Isi yoba yimirije gukurwaho? Bibiliya yoba ivuga ko isi izovaho buhere?
Ni igiki gica kikuza mu bwenge iyo wumvise ijambo “umuhero”? Ushobora guca wiyumvira ko ari icago kizotera isi yose, kigatikiza ikiri n’ubuzima cose. Hari abiyumvira ko isi yimirije gushikirwa n’icago nk’ico, canecane igihe basomye amakuru nk’aya:
“Intambara ruhonyanganda irashobora kwaduka. Ishobora kuzoterwa n’abantu, canke ikiyadukiza, canke ikava ku gutahurana ukutari kwo.”—Bulletin of the Atomic Scientists.
“Mu myaka cumi iheze ivyago vy’ivyaduka vyarongerekanye ku rugero ruteye ubwoba. Hirya no hino kw’isi harateye ibihuhusi, imiriro ya nyakanga, uruzuba, ugutosekara kw’ibidukikije, ubushuhe, n’imyuzurira.”—National Geographic.
“Inzige zateye muri Afrika zari nyinshi cane kandi zarononye ibintu vyinshi kuruta uko vyahora.”—The Associated Press.
Hoba hari icago kizohonya isi yose? Bibiliya ibivugako iki?
Umubumbe w’isi woba uzokurwaho?
Oya. Ijambo ry’Imana Bibiliya riratubwira ko isi izokwamaho ibihe bidahera. (Umusiguzi 1:4) Imana ntizohonya isi yaremye, ahubwo ‘izohonya abahonya isi.’—Ivyahishuwe 11:18.
Isi yoba yimirije gukurwaho?
Twisunze ibivugwa muri Bibiliya, “isi” izokurwaho ni abantu batagamburukira Imana kandi bakurikira ivyipfuzo vy’ubwikunzi. Nk’uko Imana yabikoze mu gihe ca Nowa, izokuraho “isi y’abantu batibanga Imana.”—2 Petero 2:5; 3:7.
Nk’uko muri 1 Yohani 2:17 havyerekana, “isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo.” Uwu murongo uratwereka ko Imana itazokuraho uwu mubumbe wacu w’isi, ahubwo ko izokuraho abantu babandanya gukora ibibi.
Umuhero uzoza ryari?
Bibiliya ntitubwira idomako igihe umuhero uzozira. (Matayo 24:36) Yamara, irerekana ko umuhero wegereje. Bibiliya yari yaravuze ibi bikurikira:
Hobayeho intambara, ubukene bw’ibifungurwa, ibiza, na vya nyamugigima bikomeye, “biva hamwe bija ahandi.”—Matayo 24:3, 7, 14; Luka 21:10, 11; Ivyahishuwe 6:1-8.
Abantu muri rusangi bobaye bikunda bimwe bidasanzwe. Nk’akarorero, bobaye ari “inkunzi z’amahera,” “intashima,” kandi “batagira ukwigumya.”—2 Timoteyo 3:1-5.
Abantu benshi baremera ko kuva mu 1914, ibintu kw’isi bimeze neza na neza nk’uko Bibiliya yari yarabivuze kandi ko iherezo riri hafi. Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo “1914: Bibiliya ihishura iki ku bijanye n’uwo mwaka?” n’ikivuga ngo “Ni ikimenyetso ikihe kiranga ‘imisi ya nyuma’ canke ‘imisi y’iherezo’?”
Igitabu ca nyuma ca Bibiliya coba kivuga ko isi izovaho buhere?
Igitabu ca nyuma ca Bibiliya kiravuga ibijanye n’igihe c’“ihishurwa ry’Umukama Yezu,” iriba igihe Yezu aza afise ububasha kugira akure kw’isi ibibi vyose maze ahe impera abasenga Imana.—2 Abatesalonika 1:6, 7; 1 Petero 1:7, 13.
Kirahishura ibizoba muri kazoza. (Ivyahishuwe 1:1) Kirimwo inkuru nziza n’ubutumwa butanga icizigiro. (Ivyahishuwe 1:3) Kirerekana ko Imana izokuraho akarenganyo maze igahindura isi iparadizo. Ico gihe, abantu ntibazoba bagishikirwa n’imibabaro, ingorane, canke urupfu.—Ivyahishuwe 21:3, 4.
Woba wipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye iyo mihango myiza yo muri Bibiliya? Ivyabona vya Yehova barashobora kugufasha kwiga Bibiliya ku buntu. Nuce ubarondera kugira bagufashe.