Insiguro y’imvugo zimwezimwe Ivyabona vya Yehova bakoresha
Turabashimiye kuba mwipfuje kugira ico mushikirije ku bijanye n’igikorwa c’Ivyabona vya Yehova. Iyi nsiguro y’amajambo igenewe kubafasha kuvuga neza no kwandika neza imvugo dukoresha mw’idini ryacu. Nimba ufise ikibazo ku mvugo itashizwe hano, niwiture ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova.
Be maso! Ni ikinyamakuru gisohorwa n’Ivyabona vya Yehova. Catanguye gusohoka mu 1919, ico gihe kikaba citwa Ikiringo c’agakura, mu 1937 gica citwa Uruhoza. Izina Be maso! ryatanguye gukoreshwa ku kinyamakuru co ku wa 22 Myandagaro 1946. Bahisemwo iryo zina ngo bafashe abazosoma ico kinyamakuru kuguma bari maso ku bintu vyerekana ko tubayeho mu misi ya nyuma. Ni kimwe mu binyamakuru bisohoka cane kw’isi.
Beteli, Umunyabeteli, Umuryango wa Beteli. «Beteli» ni ijambo ry’igiheburayo risobanura «Inzu y’Imana.» Ni izina rihabwa inyubakwa Ivyabona vya Yehova bakoreramwo imirimo ishigikira ibikorwa bijanye no kwigisha Bibiliya mu gihugu canke mu karere kanaka. Ivyabona bakorera muri izo nyubakwa bitwa «Abanyabeteli» kandi ntibahembwa. Nka kurya kw’umuryango, barabana, bagasengera hamwe kandi bagakorana. Ni yo mpamvu bitwa «Umuryango wa Beteli.» Izina «Umunyabeteli» si izina ry’icubahiro rihabwa abakorera kuri Beteli.
Bibiliya y’isi nshasha. Ni Ivyanditswe vy’igiheburayo («Isezerano rya kera») n’Ivyanditswe vy’ikigiriki («Isezerano rishasha») vyashizwe mu zindi ndimi kandi bisohorwa n’Ivyabona vya Yehova.
Gileyadi, Ishure rya Gileyadi. Ni imvugo ngufi y’Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi. Ryatanguye mu 1943 rikaba ryari rigenewe kumenyereza abazoba abamisiyonari. Ubu, ni ivyigwa vya Bibiliya bidasanzwe bigirwa n’Ivyabona vya Yehova baba batumiwe muri iryo shure. Igihe hakoreshwejwe ijambo «ishure» gusa rica ritanguzwa n’urudome rutoyi.
ibiro vy’ishami. Ni ikibanza Komite y’ishami ikoreramwo. Gikorerwamwo imirimo ishigikira ibikorwa bijanye no kwigisha Bibiliya bikorwa n’Ivyabona vya Yehova mu gihugu kimwe canke birenga. Hakunze kwitwa ngo «ishami.»
Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Ni urubanza twama tugira buri mwaka rwo kwibuka urupfu rwa Yezu Kristu. Turwita kandi ngo Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, Icibutso, canke Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Twebwe Ivyabona vya Yehova tubona ko ari co kiringo gihambaye kuruta ibindi vyose mu mwaka be n’uko ari vyo birori vyonyene bijanye n’idini Kristu yategetse abigishwa biwe guhimbaza.—Luka 22:19, 20.
ihwaniro. Raba ahavuga ngo ihwaniro mpuzamakungu n’ahavuga ngo ihwaniro ry’akarere.
ihwaniro mpuzamakungu. Ni ikoraniro rijanye n’ugusenga no kwiga Bibiliya rimara imisi itatu ritunganywa n’Ivyabona vya Yehova. Riba buri mwaka, rikabera mu bisagara biba vyacaguwe hirya no hino kw’isi. Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu bitandukanye baratumirwa kuryitaba ari abashitsi. Uwo ari we wese arashobora kuryitaba. Rigenewe gufasha abaryitavye kurushiriza kwiyegereza Imana no gukomeza ubumwe Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose bafitaniye. Amahwaniro mpuzamakungu akunze kubera mu bibanza vyakoswe kandi aba kuva ku wa gatanu gushika ku wa mungu. Kwinjira ni ku buntu kandi nta mperezwa zitozwa.
ihwaniro ry’akarere. Ni ikoraniro riba buri mwaka rimara imisi itatu. Riba ririmwo amashengero atari make yo mu karere kanaka. Rigenewe kuremesha abaryitavye gukomeza ubucuti bafitaniye n’Imana. Abantu bose barashobora kuryitaba. Iyo programa iba irimwo ivyiyumviro vyofasha abantu b’imyaka itandukanye kwisunga impanuro zo muri Bibiliya. Barakina n’udukino dushingiye ku bintu biba mu buzima bwa misi yose canke ku nkuru zo muri Bibiliya, tudufasha gushira mu ngiro ivyigwa dukura muri Bibiliya. Akenshi amahwaniro abera mu bibanza bininibinini vyakoswe, nko ku ma stade. Amahwaniro matomato arashobora kubera ku Ngoro z’amateraniro z’Ivyabona vya Yehova. Akenshi ihwaniro riba amaso mu yandi ritangura ku wa gatanu gushika ku wa mungu. Muri iyi myaka iheze, amahwaniro yarafatwa amajwi agashirwa kuri internet. Cokimwe n’ayandi makoraniro y’Ivyabona vya Yehova, kwitaba iryo koraniro haba ku buhinga bwa none canke amaso mu yandi ni ku buntu kandi nta mperezwa zitozwa.
Ikoraniro rya bose. Ni ikoraniro riba buri ndwi, rikaba rikunze kuba muri wikendi. Harashikirizwa insiguro ishingiye kuri Bibiliya imara iminuta 30 igenewe abantu bose muri rusangi. Akenshi haca hakurikira Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, kikaba ari ikiganiro c’ibibazo n’inyishu gishingiye kuri Bibiliya kiba kiri mu nteguro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi. Cokimwe n’ayandi makoraniro y’Ivyabona vya Yehova, kwitaba iryo koraniro haba ku buhinga bwa none canke amaso mu yandi ni ku buntu kandi nta mperezwa zitozwa.
ikoraniro ryo hagati mu ndwi. Ni ikoraniro riba buri ndwi, akenshi rikaba riba ku mugoroba. Ryitwa ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu, rikaba rigizwe n’ibice bitatu. Rigenewe kumenyereza Ivyabona kugira babe abamamaji kirumara. Cokimwe n’ayandi makoraniro y’Ivyabona vya Yehova, kwitaba iryo koraniro haba ku buhinga bwa none canke amaso mu yandi ni ku buntu kandi nta mperezwa zitozwa.
Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Ni umugwi mutoyi w’abakurambere bagenwa ngo baronse Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi inyigisho zituma barushiriza kwiyegereza Imana. Akenshi bavugwa muri make ngo «Inama Nyobozi.» Baragira uruhara runini mu gutegura ibitabu bivuga ivya Bibiliya. Naho abagize Inama Nyobozi ari bo bahagarikiye igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose, babona ko Yezu Kristu wenyene ari we Ndongozi y’Ivyabona vya Yehova. Abagize Inama Nyobozi bakorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova kiri i Warwick, muri leta ya New York, muri Amerika.
indimiro. Ni igikorwa Ivyabona vya Yehova bakora ku mugaragaro mu kwisunga itegeko rya Yezu ryo kwamamaza «inkuru nziza y’Ubwami» ku bantu bo «mw’isi yose kugira bibe intahe ku mahanga yose.»—Matayo 24:14; 28:19.
Ingoro y’amateraniro y’Ivyabona vya Yehova. Ni ikibanza cagutse co gusengeramwo gihuriramwo amashengero menshi yo mu karere kanaka kandi mu biringo kanaka. Ico kibanza kiba cegukira Ivyabona vya Yehova. Umuntu arashobora no kucita gusa ngo «Ingoro y’amateraniro.»
Ingoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova. Ni ikibanza dusengeramwo, kikaba gikoreshwa n’ishengero rimwe canke arenga. Kenshi tuhita «Ingoro y’Ubwami.» Ntimukwiye gukoresha imvugo «urusengero.»
ishengero. Ni umugwi ugizwe n’Ivyabona vya Yehova bama bahurira hamwe kugira basenge Imana. Abakurambere baritwararika ivyo kwigisha abagize ishengero no gufasha uwo ari we wese muri bo ngo agume afitaniye ubucuti bwiza n’Imana. Abantu bose barahabwa ikaze kuri ayo makoraniro y’ishengero. Kwinjira ni ku buntu kandi nta mperezwa zitozwa.
iteraniro. Nuje ahavuga ngo: iteraniro ry’umuzunguruko.
iteraniro ry’umuzunguruko. Ni ikoraniro rimara umusi umwe riba ririmwo amashengero atari make y’Ivyabona vya Yehova, rikaba rigirwa kabiri mu mwaka. Amateraniro agenewe kuremesha abayitavye gukomeza ubucuti bafitaniye n’Imana kandi uwo ari we wese arashobora kuyitaba. Iyo programa iba irimwo ivyiyumviro vyofasha abantu b’imyaka itandukanye kwisunga impanuro zo muri Bibiliya. Barakina n’udukino dushingiye ku bintu biba mu buzima bwa misi yose, tudufasha gushira mu ngiro ivyigwa dukura muri Bibiliya. Akenshi iryo teraniro rikunze kubera mu Ngoro z’amateraniro z’Ivyabona vya Yehova. Ariko rirashobora no kubera mu kibanza cakoswe canke rikabera ku buhinga bwa none. Akenshi rikunda kuba muri wikendi. Kuryitaba ni ku buntu kandi nta mperezwa zitozwa.
Ivyabona vya Yehova. Ni idini ry’abakirisu, abarigize bakaba basenga Yehova Imana kandi bakigisha Bibiliya n’umwete bakoresheje uburyo butandukanye. Igikorwa cabo co kwigisha Bibiliya gishingiye ku kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, ni ukuvuga intwaro y’Imana. (Matayo 24:14) Iryo zina rirabatandukanya n’ayandi madini. Rirerekana uwo baserukira hamwe n’igikorwa co kwamamaza bakora bishimikije izina ry’Imana. Kugira umuntu yitwe Icabona ca Yehova bisaba ko aba amaze gutahura ku rugero kanaka inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya, agakwiza ibisabwa vyo kuja kuvuga inkuru nziza ari kumwe n’ibindi Vyabona vya Yehova, kandi akerekana ko yiyeguriye Yehova Imana mu kubatizwa. Ahantu ha mbere iryo zina riboneka mu kiganiro rikwiye kwandikwa ryose ngo «Ivyabona vya Yehova.» Iyindi nyandiko yemewe ni «Ivyabona.» Mushaka kuvuga umuntu umwe mwokoresha «Icabona» canke «umwe mu Vyabona vya Yehova.» Imvugo ngo «umuyehova» canke «umujehova» ntizemewe.—Yesaya 43:10.
Komite y’ishami. Igihe hashinzwe ibiro vy’ishami, haragenwa Komite y’ishami, ni ukuvuga abakurambere batatu canke barenga bitwararika ibikorwa vyo mu gihugu canke mu bihugu bigize icibare c’iryo shami.
kwamamaza. Raba ahavuga ngo indimiro.
mushiki wacu. Ni Icabona ca Yehova w’igitsinagore yabatijwe. Mushiki wacu si izina ry’icubahiro.
umuhagarikizi w’umuzunguruko. Ni umukurambere azi utuntu n’utundi ahagarikiwe n’ibiro vy’ishami, yama agendera amashengero yo mu muzunguruko (ari kumwe n’umukenyezi wiwe, nimba yubatse) akenshi buri shengero akarigendera kabiri mu mwaka. Araremesha umwumwe wese mu bagize ishengero, akongera agaha ubuyobozi abakurambere hamwe n’abakozi b’ishengero. Abahagarikizi b’imizunguruko barategura ivyo bazokwigisha mw’ishengero bazogendera. Kwitwa umuhagarikizi w’umuzunguruko si izina ry’icubahiro aba aronse.
umukozi w’ishengero. Ni Icabona w’igitsinagabo kandi azi utuntu n’utundi agenwa kugira afashe abakurambere ibikorwa vy’ishengero. Kugira umuntu abe umukozi w’ishengero, ategerezwa kuguma akwije ibisabwa vyo mu Vyanditswe. Ivyo bisabwa biri muri 1 Timoteyo 3:8-10, 12, 13 na Tito 2:6-8. Umukozi w’ishengero aritwararika ibintu vyinshi bihambaye mw’ishengero. Abakozi b’ishengero si abakozi bahembwa n’ishengero canke irindi shirahamwe ryegukira Ivyabona vya Yehova. Abakozi b’ishengero nka bose usanga bakora ubuzi butandukanye kugira baronke ivyo bakeneye be n’imiryango yabo. Abakozi b’ishengero bamwebamwe baragera aho bakwiza ibisabwa bakaba abakurambere. Kwitwa umukozi w’ishengero si izina ry’icubahiro umuntu aba aronse.
umukurambere. Ni Icabona w’igitsinagabo azi utuntu n’utundi agenwa ngo yigishe yongere yitwararike abagize ishengero kugira bagume bafitaniye ubucuti bwiza n’Imana. Umukurambere ategerezwa kubandanya ashitsa ibisabwa bivugwa muri Bibiliya, nko muri 1 Timoteyo 3:1-7; Tito 1:5-9; Yakobo 3:17, 18; na 1 Petero 5:2. Abakurambere si abakozi bahembwa n’ishengero canke irindi shirahamwe ryegukira Ivyabona vya Yehova. Abakurambere nka bose usanga bakora ubuzi butandukanye kugira baronke ivyo bakeneye be n’imiryango yabo. Kuba umukurambere si igiti umuntu aba aronse gituma asumba abandi. Kwitwa umukurambere si izina ry’icubahiro umuntu aba aronse.
umumisiyonari. Ni Icabona yabatijwe arungikwa n’Inama Nyobozi mu turere dutandukanye two hirya no hino kw’isi. Abamisiyonari baremera kuva iwabo bakimukira mu kindi gihugu kugira bakwiragize inkuru nziza y’Ubwami.—Matayo 24:14.
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova. Ni izina ryose ry’ikinyamakuru nyamukuru gisohorwa n’Ivyabona vya Yehova. Citwa kandi Umunara w’Inderetsi. Iryo zina rivuye mu ciyumviro co kuguma tureretse ukuntu umugambi w’Imana uriko uraranguka. (Ezekiyeli 33:7; Matayo 24:42) Integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi ihabwa abantu bashimishwa n’ukuri, kandi ni ku buntu. Integuro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi irakoreshwa mu kiganiro c’ibibazo n’inyishu kiba buri ndwi mu mashengero yo hirya no hino kw’isi. Umunara w’Inderetsi watanguye gusohoka mu 1879. Ni kimwe mu binyamakuru bisohoka cane kw’isi.
umutsimvyi. Ni Icabona ca Yehova yabatijwe yihatira kumara igitigiri kanaka c’amasaha ariko aramamaza. Akenshi iryo zina rirakoreshwa bashaka kuvuga «umutsimvyi asanzwe», akaba ari umuntu amara amasaha 600 buri mwaka (50 buri kwezi) ariko aramamaza. Rimwe na rimwe rirakoreshwa bashaka kuvuga «umutsimvyi wo gufasha», akaba ari umuntu amara amasaha 15 canke 30 ku kwezi kumwe canke mu mezi nk’angahe akurikirana ariko aramamaza. Abatsimvyi si abakozi bahembwa n’ishengero canke irindi shirahamwe ryegukira Ivyabona vya Yehova. Abatsimvyi nka bose usanga bakora ubuzi butandukanye kugira baronke ivyo bakeneye. Kwitwa umutsimvyi si izina ry’icubahiro umuntu aba aronse.
umuvukanyi. Ni Icabona ca Yehova w’igitsinagabo yabatijwe. Umuvukanyi si izina ry’icubahiro.
umuzunguruko. Ni umugwi w’amashengero y’Ivyabona vya Yehova aba ari mu karere kanaka.
umwamamaji. Ni umuntu agira uruhara mu gikorwa co kwamamaza ari kumwe n’ibindi Vyabona vya Yehova. Mu bisabwa ategerezwa gukwiza harimwo gutahura no kwemera inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya no kubaho yisunga ingingo ngenderwako z’Imana. Abamamaji si abakozi bahembwa n’ishengero canke irindi shirahamwe ryegukira Ivyabona vya Yehova. Kwitwa umwamamaji si izina ry’icubahiro umuntu aba aronse.
Yehova. Ni izina ry’uruharo ry’Imana Mushoboravyose akaba n’Umuremyi nk’uko bivugwa muri Bibiliya. (Zaburi 83:18) Izina «Yehova» ntirikoreshwa mu kuvuga Icabona ca Yehova (nk’akarorero, «umuyehova»).
Yezu Kristu. Ni Umwana w’Imana w’ikinege. (Yohani 3:16) Ivyabona vya Yehova babona ko Yezu Kristu ari we Ndongozi yabo kandi barihatira kumwigana no kwisunga ivyo yigishije. Ivyabona babona ko Yezu ari we muntu ahambaye kuruta ababayeho bose, ko ari Icabona ca Yehova ahambaye kuruta abandi bose kandi ko ari we Yehova Imana azokoresha mu kurokora abantu.—Yesaya 9:6, 7; Ivyahishuwe 1:5.
IBIMENYESHEJWE: Igihe muvuga ibijanye n’Ivyabona vya Yehova, turabasavye mukoreshe iryo zina ryose ahantu ha mbere ribonetse. Ushaka ayandi makuru, raba ahavuga ngo Ivyabona vya Yehova.

