Ja ku birimwo

Kubwira inkuru nziza aba Sinti n’aba Rom bo mu Budagi

Kubwira inkuru nziza aba Sinti n’aba Rom bo mu Budagi

Mu Budagi haba aba Sinti n’aba Rom ibihumbi mirongo. * Ivyabona vya Yehova baherutse gusohora udupapuro tw’inkuru nziza, udutabu n’amavidewo mu rurimi rwabo kavukire rwitwa romani. *

Mw’isekeza ridasanzwe Ivyabona vya Yehova bagize muri Nyakanga na Gitugutu 2016, barihatiye guha ibitabu n’amavidewo vyo muri urwo rurimi aba Sinti n’aba Rom bo mu bisagara bitandukanye vy’Ubudagi, nka Berlin, Bremerhaven, Freiburg, Hamburg na Heidelberg. Mu kiringo c’iryo sekeza, baratunganije ivy’uko ku Ngoro y’Ubwami habera amakoraniro ya bose muri urwo rurimi.

Barakozwe ku mutima bimwe bidasanzwe

Aba Sinti n’aba Rom benshi baratangaye babonye iryo sekeza ry’Ivyabona kandi ryarabanezereje cane. Andre na Esther, abubakanye bagize uruhara muri iryo sekeza, bavuze bati: “Abantu baranezerejwe cane n’akigoro kadasanzwe twagize kugira tubabwire inkuru nziza.” Benshi barakozwe ku mutima no kuba barumvise bakongera bagasoma ubutumwa bwo muri Bibiliya mu rurimi rwabo. Hari umugore akiri muto yaravye ka kavidewo kavuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? ko mu kiromani. Yaguma avuga atangaye ati: “Uri ni ururimi rwanje!” Emwe, ntiyavyumva!

Icabona yitwa Matthias yagize uruhara muri iryo sekeza i Hamburg avuga ati: “Twe n’umugore wanje twari mu mugwi w’Ivyabona umunani bakoreye mu karere kabamwo aba Sinti n’aba Rom nka 400. Umuntu wese twaganiriye yaradusavye igitabu.” Bettina, na we nyene akaba yakoreye i Hamburg, yongerako ati: “Bamwe barakoroye amosozi babonye ko Ivyabona vya Yehova basohoye ibitabu mu kiromani.” Benshi baca batangura kubisomera aho nyene n’ijwi ryumvikana, kandi hari n’abasavye ivyo bashira abagenzi babo.

Aba Sinti n’aba Rom batari bake baremeye ubutumire bwo kuza kw’ikoraniro rya bose. Abantu 94 ni bo bitavye ikoraniro i Hamburg kandi benshi muri bo ntibari bwigere binjira mu Ngoro y’Ubwami. Mu karere ka Reilingen kari hafi y’i Heidelberg, abantu 123 ni bo bitavye ikoraniro. Mu nyuma, abantu batanu bavuga ikiromani barasavye kwigishwa Bibiliya.

Mu kiringo c’iryo sekeza, Ivyabona vya Yehova batanze udutabu n’udupapuro tw’inkuru nziza dushika 3.000. Baraganiriye n’aba Sinti n’aba Rom barenga 360, kandi 19 baratanguye kwiga Bibiliya. Benshi muri bo bavuze bati: “Birahimbaye cane kubona Imana yatwibutse.”

^ ing. 2 Aba Sinti badondorwa ko ari abantu b’inkehwa baba mu burengero bw’Uburaya no mu Buraya bwo hagati, aba Rom na bo bakadondorwa ko ari abantu b’inkehwa baturuka mu buseruko bw’Uburaya no mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Uburaya.

^ ing. 2 Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica Online) cerekana ko indimi bita romani zigizwe “n’indimirimi 60 canke zirenga.” Kugira vyorohe, kino kiganiro gikoresha ijambo “romani” mu kwerekeza ku rurimi rw’aba Sinti n’aba Rom bo mu Budagi.