Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NUGUME URI MASO!

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gusenga ibishushanyo?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gusenga ibishushanyo?

 Nk’uko ikinyamakuru kimwe citwa Catholic News Service cabivuze, mu misa yabereye i St. Peter’s Basilica ku wa 25 Ntwarante 2022, Papa Francis yarahagaze imbere y’igishusho ca Mariya “amaso yiwe yugaye kandi yunamitse umutwe ariko arasenga mu gacerere.” “Yarasavye Mariya” amahoro. Ikinyamakuru citwa Vatican News congeyeko giti: “Papa yasenze asaba ngo Umutima utunganye wa Mariya weze abantu bose, canecane abo mu Burusiya no muri Ukraine.”

 Uvyibazako iki? Vyoba bibereye ko dusenga turi imbere y’ibishushanyo canke ko tubikoresha mu gusenga? Raba ivyanditswe bikurikira:

  •   “Ntukihingurire igishusho c’ikibazano canke ishusho imeze nk’ikintu ico ari co cose kiri mu majuru hejuru canke kw’isi hasi canke mu mazi munsi y’isi. Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa.”​—Kuvayo 20:4, 5. a

  •   “Ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu, igikorwa c’amaboko y’umuntu yakuwe mw’ivu. Umunwa birafise, mugabo ntibishobora kuvuga; amaso birafise, mugabo ntibishobora kubona; amatwi birafise, mugabo ntibishobora kwumva. Izuru birafise, mugabo ntibishobora kumoterwa. Amaboko biri na yo, mugabo ntibishobora gukorakora. Ibirenge biri na vyo, mugabo ntibishobora gutambuka; nta jwi bisohora n’umuhogo wavyo. Ababikora bazomera nka vyo, egome, abo bose bavyizigira.”​—Zaburi 115:4-8.

  •   “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje; kandi nta wundi n’umwe nzoha ubuninahazwa bwanje, eka sinzoha ishemezo ryanje ibishusho bibajwe.”​—Yesaya 42:8.

  •   “Muhunge ugusenga ibigirwamana.”​—1 Abakorinto 10:14.

  •   “Mwirinde ibigirwamana.”​—1 Yohani 5:21.

 Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’ico Bibiliya ivuga ku bijanye no gukoresha ibishushanyo mu gusenga, nusome ikiganiro kivuga ngo “Twisunze Bibiliya​—Ibishusho” canke urabe ividewo ivuga ngo Imana yoba yemera ko tuyisenga dukoresheje ibishushanyo?

 Hari aho woshima kumenya ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ibi vyiyumviro bikurikira:

Abo dukesha amafoto: Vincenzo Pinto/AFP via Getty Images

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo “Yehova ni nde?