigero bava iwabo bakaja kwibana, ariko bashikiwe n’ingorane bagaca bagaruka kwa se na nyina. Rimwe na rimwe usanga biterwa n’uko batigeze biga gukoresha neza amahera, gukora udukorwa two muhira canke kwitaho ibintu mu buzima.

Birahambaye cane rero ko wigisha abana bawe kwitaho ibintu kuva bakiri bato kugira bize bibafashe nibamara gukura. Igitabu kimwe kivuga ibijanye no kurera umwana gushika mu bigero kigira giti: “Ntukwiye kwama ukorera abana ibintu vyose hanyuma ngo uhengere bashikanye imyaka 18 abe ari ho batangura kwiga kwibako.”

INGENE WOKWIGISHA UMWANA WAWE KWITAHO IBINTU

Mushinge udukorwa.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Mu gikorwa cose harimwo inyungu.”​—Imigani 14:23, Bibiliya Nyeranda.

Abana bakiri bato usanga bipfuza cane gufasha abavyeyi babo udukorwa. Nufatire rero kuri ico cipfuzo ubashinge udukorwa bakora muhira.

Abavyeyi bamwebamwe baragonanwa kubikora. Bibwira ko kwoba ari ukuremereza abana babo, ngo kubera ko buri musi baba bafise udukorwa two kw’ishure.

Ariko rero, abana bakora udukorwa two muhira usanga bamenya cane kw’ishure, kuko utwo dukorwa tubamenyereza gukora ikintu gushika kirangiye. Ca gitabu kivuga ivyo kurera abana kivuga yuko “igihe abana bacu bakiri bato bipfuza kudufasha mugabo tukabibankira, baca batangura kwiyumvira ko gufasha abandi ata co bimaze . . . Bituma kandi bitega ko abandi ari bo bazoza barabakorera.”

Nk’uko ico gitabu kibivuze, gukora udukorwa two muhira bituma abana biga gufasha abandi aho kwikunda, bakiga no gutanga aho kurondera guhabwa. Udukorwa turafasha abana kubona ko bafise ikibanza gihambaye mu muryango be n’uko ari kimwe mu vyo basabwa.

Mufashe kwemanga ingaruka z’amakosa yiwe.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umviriza impanuro kandi wemere indero, kugira ngo uze ucike inkerebutsi muri kazoza kawe.”​—Imigani 19:20.

Igihe abana bawe bakoze amakosa, nk’akarorero igihe umukobwa wawe canke umuhungu wawe yononye ikintu c’uwundi atabishaka, ntumuhishirire. Abana barashobora kwiga kwemera ingaruka z’amakosa yabo maze bagasaba imbabazi, kumbure mbere bagatunganya ivyo bononye.

Igihe abana bize kwemanga amakosa yabo, bituma . . .

  • baba imvugakuri

  • birinda kuvyegeka ku bandi

  • birinda kwisigura

  • basaba imbabazi igihe bikenewe