BE MASO! Ntwarante 2015 | Imana yoba ibaho? Kubimenya vyokumarira iki?
Inyishu y’ico kibazo yogutangaza cane.
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Imana yoba ibaho? Kubimenya vyokumarira iki?
Ikibazo co kumenya nimba Imana ibaho, abantu benshi babona ko kidashobora kwishurwa canke ko kidahambaye. Inyishu yaco yoba ihambaye vy’ukuri?
UDUKURU TW’IRYA N’INO
Uko vyifashe muri Afrika
Ibiturire bitamenyekana n’uruhigi rutemewe rw’ibifaro birafise ico bihuriyeko.
ICOFASHA UMURYANGO
Sobukwe na nyokobukwe
Ibintu bitatu vyobafasha kugira ngo ikibazo kiri hagati yanyu n’abavyeyi banyu ntigihungabanye umubano wanyu.
KAHISE KATWIGISHA IKI?
Ingingo zagabuye imigabane y’isi
Kubera iki Brezile ari co gihugu conyene co muri Amerika gikoresha ururimi rw’igiportigale?
Akayaga n’akazuba vyoba vyica imigera?
Ivyigwa vyagizwe mu bihe vya none vyarashigikiye ivyo abahinga bo mu myaka ya 1800 bashitseko.
VYOBA VYARIYADUKIJE?
Ikinyugunyugu cumva bimwe bidasanzwe
Naho ugutwi kwaco gusanzwe, kurumva gusumba ukw’ibindi bikoko vyose.
Ibindi usanga kuri internet
Ivyo abakiri bato bavuga ku bijanye no kwoshwa ngo uje mu buhumbu
Umviriza ivyo abakiri bato batanu bavuga ku bijanye no kubuzwa amahoro be n’ico umuntu yokora ivyo bishitse.
Nupange neza ibintu vyawe
Yehova arafise aho ashira ikintu cose. Nurabe nawe ingene ushobora gupanga neza ibintu vyawe!