Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera

Umuremyi wacu aripfuza kutuyobora, kudukingira no kuduhezagira.

Intangamarara

Kubera yuko Imana ikunda abantu, iratwigisha uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kubaho.

Ni gute twumviriza Imana?

Turakwiye kumenya ico twokora n’uwodufasha kugikora.

Imana y’ukuri ni nde?

Turashobora kumenya izina ryayo na kamere zayo.

Ubuzima bwo mw’Iparadizo bwari bumeze gute?

Igitabu ca mbere ca Bibiliya kirigana uko bwari bumeze.

Ni igiki twigira kuri rya Segenya rikomeye?

Iyo nkuru irafise ico itwigisha.

Yezu yari nde?

Kubera iki bihambaye ko tumenya ibimwerekeye?

Urupfu rwa Yezu ruvuze iki kuri wewe?

Ruratuma twironkera ivyiza vyinshi.

Iparadizo izoza ryari?

Bibiliya iravuga ibintu vyobaye iri mu kuza.

Yehova yoba atwumviriza?

Ni ibiki womubwira mu masengesho umutura?

Ushobora gute kugira ubuzima bwo mu rugo burangwa agahimbare?

Uwatangaje umuryango araduha impanuro nziza kuruta izindi zose.

Dutegerezwa gukora iki kugira ngo duhimbare Imana?

Hariho ibintu yanka n’ibintu ikunda.

Wokwerekana gute ko uri intahemuka kuri Yehova?

Ingingo ufata zirerekana ko wipfuza kuba intahemuka.