Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

3. Niwemere gufashwa n’abandi

3. Niwemere gufashwa n’abandi

Ukuntu ushobora gutahura Bibiliya

3. Niwemere gufashwa n’abandi

Igihe uwugenzura uturere yitwa Edward John Eyre yafata urugendo rutoroshe rwamucishije mu gahinga ka nyaganande k’Ikiyaya ca Nullarbor, abantu baho barigishije Eyre ukuntu yoronka amazi ayakuye mu birundo vy’umusenyi no mu biti vy’imikaratusi. Kuba Eyre yaremeye gufashwa n’abatahura ivy’ako karere, vyahavuye birokora ubuzima bwiwe.

NK’UKO ako karorero kavyerekana, kugira ngo umuntu arangure neza igikorwa kigoye, akenshi bisaba ko afashwa n’umuntu abimenyereye kuruta. Ni na ko bimeze igihe utanguye gusoma Bibiliya.

Yezu ntiyari yiteze ko abayoboke biwe batahura Bibiliya badafashijwe n’abandi. Igihe kimwe, “[yaruguruye] imizirikanyi yabo bimwe bishitse kugira ngo bategere insobanuro y’Ivyanditswe.” (Luka 24:45) Yezu yari azi ko abasomyi ba Bibiliya bakeneye gufashwa kugira ngo batahure inyigisho zo mu Vyanditswe.

Ukwiye kwemera gufashwa na nde?

Yezu yarashinze abayoboke biwe b’ukuri ibanga ryo gutanga iyo mfashanyo. Imbere y’uko Yezu yurira mw’ijuru, yategetse ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, . . . mubigisha gukurikiza ibintu vyose nabategetse.” (Matayo 28:19, 20) Igikorwa nyamukuru abakirisu barangura ni ic’ukwigisha, kino kikaba kirimwo ugusigura ukuntu ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gushirwa mu ngiro mu buzima bwa misi yose. Abakirisu b’ukuri barafasha abandi gutahura Bibiliya.

Haciye igihe gito Yezu ashinze ico gikorwa abayoboke biwe, hari ikintu gishimishije cabaye. Bibiliya iravuga ibijanye n’umukozi wo ku kirimba c’i bwami yaturuka muri Etiyopiya yariko arasoma igihimba co mu buhanuzi bwa Yesaya. Yahavuye ashikira imirongo yamuteye amadidane. Nk’uko inkuru yo muri Bibiliya ibivuga, imirongo atatahura yagira iti: “Nka kurya kw’intama, ni ko yazanywe mw’ibagiro, kandi nka kurya kw’umwagazi w’intama utavuga imbere y’umukemuzi wawo, ni ko adakurako umunwa. Mu gihe c’uguteterezwa kwiwe urubanza rubereye yararukuweko. Ni nde azodonda amamuko yiwe? Kubera ko ubuzima bwiwe bukuwe kw’isi.”​—Ibikorwa 8:32, 33; Yesaya 53:7, 8.

Uwo mukozi yarabajije Filipo, uno akaba yari umukirisu azi utuntu n’utundi yatahura neza Ivyanditswe, ati: “Ibi umuhanuzi abivuga kuri nde? Kuri we nyene canke ku wundi muntu?” (Ibikorwa 8:34) Uwo Munyetiyopiya w’inziraburyarya yari amaze kuja i Yeruzalemu gusenga, kandi ashobora kuba yarasenga asaba ubuyobozi. Bigaragara ko yasoma abishashaye kandi aturuye. Ariko rero, ntiyari bwashobore gutahura iyo mirongo. Abigiranye ukwicisha bugufi, yarasavye Filipo ngo amufashe. Insobanuro Filipo yahaye uwo mugabo yaramuhimbaye cane ku buryo yaciye na we nyene avyurirwa umutima wo gucika umukirisu.​—Ibikorwa 8:35-39.

Ivyabona vya Yehova barabandanya ico gikorwa Filipo be n’abandi bakirisu bo mu ntango bakoze. Mu bihugu birenga 235, Ivyabona barafasha abandi babigiranye umutima ukunze bagatahura ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha. Ivyo babigira mu kwiga Ivyanditswe bafatiye ku ciyumviro kinaka. Ubwo buryo bwo kwiga Bibiliya intambwe ku yindi burimwo kwihweza ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’iciyumviro kandondwa. a​—Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Inyishu zimara akanyota ku bibazo bishingiye kuri Bibiliya.”

“Ibibazo vyanje vyose vyarishuwe”

Bamwe Steven, Valvanera na Jo-Anne bavugwa mu kiganiro ca mbere, baratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Steven avuga ati: “Narumijwe n’ukubona ko, biciye ku kugereranya gusa ingingo ngenderwako nka zingahe canke inkuru zitandukanye zo mu Vyanditswe, akenshi ukuri ku vyerekeye ikintu kinaka kwaca ubwo nyene kuja ahabona igihe cose. Ntaratangura kwiga Bibiliya, nta n’umwe yari bwanyereke ingene nobigira. Nararuhuriwe cane no kumenya yuko Bibiliya atari ngombwa ngo ibe urusobe rudahera rw’ibibazo be n’ivyiyumviro bivuguruzanya.”

Valvanera aremera ko ari ukwo biri. Avuga ati: “Ivyo niga vyose vyarahuza cane kandi vyarumvikana. Vyari ivy’ukuri, atari kubera gusa yuko ‘idini’ ari ko ryavyigisha, ariko kubera yuko ikintu cose catangirwa insobanuro yumvikana.” Jo-Anne yigana ati: “Kuba ibibazo vyanje vyose vyarishuwe hisunzwe Bibiliya vyatumye ngirira akoba cane uwo ikomokako, ni ukuvuga ndamwubaha cane, kubera yuko yabonye imbere y’igihe ko abantu boshoboye kugira ibibazo vyinshi bitesha umutwe, maze aritwararika kwandikisha muri Bibiliya inyishu zavyo zimara akanyota.”

Hoba hari Icabona ca Yehova uzi? Ni kubera iki utomusaba ngo akwereke ingene iyo porogarama yo kwiga Bibiliya igirwa? Nimba wewe ubwawe ata Cabona ca Yehova uzi, turakwinginze wandike ukoresheje imwe muri aderese zatanzwe ku rupapuro rwa 4 rw’iki kinyamakuru. Ubifashijwemwo n’impwemu nyeranda y’Imana, wugurutse mu bwenge, kandi ufashijwe n’umuntu ashoboye kwigisha Bibiliya, Ijambo ry’Imana si ngombwa ngo rikubere igitabu kigoye gutahura. Emwe, urashobora gutahura Bibiliya!

[Akajambo k’epfo]

a Igitabu cafashije abantu benshi mu kwiga Ivyanditswe bafatiye ku ciyumviro kinaka ni ikivuga ngo Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 8]

 Inyishu zimara akanyota ku bibazo bishingiye kuri Bibiliya

Bimwebimwe mu vyiyumviro nyamukuru birimburwa n’Ivyabona vya Yehova muri porogarama bagira yo kwigisha Bibiliya ni ibi:

• Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

• Abapfuye bari hehe?

• Twoba turi mu “misi y’iherezo”?

• Ni kubera iki Imana ireka hakaba ugucumukura?

• Nogira iki kugira ngo mu rugo iwacu harangwe agahimbare?

[Amafoto ku rup. 7]

Kugira ngo utahure Bibiliya . . . nusenge usaba impwemu y’Imana, usome wugurutse mu bwenge, wemere gufashwa n’abandi