BE MASO! No 2 2019 | Ivyigwa bitandatu abana bakwiye kwiga
Ivyigwa bitandatu abana bakwiye kwiga
Woshima ko umwana wawe aba umuntu ameze gute niyakura?
Yigumya
Yicisha bugufi
Yinanata
Yitaho ibintu
Abona kure
Imvugakuri
Abana ntibashobora kumera gutyo ata wubafashije. Barakeneye gufashwa n’abavyeyi.
Iki kinyamakuru kigiye guca irya n’ino ivyigwa bitandatu bihambaye wokwigisha abana bawe, bizobafasha n’igihe bazoba bamaze gukura.
Kwigumya
Kubera iki kwigumya bihambaye, kandi umuntu akuronka gute?
Kwicisha bugufi
Niwigisha abana bawe kwicisha bugufi, bizobafasha ubu no muri kazoza.
Kwinanata
Abana biga kwinanata baramenya ingene bovyifatamwo neza mu ngorane zibashikira mu buzima.
Kwitaho ibintu
Ni ryari umuntu akwiye gutangura kwiga kwitaho ibintu? Amaze gukura canke akiri muto?
Kwifatanya n’abakuze
Abana barakeneye uwobayobora mu buryo bwiza, ariko none bomukura he?
Imico myiza
Nimwigisha abana banyu imico myiza, bizobafasha no muri kazoza.
Ibindi vyofasha abavyeyi
Abavyeyi na bo nyene barakeneye impanuro nziza zobafasha kubaho neza. Ushaka kumenya n’ibindi, ja kuri jw.org.

