Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! NZERO 2014

 IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | FENG-LING YANG

Umuhinga w’utunyabuzima dutoduto asigura icatumye yemera Imana

Umuhinga w’utunyabuzima dutoduto asigura icatumye yemera Imana

Umupfasoni yitwa Feng-Ling Yang ni umuhinga akomeye afasha mu bushakashatsi ku kigo gikuru c’ubushakashatsi c’i Taipei, muri Tayiwani. Ivyo akora biramaze gusohorwa mu binyamakuru bivuga ivya siyansi. Yahora yemera inyigisho ivuga yuko ibiriho vyabayeho biciye kw’ihindagurika. Mugabo yahavuye ahindura ivyiyumviro. Ikinyamakuru Be maso! caramubajije ibijanye n’akazi akora be n’ivyo yemera mu vy’Imana.

Wotubwira ivyerekeye umuryango wakuriyemwo?

Abavyeyi banje bari bakenye cane, kandi mawe ntiyigeze yiga gusoma no kwandika. Twarorora ingurube, tukarima n’imboga mu karere gakarirwa cane n’imyuzure kari hafi y’igisagara ca Taipei. Abavyeyi banje baranyigishije akamaro ko gushiruka ubute no gufasha abandi.

Umuryango wanyu woba warakunda ivy’Imana?

Mu muryango wacu twari mw’idini ry’abatawo. Twarashikanira ibimazi imana twita Imana y’ijuru, mugabo nta na kimwe twari tuzi ku biyerekeye. Nahora nibaza nti: ‘Kubera iki abantu bashikirwa n’imibabaro? Kubera iki abantu bikunda?’ Narasomye ibitabu bivuga ivyerekeye idini ry’abatawo n’iry’ababuda be n’ivyerekeye kahise k’ibihugu vya Buraya, Amerika na Aziya. Naragiye no mu madini nk’angahe. Mugabo sinaronse inyishu z’ibibazo nibaza.

Kubera iki none washimye kwiga ivya siyansi?

Narakunda ibiharuro kandi naratangazwa cane n’ukuntu ibiriho vyose usanga bikozwe mu buryo bwisunga amategeko kanaka. Wihweje ibiriho vyose, guhera ku kirere amahero gushika ku tunyabuzima tunzwinya, usanga ibibigize bitunganijwe mu buryo bwisunga ayo mategeko. Naripfuza rero gutahura ayo mategeko.

Kubera iki wabona ko inyigisho y’ihindagurika ari iy’ukuri?

Nta kintu nigishijwe caza kivuguruza iyo nyigisho. Kuva ntanguye amashure yisumbuye gushika ngeze muri kaminuza, iyo nyigisho y’ihindagurika ni yo yonyene numva ikoreshwa mu gusigura ingene ibiriho vyabayeho. Vyongeye, kubera ko nari maze kuba umushakashatsi mu gisata c’ivya siyansi cerekeye ibinyabuzima, vyari vyitezwe ko nemera inyigisho y’ihindagurika.

Kubera ko nari umushakashatsi mu gisata c’ivya siyansi cerekeye ibinyabuzima, vyari vyitezwe ko nemera inyigisho y’ihindagurika

Ni igiki catumye utangura gusoma Bibiliya?

Mu 1996 naragiye kuba mu Budagi kugira niyongeze amashure ya kaminuza. Mu mwaka wakurikiye  narahuye n’umupfasoni yitwa Simone, akaba yari Icabona ca Yehova. Yarambajije nimba noshima ko anyereka ico Bibiliya ivuga ku bibazo vyanje. Ambwiye ko Bibiliya isigura intumbero y’ubuzima, naciye numva nshashaye kumenya ico ibivugako. Naciye ntangura kuza ndavyuka isaha cumi n’inusu zo mu gitondo, nkamara isaha nsoma Bibiliya. Mpejeje naca nsohoka nkagendagenda nzirikana ku vyo nasomye. Mu mwaka wakurikiye, narasomye Bibiliya yose. Naratangajwe cane n’ukuntu ivuga ibizoba muri kazoza kandi bikaba koko. Nahavuye njijuka ko Bibiliya iva ku Mana.

Wabona gute ibijanye n’inkomoko y’ubuzima?

Urabona, igihe natangura kuzirikana ico kibazo nitonze mu mpera y’imyaka ya 1990, abahinga batohoza ivy’uduhimba twitwa molekile bari batanguye gutahura yuko ibigize ibinyabuzima bihanitse gusumba uko bahoze bavyiyumvira. Mu bisanzwe, indemamubiri (protéines) zo mu tugingo ngengabuzima tuzima, abahinga mu vya siyansi bari bamaze igihe kirekire bazi yuko ari two duhimba bita molekile duhanitse gusumba utundi twose. Ariko muri iyo myaka ya 1990, bari batanguye kwubura ukuntu utugwitugwi tw’izo ndemamubiri tuja hamwe tukavamwo umugwi munini w’indemamubiri utunganijwe neza ufise uduhimba dukora duhanahana, nka kurya kw’utwuma tw’imashini ihanitse. Mwene uwo mugwi ushobora kuba ugizwe n’indemamubiri zirenga 50. Mbere n’akagingo ngengabuzima gasanzwe cane usanga gakenera imigwi itandukanye y’indemamubiri, nk’akarorero kugira ngo gahingure inguvu gakeneye, gakoporore amakuru yo muri ko imbere yo kwigaburamwo kubiri, kongere gacungere ivyinjira muri ko be n’ibisohoka.

None waciye ushika ku ciyumviro ikihe?

Naribajije nti: ‘None vyagenze gute ngo iyo migwi y’indemamubiri itunganywe neza ukuraho?’ Ico gihe, hari abahinga batari bake bibaza ico kibazo nyene baravye ingene akagingo ngengabuzima kagizwe n’ibintu bihanitse kuruta uko bavyiyumvira. Umuhinga umwe mu vy’ibinyabuzima wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yarasohoye igitabu cerekana yuko iyo migwi y’indemamubiri yo mu tugingo ngengabuzima ihanitse cane ku buryo idashobora kuba yariyadukije. Nanje ni ko nabibona. Nabona ko hategerezwa kuba hariho uwaremye ibinyabuzima.

Naribajije nti: ‘None vyagenze gute ngo iyo migwi y’indemamubiri itunganywe neza ukuraho?’

Kubera iki wabaye Icabona ca Yehova?

Narakorwa ku mutima cane n’ukuntu Simone yama agira urugendo rw’ibilometero nka 56 buri ndwi aza kunyigisha Bibiliya kandi yari afise ingorane z’amagara. Naramenye ko mu gihe c’intwaro y’Abanazi mu Budagi, Ivyabona vya Yehova bamwebamwe bapfungiwe mu makambi y’itunatuniro bahorwa kutagira aho bahengamiye mu vya politike. Umutima rugabo bagaragaje warankuyeho. Urukundo Ivyabona vya Yehova bakunda Imana rwatumye nipfuza kumera nka bo.

Kwemera Imana, hari ico vyakwunguye?

Abo dukorana bavuga ko mpimba- we gusumba uko nahora. Nahora nikengera kubera ko navukiye mu muryango ukenye, akaba ari co gituma ntigera ncisha mu kanwa aho nakuriye canke ngo mvuge abavyeyi banje. Mugabo Bibiliya yaranyigishije yuko Imana idashima umuntu ifatiye ku kibanza afise mu kibano. Kukaba nkako, Yezu yakuriye mu muryango ushobora kuba wari ukenye nk’umuryango wacu. Ubu nditaho abavyeyi banje kandi birampimbara kubereka abagenzi banje.

Raba n'ibindi