Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Umuhora wo kuri Internet udasanzwe

Umuhora wo kuri Internet udasanzwe
  • NIWISOMERE Bibiliya mu ndimi nka 50 be n’ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya biri mu ndimi zirenga 500.

  • NIWIRABIRE amasanamu yerekanwa mu ndimi z’ibimenyetso hafi 70.

  • NUJE mu bibanza bitandukanye vy’uwo muhora mu ndimi amajana.

  • NIWUMVIRIZE ibikino vyo kwumviriza vyigana inkuru zishimishije zo muri Bibiliya.

  • NURABE ibicapo bigufasha kwiha ishusho y’ibivugwa mu nkuru zo muri Bibiliya.

  • NURORERE ibikino bishingiye kuri Bibiliya be n’ayandi mavidewo bishobora kugufasha mu ngorane zo mu buzima.

  • NUVOME ku buntu ibisomwa bitunganijwe mu buryo bwa elegitoronike, ibiganiro vyo mu binyamakuru, n’ibiganiro vyo kwumviriza.

  • NUGIRE UBUSHAKASHATSI ku bibazo bitandukanye ukoresheje ICEGERANYO C’IBITABU CO KURI “INTERNET” ca Watchtower gitekeye amakuru menshi cane mu ndimi zirenga 100.

 ABUBATSE

“Ndipfuza ko urugo rwanje ruroranirwa. Umubano wacu waraciye mu ngorane, canecane kuva aho turonkeye ibibondo. Turakeneye icodufasha”

BIBILIYA IVUGA ITI:

“Ubukerebutsi ni bwo bwubaka urugo, kandi ugutahura ni kwo kurushimangira.”​—Imigani 24:3.

IBIGANIRO VYO KURI UWO MUHORA VYOFASHA

Igice kivuga ngo “Abubatse be n’abavyeyi” kirashobora kubafasha kuvyifatamwo neza mu bintu bitoroshe nk’ibi:

  • Ukuntu mwotsinda urugamba rwo mu mwaka wa mbere w’umubano w’ababiranye

  • Kwumvikana na sobukwe be na nyokobukwe

  • Ugutoza indero abana

  • Ingene mworeka gushwana

  • Ingene mwohangana n’ingorane z’amahera

(Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > ABUBATSE BE N’ABAVYEYI)

Igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo kiraca irya n’ino ibibazo bitandukanye bijanye n’umuryango, uhereye ku kwitegurira kwubaka urwawe gushika ku kwitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru.

(Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE > IBITABU N’UDUTABU)

 ABAVYEYI

“Abana banje ni bo nshira imbere y’ibindi vyose. Nipfuza ko bakura bakaba abantu nokwishimira”

BIBILIYA IVUGA ITI:

“Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo.”—Imigani 22:6, “Bibiliya Yera.”

IBIGANIRO VYO KURI UWO MUHORA VYOFASHA

Igice kivuga ngo “Abana” kirimwo amashusho yigana inkuru zo muri Bibiliya, udukorwa tujanye n’amashusho, amavidewo be n’ivyigwa vya Bibiliya bishobora gufasha abana bawe . . .

  • kugamburuka

  • kugaragaza umutima mwiza

  • kwumvikana n’abo bavukana

  • kuvuga ngo “urakoze”

(Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > ABANA)

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya be n’igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye ni ibitabu birimwo amashusho meza vyateguwe kugira ngo ubisome uri kumwe n’abana bawe.

(Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE > IBITABU N’UDUTABU)

 IMIYABAGA

“Noshima kuronka impanuro zomfasha, nko mu bijanye n’ivyo kw’ishure, abavyeyi banje, abagenzi banje be n’abo tudasangiye igitsina. Sinkiri umwana wo kubwirwa akantu kose akwiye gukora”

BIBILIYA IVUGA ITI:

“Umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe.”—Umusiguzi 11:9, “Bibiliya Yera.”

IBIGANIRO VYO KURI UWO MUHORA VYOFASHA

Igice kivuga ngo “Imiyabaga” kirimwo ibiganiro be n’amavidewo bishobora kugufasha . . .

  • igihe wumva irungu

  • igihe ufise ingorane kw’ishure

  • igihe warenze itegeko ryo muhira

  • igihe hari uwugutoteza canke uwukubuza amahoro arondera ko musambana

(Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > IMIYABAGA)

Igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro ca 1 n’ica 2, birishura ibibazo 77 bihambaye urwaruka rukunze kubaza.

(Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE > IBITABU N’UDUTABU)

 ABIPFUZA GUTAHURA BIBILIYA

“Ndipfuza gutahura Bibiliya. Nobigenza gute?”

BIBILIYA IVUGA ITI:

“Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha.”—2 Timoteyo 3:16.

IBIGANIRO VYO KURI UWO MUHORA VYOFASHA

Bibiliya y’isi nshasha ni Bibiliya yahinduwe mu buryo butarimwo amakosa kandi yoroshe gutahura.

(Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE > BIBILIYA)

Igice kivuga ngo “Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya” kiratanga inyishu zidomako z’ibibazo bitandukanye, nk’ikivuga ngo “Imana yoba ari yo ikwiye kubazwa imibabaro idushikira?” n’ikivuga ngo “Bitugendera gute iyo dupfuye?”, n’ibindi n’ibindi.

(Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA)

Igice kivuga ngo “Gusaba kwigishwa Bibiliya” kiraguha akaryo ko kwungukira ku vyigwa vya Bibiliya dutanga ku buntu.

(Nufyonde ku majambo avuga ngo “Gusaba kwigishwa Bibiliya” ari ku ntango y’uwo muhora)

“Narahevye gusoma Bibiliya kubera ko ata na kimwe natahura. Mugabo maze kuyiga nkoresheje igitabu ‘Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?’ naratangajwe n’ukuntu Bibiliya yoroshe gutahura kandi ivuga ibintu bitomoye.”​—Vyavuzwe na Christina.

Buri musi abantu nka 700.000 baraja ku muhora jw.org. Weho bite?