Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Maremagnum/Corbis Documentary via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Harumagedoni yoba izotangurira muri Isirayeli? Bibiliya ibivugako iki?

Harumagedoni yoba izotangurira muri Isirayeli? Bibiliya ibivugako iki?

 Bibiliya yerekana ko Harumagedoni atari intambara ihuza uburere kanaka, ahubwo ko ari intambara izoba kw’isi yose hagati y’intwaro zose z’abantu n’Imana.

  •   «Amajambo yahumetswe n’amadayimoni . . . [aja] ku bami bo kw’isi yose kugira abakoranirize ku ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose. Ayo majambo yahumetswe abakoraniriza ahantu hitwa Harumagedoni mu giheburayo.»​—Ivyahishuwe 16:14, 16.

 Ijambo «Harumagedoni» riva mw’ijambo ry’igiheburayo Har Meghid·dohnʹ, risobanura «Umusozi wa Megido.» Megido cari igisagara co muri Isirayeli ya kera. Ku bw’ivyo, abantu bamwebamwe bemera ko intambara ya Harumagedoni izobera muri Isirayeli. Ariko, «abami bo kw’isi yose» n’ingabo zabo ntiboshobora gukoranira mu karere ka Megido canke mu kandi karere k’ibihugu vy’Abarabu kubera ari hato.

 Igitabu c’Ivyahishuwe canditswe mu “bimenyetso,” ni ukuvuga mu mvugo y’ikigereranyo. (Ivyahishuwe 1:1) Harumagedoni ntiyerekeza ku kibanza nya kibanza, ahubwo yerekeza ku bintu bizoba kw’isi yose igihe amahanga azokoranira hamwe kugira agerageze ari bwo bwa nyuma kurwanya Imana.​—Ivyahishuwe 19:11-16, 19-21.