Ishure
Ishure rirakuronsa akaryo ko kwerekana ko ubwenge bwawe bukora neza, ko ushoboye kuguma utekanye kandi unezerewe be n’uko ushoboye kuguma uri intahemuka ku Mana. Ni gute wokwiga amashure utarinze gushuha umutwe?
Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?
Nimba ufise umwigisha agoye, si ngombwa ngo uce uheba ishure. Nugerageze gushira mu ngiro ivyiyumviro vyatanzwe.
Imvo zituma twizera—Guhitamwo akazi wokora
Guhitamwo akazi kabereye birashobora gutuma uta umutwe kandi ukumva urengewe n’amaganya. Nurabe ingene Livia na Jordi baroraniwe.
Nkore iki ko ishure rindambiye?
Nimba udakunda ishure, si wewe wenyene. Raba ico wokora kugira ngo ubone neza ivyo uriko uriga.
Nokora iki hamwe noba ndiko ndananirwa kw’ishure?
Imbere yo kwihebura, nurabe ibintu bitanu kugira uronke amanota meza.
Noba nkwiye guheba ishure?
Inyishu y’ico kibazo ishobora kuba irimwo n’ibindi utiyumvira.
Noba nkwiye guheba ishure?
Kubuzwa amahoro, amaganya be no kuronka amanota mabi kw’ishure birashobora gutuma ishure rirushiriza kukugora. Ntuce uheba ishure. Raba impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga n’ivyo wokora kugira wihangane wongere uronke amanota meza.
Wokora iki igihe hari uwugutoteza?
Benshi mu batotezwa bumva ko batagira gitabara. Iki kiganiro kirasigura icokorwa kugira ibintu birushirize kugenda neza.
Nokwihanganira gute agatotezo?
Urashobora kudahindura uwugutoteza ariko urashobora guhindura uko uvyifatamwo utotejwe.
Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara
Raba igituma hari abatoteza abandi n’ingene wovyifamwo igihe utotejwe.
Kubera iki wokwiga urundi rurimi?
Ni intambamyi izihe umuntu ashobora guhura na zo? Kandi ni ivyiza ibihe bivamwo?
Ivyogufasha kwiga urundi rurimi
Kwiga ururimi rushasha bisaba kwimenyereza, umwanya n’akigoro. Uwu mwimenyerezo uzogufasha kumenya ingene wokwiga ururimi rushasha kandi ukarumenya.

