Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

KAHISE KATWIGISHA IKI?

Ingingo zagabuye imigabane y’isi

Ingingo zagabuye imigabane y’isi

IGIHE umugabo yitwa Christophe Colomb yatahuka mu 1493 avuye mu rugendo rwa mbere yagize muri Amerika, aho yubuye intara zitari zizwi, umwami wa Espanye n’uwa Portigale vyaranse ko bumvikana ku bijanye n’uwokwigaruriye izo ntara, akazikoreramwo n’urudandaza. Espanye yaciye yitura Pāpa Alegizandere wa gatandatu kugira abatature.

ABAMI N’ABAPĀPA BAGABURA IMIGABANE Y’ISI

Ntiryari ryo rya mbere Espanye, Portigale hamwe n’abapāpa bicariye ikibazo co kumenya uwokwegukira intara zaba ziherutse kwuburwa. Mu 1455, Pāpa Nikola wa gatanu yarahaye Abanyaportigale uburenganzira bwose bwo kugenzura intara n’amazinga vyo muri Afrika vyari ku nkengera y’Ibahari Atlantike, bakigarurira ivyo bahasanze vyose. Mu 1479, mu Masezerano y’i Alcáçovas, Umwami Afonso wa gatanu wa Portigale n’umuhungu wiwe Umuganwa Yohani barahebeye amazinga yitwa Canaries Umwami Ferdinand wa Espanye n’umwamikazi wiwe Isabelle. Espanye na yo yaciye yemera ko Portigale yihariza urudandaza rwo muri Afrika, ikagaba n’amazinga Açores, Cap-Vert na Madère. Haciye imyaka ibiri, Pāpa Sixte wa kane yaremeje ayo masezerano, aratomora yuko intara zose zokwubuwe mu bumanuko no mu buseruko bw’amazinga ya Canaries zokwegukiye Portigale.

Aho rero Colomb atahukiye, Yohani, uwari asigaye ari Umwami Yohani wa kabiri wa Portigale, yavuze ko intara uwo mugabo yari yubuye ari iza Portigale. Ariko abami bo muri Espanye si ko babibona. Baciye rero bitura pāpa mushasha Alegizandere wa gatandatu, kugira avuge abokwegukira intara Colomb yari yubuye, abazibamwo na bo bakabahindura abakirisu.

Pāpa Alegizandere wa gatandatu yagabuye imigabane y’isi akoresheje ikaramu gusa

Kugira ngo abatature, Alegizandere yaciye afata ingingo zitatu. Mu ya mbere, yavuze ko “biciye ku bubasha bw’Imana Mushoboravyose,” ahaye Espanye uburenganzira ntayegayezwa bwo kugaba intara zari zubuwe. Ingingo ya kabiri, yarashinga umupaka uva mu buraruko ugashika mu bumanuko waca ku bilometero nka 560 mu burengero bw’amazinga ya Cap-Vert. Intara zose zari zimaze kwuburwa n’izokwubuwe mu burengero bw’uwo mupaka, pāpa yavuze ko zokwegukiye Espanye. Gutyo, pāpa yari agabuye imigabane y’isi akoresheje ikaramu gusa! Ingingo ya gatatu yasa n’iyiha Espanye ububasha bwo kwigarurira intara zo mu buseruko gushika no mu Buhindi. Ivyo rero vyarashavuje cane Umwami Yohani kubera ko abatwarwa biwe bari baherutse kurengana isonga ry’epfo ry’umugabane wa Afrika, ivyo bikaba vyarabaha uburenganzira bwo kwihariza akarere k’Ibahari Indiyano.

UMUPAKA MUSHASHA

Yohani wa kabiri yumvise ingingo za pāpa Alegizandere zimushegeshe, * yaciye yivuganira na Ferdinand na Isabelle. Umwanditsi William Bernstein yavuze ati: “Umwami wa Espanye n’umwamikazi wiwe, barahimbawe cane n’ico ciyumviro co kwumvikana n’Abanyaportigale kubera ko Abanyaportigale bari inshirwarimenetse. Vyongeye, Abanyespanye bari bifitiye uturere bariko barigarurira muri Amerika.” Mu 1494, baciye rero basinya amasezerano yitiriwe igisagara co muri Espanye bayasinyiyemwo citwa Tordesillas.

Muri ayo Masezerano y’i Tordesillas, baragumijeho wa mupaka Alegizandere yashinga uva mu buraruko ugashika mu bumanuko, ariko bawigizayo gushika ku bilometero 1.480 mu burengero. Vyaciye rero vyitwa ko Afrika yose yegukira Portigale, Amerika na yo ikegukira Espanye. Ariko rero, ukwo kwigizayo umupaka mu burengero kwatumye igihugu ca Brezile cegukira Portigale igihe cuburwa.

Ingingo zahaye Espanye na Portigale uburenganzira bwo kwigarurira no kurwanira intara nshasha, zaratumye haseseka amaraso menshi. Izo ngingo zarahonyanze uburenganzira bw’ababa muri izo ntara, zikaba zaratumye bene kuzigarurira biganzira abazibamwo barabarya n’imitsi. Vyongeye, izo ngingo zarabaye intandaro y’amatati yamaze ibinjana aba hagati y’ibihugu vyarondera kugaba no kuganza ibiyaga.

^ par. 9 Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’uwo mupāpa yakoze amarorerwa, raba ikiganiro kivuga ngo “Alegizandere wa Gatandatu ni umupapa Roma itibagira,” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2003, urupapuro rwa 26-29.