Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 7

Umuntu w’Umutinyutsi

Umuntu w’Umutinyutsi

ABANTU batanguye kugwira kw isi, benshi muri bo baba inkozi z’ikibi nka Kayini. Umwe gusa ni we yari mwiza. Ni uyu; yitwa Henoki. Ntiyatinya. Abaturanyi biwe bose bakora ibibi, ariko we yaguma akorera Imana.

Urazi igituma abantu b’ico gihe bakora ibibi vyinshi cane? Ibuka, ni nde yatumye Adamu na Eva bagābira Imana barya icamwa yari yababujije kurya? Ni umumarayika mubi. Bibiliya imwita Shetani. Yāma agerageza kwosha umuntu wese ngo abe mubi.

Umusi umwe, Imana Yehova ibwiriza Henoki kubwira abantu ijambo ritabashimishije namba. Ngiri: ‘Umusi umwe Imana izohonya abanyakibi bose.’ Ngira ngo boba barashavuye cane igihe bavyumviye. Hari n’aho boba bashatse kwica Henoki. Henoki rero yategerezwa kurinda cane, kugira ngo abamenyeshe ivyo Imana ishaka kugira.

Imana ntiyamuretse ngo abandanye kubana n’izo nkozi z’ibibi. Yamaze imyaka 365 gusa. Ni kuki tuvuze duti “imyaka 365 gusa”? Ni uko abantu b’ico gihe bari bakomeye cane kurusha ab’ubu; kandi bāraramba cane. Raba! Nka Metusela umuhungu wa Henoki yamaze imyaka 969!

Henoki amaze gupfa, abantu baca barāmuza mu gukora ibibi. Bibiliya ivuga ko ‘ico biyumvīra cose cama ari kibi ibihe vyose, kandi ko isi yuzuye ubugarariji.’

Urazi icatumye haba umudurumbanyo kw isi ico gihe? Ni uko Shetani yari yaronse ubundi buryo bwo kwosha abantu gukora ibibi. Ni vyo tugira ngo twige.