Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 97

Yezu Aje nk’Umwami

Yezu Aje nk’Umwami

YEZU amaze gukiza impumyi zari zitunzwe n’ugusega aca ashikīra imihana y’i Betaniya. Abwira babiri mu bigishwa biwe ati: ‘Ni mwinjire mu mihana, muraza kubona inyana y’indogoba, muyiziture muyinzanire.’

Bayimuzaniye ayicarako aja i Yeruzalemu, na ho ntihari kure cane. Yegereje kuhashika, ishengero riza kumusanganira. Benshi muri ryo bambura imyitwikiro yabo bayisasa mu nzira. Abandi na bo baca amashami y’ibigazi, na yo nyene barayasasa. Baca batera urwamo bati: ‘Mana hezagira umwami aje mw izina rya Yehova!’

Kera mu Bisirayeli, abami bashasha binjira i Yeruzalemu bari ku nyana y’indogoba ngo biyerekane ku bantu. Ivyo ni vyo na Yezu yagize, abantu na bo baca berekana ko bashaka ko aba umwami wabo. Ariko si bose bāmushaka. Ivyo tuvyerekwa n’ivyabaye yinjiye mu rusengero.

Yinjiye akiza impumyi n’ibimuga. Abana babibonye batera urwamo bamushemeza. Abaherezi barashavura, bati ‘ntiwumva ivyo abo bana bariko baravuga?’

Na we ati: ‘Egome ndavyumva. Ntimurasoma muri Bibiliya ahanditswe ngo: “Mu kanwa k’abana bato, Imana izokurayo amajambo yo gushemeza?” ’ Nya bana baguma bashemeza umwami yatowe n’Imana.

Dushaka kuba nk’abo bana, si ko? Hari aho bamwe bamwe bogerageza kutubuza ngo ntitugānire ivy’ubwami bw’Imana. Ariko twoguma tubwira abandi ibitangaza Yezu azokorera abantu.

Aho Yezu yari kw isi, igihe co kuba umwami nticari bwagere. Kizogera ryari none? Abigishwa ba Yezu bārashaka kubimenya. Ivyo tuza kuvyumva mu nkuru ikurikira.